'Nta mumenyeshamakuru n'umwe azosubira gupfungwa azira ikosa ry'umwuga mu Burundi'

Microphone

Ahavuye isanamu, Getty Images

Inama nshikiranganji y'Uburundi yemeje itegeko rikuraho zimwe mu nzitizi zibuza abamenyeshamakuru gukora umwuga wabo neza harimwo n'igifungo.

Mw'itangazo ivuga ko kuva hagiyeho ibwirizwa ryo muri Nyakanga (9) mu 2018, rigenga kumenyesha amakuru, abakorera muri ico gisata bose bahuriza ku ciyumviro c'uko ingingo zimwe zimwe z'iryo bwirizwa zosubirwamwo.

Bavuga ko vyofasha mu gukomeza "demokarasi n'ukwishira n'ukwizana kw'abenegihugu mu gushikiriza ivyiyumviro vyabo, be no kujana n'ibihe mu bijanye n'iterambere ry'ubuhinga bwo guhanahana amakuru."

Muri bishasha iyo nteguro izanye harimwo:

  • Kujana n'ibihe mw'iterambere ry'ibimenyeshamakuru
  • Kwagura uburenganzira bw'umumenyeshamakuru n'ibimenyeshamakuru n'ivyo basabwa
  • Gutomora neza ikibanza ca Sinema no kumenyekanisha
  • Gukuraho igihano co gupfungwa ku mumenyeshamakuru yakoze amakosa y'umwuga, kigasubirizwa no kuriha ihadabu.

Hako umumenyeshamakuru afungwa, inama nshikiranganji ivuga ko "ihadabu ku makosa yakozwe n'umumenyeshamakuru mu mwuga yoba hagati y'ibihumbi amajana atanu n'umuriyoni n'ibihumbi amajana atanu y'amafaranga y'amarundi."

Gushika ubu, umumenyeshamakuru umwe rukumbi, Floriane Irangabiye ni we ari mw'ibohero mu Burundi.

Mu 2019, abamenyeshamakuru ba Iwacu, Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana na Terence Mpozenzi barafatiwe muri komine Musigati mu buraruko bw'Uburundi, ahariko harabera intambara hagati y'abantu bitwaje ibigwanisho n'igisirikare.

Bamaze imisi 430 mw'ibohero imbere yo kugirirwa ikigongwe n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye mu kwezi kwa Kigarama (12) mu 2020.