Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imisambi yarahonye mu Burundi- Umushakashatsi
Si mu Burundi gusa imisambi igeramiwe no guhona. Kw’isi yose bigereranywa ko hasigaye iyitarenga ibihumbi 20.
Muri Uganda aho umusambi ari ikimenyetso c’igihugu usanga kw’ibendera ry’igihugu, naho hari impungenge ko imisambi iriko iragabanuka cane. Ariko ho hari imigambi yo kuyikingira. No mu Rwanda niko bimeze.
Mu Burundi ho abadukurikira kuri Facebook benshi bavuze ko ata musambi barigera babona canke ngo bumve uvuga.
Abayizi kera nabo aho yahora ubu ntayo bakihabona. Ariko umwigisha akaba n’umushakashatsi mu binyabuzima, Laurent Ntahuga, avuga ko 2004 mu Burundi haharurwa imisambi irenga ijana.
Mu myaka cumi ikurikira - mu 2015 igihe yakora icigwa co kuraba iyisigaye mu Burundi -uwo mwigisha yasanze mu gihugu cose hari hasigaye ine gusa, adashizemwo iyiri mu mahoteri canke mu ngo z’abantu, nayo mike cane.
Umva aho hejuru insiguro za Laurent Ntahuga z’igituma imisambi yahonye mu Burundi n’icokorwa ngo isubire kugwira.