Protais Zigiranyirazo yagirijwe jenoside umuryango wiwe wankiwe n'igisagara ca Orléans kuhashingurwa

Protais Zigiranyirazo (imbere hagati), yambaye ikaruvari, ishati yirabura n'ikoti ishaka gusa n'umuhongo. Inyuma yiwe hahagaze abapolisi ba Onu babiri bambaye ishati zisa n'ubururu, bambaye n'ibibaranga ku mifuko y'amashati. Ku ruhande rw'i buryo, hahagaze uwumuburanira yambaye ikanzu yirabura

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Protais Zigiranyirazo (imbere hagati), aha yaganira n'umwunganizi wiwe muri sentare i Arusha mu 2008

Protais Zigiranyirazo - yapfiriye muri Niger ku wa 3 Myandagaro - ikiziga ciwe cari cashikanywe mu Bufaransa ku musi wa kabiri itariki 19 Myandagaro(8), ishingurwa ryiwe rikaba ryari ritegekanijwe kuri uyu wa kane itariki 28 Myandagaro.

None buca uwo muhango uba, umukuru w'igisagara ca Orléans yafashe ingingo yo kubuza ko ashingurwa muri ico gisagara.

Mw'itangazo, Serge Grouard, avuga ko iyo ngingo yafashwe kubera "uruhusha rwari rwatanzwe imbere yo kumenya kahise k'uwo yapfuye."

Protais Zigiranyirazo batazira 'Monsieur Z', yari umwe mu banya-Rwanda bigeze kuja imbere ya sentare mpanavyaha mpuzamakungu yari yashiriweho Urwanda yakorera Arusha (TPIR) ngo ikurikirane imanza z'abagirizwa uruhara muri jenoside yakorewe mu Rwanda mu 1994, mu nyuma akagirwa umwere.

Itangazo ry'umukuru w'igisagara ca Orléans rivuga kandi ko "izina ryiwe ryavuzwe mu rupfu rwa Dian Fossey yakora ubushakshatsi ku nguge mu 1985."

Ibindi vyatumye igisagara ca Orléans gifata iyi ngingo ngo n'uko ku ruhande rumwe, ku maziko yiwe hari hitezwe abantu barenga 400, ivyo ngo bikaba vyashobora gutera umudurumbanyo.

Ku rundi ruhande na ho, ngo batinya ko imva yiwe yohindutse ikibanza co guhuriramwo canke co gushimagiza abakoze jenoside n'ababafashije.

N'aho yari yarejejwe n'ubutungane kubera kudakurikiza amategeko mu kumuburanisha, urunani rw'amashirahamwe ruharanira ko abakoze jenoside yakorewe mu Rwanda bahanwa, Collectif des Parties Civiles pour le Rwanda (CPCR), ruvuga ko na rwo rumufata nk'uwakoze jenoside.

Avugira kuri radio ICI Orléans, Alain Gautier arongoye urwo runani agira ati: "Kuri twebwe, aguma ari umuntu akomeye yagize uruhara ruhambaye muri jenoside yakorewe mu Rwanda.

"Nk'abandi bagize uruhara rukomeye muri jenoside, yarahunze imbere y'uko afatwa akarungikwa muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda, TPIR, aho yaciriwe gupfungwa imyaka 20 na sentare.

"Mu nyuma muri sentare y'iyungururizo, harabaye ukudakurikiza amategeko, ariko ntibisigura ko ari umwere."

Serges Grouard arongoye igisagara ca Orléans, yambaye ikoti yirabura n'ishati yera. Yambaye kandi n'amarori

Ahavuye isanamu, Orléans Mairie

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igisagara ca Orléans, Serge Grouard avuga ko hari hatanzwe uruhusha rwo gushingura Protais Zigiranyirazo muri ico gisagara bataramenya kahise kiwe

Umuryango wiwe uvuga iki?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umuryango wiwe uvuga ko wamaze kwitura ubutungane kuri iki kibazo, ko rero ata co bashimye gushikiriza ubu.

Ariko umwe muri uwo muryango atashimye ko izina ryiwe rimenyekana avuga ko bitangaje kubona igisagara ca Orléans gifata ingingo nk'iyi mu gihe igihugu c'Ubufaransa cemeye ko ikiziga ca Protais Zigiranyirazo cinjira muri ico gihugu.

Ikindi avuga ko adatahura ubu, n'ingene mu kwezi kwa Ruheshi(6) 2024, icegera c'uwuserukira Urwanda muri ONU, Robert Kayinamura, yatangaje ko "iki gihugu [Urwanda] citeguye kwakira abanyarwanda batandatu bahawe indaro vy'agateganyo muri Niger babuze ikindi gihugu kibakira," ariko ubu apfuye bagasa n'abashaka kuvuga ko yakoze jenoside.

Protais Zigiranyirazo, yari asanzwe aba Niamey muri Niger kuva muri 2021, aho yari yarajanywe n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk'umwe mu bambitswe izera n'abarangije ibihano.

Abandi ni Col Nteziryayo Alphonse, Capt Sagahutu Innocent, Mugiraneza Prosper, Maj Nzuwonemeye François-Xavier, Lt Col Nsengiyumva Anatole na Lt Col Muvunyi Tharcisse.

Protais Zigiranyiranyirazo abaye uwa gatatu apfuye muri abo bagabo bakiwe indaro na ONU mu gihugu ca Niger.

Bitandukanye no kuri Zigiranyirazo, abo ba mbere, umwe yashinguwe mu Bwongereza, uwundi mu Bufaransa.

Bose bari barasavye ko baja kuba muri ivyo bihugu bagihema ariko baravyankirwa.