Amasanamu ya Afrika: Ico ubona uri mu kirere kuri uwo mugabane

Ahavuye isanamu, EDWARD BURTYNSKY
Mu myaka 40, Edward Burtynsky yagiye arafata amafoto ku ngaruka y’amahinguriro kw’isi. Mu cegeranyo ciwe c’amafoto, African Studies, yarazungurutse Afrika afata amafoto ari mu kirere. Yaraganiriye na Mary Harper wa BBC.
Ubushinwa ni bwo bwatumyye nibanda ku mugabane wa Afrika.
Haraheze imyaka 20, narafashe amafoto y’amahinguriro yariko ariyongera cane mu Bushinwa.
Ibisa neza na neza n’ayo mahinguriro ubu biriko biragaragara kuri uwo mugabane wose kandi uko gusa n’ivyo nabonye haraciye imyaka irenga mirongo ibiri kuratangaje cane.
Mu gihe Ubushinwa bwiteguriye ko ubutunzi bwabwo bushimikira ku gutanga ubuzi, butwara amahinguriro yabwo mu bindi bihugu na Afrika y’Epfo, bukagira imigambi minini y’inyubakwa hanyuma bugatwara ubutunzi bw’uwo mugabane kwongereza ubutunzi bwabwo.

Ahavuye isanamu, EDWARD BURTYNSKY
Menshi muri ayo mafoto yafatiwe mu kirere, mu ndege zisanzwe, za kajugujugu n’indege zitagira abadereva.
Yerekana uko abantu bagize isi, amashusho adasanzwe adashoka aboneka uri ku butaka.
Menshi muri ayo mafoto yafatiwe mu kirere, mu ndege zisanzwe, za kajugujugu n’indege zitagira abadereva.
Yerekana uko abantu bagize isi, amashusho adashoka aboneka uri ku butaka.

Ahavuye isanamu, EDWARD BURTYNSKY
Co kimwe n’amakompanyi yimba ubutare, amashusho y'uburimyi nayo nyene ntagaragara neza igihe uri mu kirere.
Ndibaza nimba abamura icayi n’abarimyi b’amashurwe y’amaroza (roses) bazi uko imirima bakoramwo igaragara bidasanzwe.

Ahavuye isanamu, EDWARD BURTYNSKY
Abakora ku butaka, bwaba bumera canke ari ubugaragwa, babukuramwo ivyiza kandi ntibabwonona.
Muri Afrika y’Epfo, abarimyi baragerageza guhagarika ubugaragwa mu kwimba ibinogo binini bitegamwo amazi igihe imvura iguye, bigatuma ibiterwa n’ibiti bimera mu bugaragwa

Ahavuye isanamu, EDWARD BURTYNSKY
Ubutaka bwo muri Afrika bwuzuyemwo ubutare bwinshi, bumwe bwimbwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none, ubundi hakoreshejwe uburyo bumaze imyaka ibinjana bukoreshwa.
Muri Ethiopia, ni nk’uko bakiri mu bihe vya kera aho bimba umunyu hakoreshejwe amapiki mu bushuhe bushika kuri 50 °C.
Buri musi, umunyu barawupakira ku ngamiya, zifatwa nk’amato yo mu bugaragwa.
I Danakil, vyabaye ngombwa ko duhagarika gukoresha ivyuma vyacu vya GPS. Kubera ico gisagara kiri nko ku metero 125 uvuye ku kiyaga, ivyo bikoresho vyaranse gukora, bikamera nk’ibiriko birakorera musi y’ibahari.

Ahavuye isanamu, EDWARD BURTYNSKY
Kimwe mu bihe bikomeye vy’urugendo rwanje cabaye kugendera ibitanga birimwo umunyu muri Senegal, igihugu ca mbere gifise umunyu mwinshi mu karere ka Afrika y’uburengero.
Abawimba bakoresha amaboko ahantu atari harehare cane haca hasubira kwuzura amazi arimwo umunyu avuye mu miringoti yo mu micungararo.
Amazi amaze gutuma, ubutare, ibica ibikeke hamwe n'urubobi bitandukanye bifatanya n'ivyijiji vy'ijuru bigacika akaroruhore. Wisanga udashaka kubikurako ijisho.

Ahavuye isanamu, EDWARD BURTYNSKY
Ikiva muri iyo nyungu y’umurengera y’amashirahamwe, ubukene, ubuhinga hamwe n’ubusuma budasanzwe vyo ku kiyaga ca Niger, ni uko ako karere kari mu twononywe cane n’ibikorwa vy’abantu.
Kuba nariboneye ivyabaye muri ako karere vyatumye ntahura neza urugero dushobora kwonona iyi si yacu twebwe nk’abantu bayibako.

Ahavuye isanamu, EDWARD BURTYNSKY
Ubudasa budasanzwe hagati y’amahinguriro yo mu Bushinwa no muri Afrika ni uko muri Afrika, benshi mu bakozi bava mu bisagara no mu bigwati biyegereye, mu gihe abarongoye ibikorwa usanga ari abashinwa.
Mu guhangana n’ikibazo c’abashaka kwimukira mu bisagara, Ubushinwa bwaciye buja mu gikorwa c’ubwubatsi butitayeho isi ndimwa.

Ahavuye isanamu, EDWARD BURTYNSKY
Imisozi ya Tsaus na Sperrgebiet muri Namibia, iri mu yiri kw’isi myiza cane nafashe amafoto.
Uko iteye n’uko isa mu bwiza, birerekana ico ari co iciyumviro c’ibidukikije no kwinjira mu bintu bisa n’ibitabaho.
Homo Sapiens yatanguye kwimukira hanze ya Afrika haraciye imyaka nka 200.000. Mu kinjana ca 21, turiko turasubira mu bibanza vyagizweko ingaruka n’amahinguriro y’abantu.
Amafoto yose ategerezwa gukoreshwa bisabiwe uruhusha










