Umutegetsi wa Arabia Saoudite yaronse ubudahangarwa bwa US kw'iyicwa ry'umumenyeshamakuru

Ahavuye isanamu, Reuters
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zashinze ko, uwo mu vy’ukuri ari we mutegetsi wa Arabia Saoudite-Umuganwa Samuragwa Mohammed bin Salman -afise ubudahangarwa ku rubanza yashingishirijwe n’umu- fiancée w’umunyamakuru yagandaguwe Jamal Khashoggi.
Khashoggi, yari azwi cane nk’umuntu anegura ubutegetsi bwa Arabia Saoudite, yagandaguriwe mu biro vy’ubuserukizi bw’ico gihugu muri Istambul mu kwezi kw’icumi mu 2018.
Iperereza rya Amerika ryavuze ko ryibaza ko Umuganwa Mohammed ari we yategetse ko uwo mumenyeshamakuru yicwa.
Ariko mu nyandiko bwarungitse muri sentare, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Amerika n’amakungu bwavuze ko afise ubudahangarwa bivanye n’amabanga mashasha afise y’umushikiranganji wa mbere.
Uwari umu- fiancée wa Khashoggi, Hatice Cengiz, yanditse kuri Twitter ko “Jamal yongeye gupfa uyu munsi” kubera iyo ngingo.
We- hamwe n’ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa zina muntu Democracy for the Arab World Now (Dawn), ryashinzwe na Khashoggi – bariko bararondera indishi itamenyeshejwe uko ingana muri Amerika kuri uwo muganwa samuragwa kubera urupfu rw’umu- fiancé wiwe.
Ico kirego cagiriza uwo mutegetsi n’abo bafashanya kuba "baranyuruje, baraboha, barakwega, barica urubozo, hanyuma baragandagura Jamal Khashoggi", yari umumenyeshamakuru n’uwurwanira demokrasi yaba muri Amerika.
Umunyamabanga mukuru wa Amnesty International , Agnes Callamard, yavuze ati: “Uyu munsi ni ubudahangarwa. Vyose biganisha ku kudahana.”
Umuganwa Mohammed yagenywe kuba umuganwa samuragwa na se, Umwami Salman bin Abdulaziz Al Saud, mu 2017. Uwo mugabo w’imyaka 37 yaciye ahabwa amabanga y’umushikiranganji wa mbere mu kwezi kw’icenda uyu mwaka.
Arahakana uruhara urwari rwo rwose mw’iyicwa rya Khashoggi.
Abashingwamanza b’ubushikiranganji bw’ubutungane bavuze ko “nk’umukuru wa reta y’ikindi gihugu ari mu mabanga ,”umuganwa samuragwa afise ubudahangarwa bw’umukuru w’igihugu hisunzwe amategeko ya sentare za Amerika nk’ingaruka z’ayo mabanga.”
Ariko reta ya prezida Biden yashatse gusigura ko iyo ngingo itavuze ko ari ukwemeza ko ata caha cakozwe.

Ahavuye isanamu, Reuters
Arabia Saoudite yavuze ko uwo yahoze ari umumenyeshamakuru wa Washington Post yari yishswe mu “gikorwa kitazwi n’abategetsi” n’umugwi w’abakozi bari barungitswe kumwumvisha ko yotaha mu gihugu.
Ariko, abategetsi ba Amerika bavuga ko iperereza rya CIA ryanzuye, “ku rugero ruri hagati no hejuru rw’uko ari vyo”, ko MBS – nk’uko uwo muganwa azwi – yari abifisemwo uruhara.
Iryo gandagurwa ryarababaje amakungu hanyuma ryonona rinacafuza ishusho ry’umuganwa Mohammed n’iy’igihugu ciwe.
Ryatumye kandi imigenderanire ya Amerika na Arabia Saoudite isubira hasi, aho prezida Biden yarahiye ko “azoharira ivomo” ico gihugu igihe yariko ariyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu mu 2019.
Biden yaranse kuvugana na Mohammed bin Salman akiba umukuru w’igihugu.
Ariko muri iri ici, prezida Biden yavuze ko ashaka “gusubiramwo intumbero” y’imigenderanire, imbere y’urugendo yagize muri Arabia Saoudite mu kwezi kw’indwi.
Urwo rugendo, aho yafotowe ariko aramukanya n’uwo muganwa bakozanyako ibipfunsi – rwaraneguwe ko ari nk’urwo gushigikira reta ya Arabia Saoudite inyuma y’igandagurwa rya Khashoggi.
Sarah Leah Whitson, umuyobozi nshingwabikorwa wa Dawn, yanditse kuri Twitter ati “birenze agashinyaguro kuba prezida Biden we wenyene yatumye MBS akwepa kubazwa ivyo yakoze mu gihe ari prezida Biden ubwiwe yari yemereye abanyamerika ko azokora ibishoboka vyose kugira yishure ivyo yakoze.
Ingingo yo ku wa kane yahaye uwo mutegetsi wo mu Arabia Saoudite “uruhusha rwo kwica”, ku bw’umuhungu w’umunya-Arabia Saoudite yahoze ari mu bajejwe umutekano ubu akaba ari mu buhungiro Saad al-Jabri, yagirije umushikiranganji wa mbere gutota umuryango wiwe no kurungika muri Canada abantu bo kuja kumwica.
Nihad Awad, umoyobozi ku rwego rw’igihugu muri Council on American-Islamic Relations [Inama ku migenderanire ya Amerika na Islam], yavuze ati ubutegetsi bwa Biden bwagujije amaraso ya Jamal Khashoggi n’ibitoro vya Arabia Saoudite”.










