Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nyamugigima muri Turkiya: Urugamba rw'umugore yashize ahabona amanyanga mu nyubako
Mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uheze, Turkiya yashikiwe na nyamugigima ikomeye yahitanye abantu barenga 50.000.
Harugurujwe imanza nyinshi zijanye n’inyubako zubakanywe amakosa hamwe no kuzihindura bidakurikije amategeko, mu karere kose kakozweko n’iyo nyamugigima mu gihe kwubaka mu buryo budashemeye ari vyo bivugwa ko vyateje impfu z’abantu bangana uko.
Nurgül Göksu, umugore yahaburiye umuhungu wiwe, umukazana hamwe n'umwuzukuru w'uruyoya rw’umukobwa, yarakoze amatohoza ubwiwe, ahinduka umuhinga mu nteguro z’inyubako hamwe n’amategeko azigenga mu gihe yari asanzwe ari umugore wo munzu.
Ubu biramaze kugaragara ko ubuzima bw’abantu benshi bwari kurokoka, harimwo n’abo mu muryango wa Nurgül.