Ibihugu vya Afrika biriko birasiganwa mu kurungika ibigendajuru mu kirere

Ikigendajuru ca mbere ca Senegal cahagurutse muri Myandagaro ku kigo ca SpaceX kirekura ibigendajuru

Ahavuye isanamu, SpaceX

Insiguro y'isanamu, Ikigendajuru ca mbere ca Senegal cahagurutse muri Myandagaro ku kigo ca SpaceX kirekura ibigendajuru
    • Umwanditsi, Chris Baraniuk
    • Igikorwa, Umunyamakuru mu vyo ubuhinga

Kimwe inyuma y'ikindi, ibigendajuru - kimwe kimwe cose gitekeye ivyuma vyinshi vyo gukwega imishwarara y'izuba be n'ibindi vy'ubwoko bwinshi - biherutse kuguruka.

ku wa 16 Myandagaro (8), niho vyarekurwa bikiha ikirere, isaha imwe imbere y'aho vyari kugurukira. Ibi bigendajuru 116 vyari kuri rokete ibirekura hafi vyose vyahinguwe kandi bitunganirizwa ibihugu vy'Uburengero - ariko kimwe muri vyo cari gitandukanye na vyo.

Ni co kigendajuru ca mbere cahinguwe n'igihugu ca Afrika, Sénégal.

Iki kigendajuru gitoya CubeSat cataziriwe GaindeSAT-1A, kizokora ibikorwa vyo kwihweza isi n'ivy'itumatumanako. Umukuru w'igihugu ca Sénégal avuga ko iyi ari intambwe ikomeye iganisha ku "bwigenge mu bijanye n'ubuhinga".

Igiciro co kurungika ikigendajuru mu kirere caragabanutse cane muri ino myaka ya vuba, nk'uko bivugwa na Kwaku Sumah, yatanguje akaba ari na we arongoye Spacehubs Africa, ikigo c'abahinga mu bijanye n'ikirere.

Ati: “Iri gabanuka ry'igiciro ryaruguruye inzira. Ibi bihugu bito bito...navyo ubu birafise akaryo ko kugira ico biterereye".

Kwaku Sumah avuga ko igabanuka ry'ikiguzi co kurungika ibigendajuru mu kirere ari akaryo keza kuri Afrika

Ahavuye isanamu, Kwaku Sumah

Insiguro y'isanamu, Kwaku Sumah avuga ko igabanuka ry'ikiguzi co kurungika ibigendajuru mu kirere ari akaryo keza kuri Afrika

Gushika ubu, ibihugu 17 vya Afrika ni vyo bimaze kurungika ibigendajuru birenga 60 mu kirere, aho hampande ya Sénégal, Djibouti na Zimbabwe na vyo nyene vyarungitse ibigendajuru mu kirere mu mezi 12 aheze. Ibindi bihugu bitari bike vyiteze kurungika ivyavyo mu myaka iri imbere.

Hagati aho, umugabane wa Afrika ubu nta bigo vyawo ufise birungika ibigendajuru.

Vyongeye, ibihugu rutura kw'isi nta nkeka ko vyifashisha ino migambi ya Afrika ikiri hasi cane yo kurungika ibigendajuru mu kirere mu kwubaka imigenderanire no kwiganza.

None ibindi bihugu vya Afrika birashobora kwicira inzira yavyo ibishikana mu kirere?

Sumah ati: “Ni nkenerwa ko ibihugu vya Afrika bigira ibigendajuru vyavyo". Avuga ko ibi bisigura kugira uburenganzira bwose kuri ubu buhinga no kuronka mu buryo bworoshe amakuru atangwa n'ibigendajuru.

Abona kandi ko ano makuru ashobora gufasha Abanyafrika gukurikirana ibijanye n'ivyimburwa, kubona hakiri kare ingorane ziterwa n'ubushuhe nk'imyuzure, canke gukomeza ibijanye n'itumatumanako mu turere twa kure.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Jessie Ndaba, umwe mu bashinze akaba n’umuyobozi wa Astrofica Technologies, ikigo c'abahinga mu vy'ikirere co muri Afrika y'Epfo gihingura ibigendajuru, avuga ko ivyo kuja mu kirere bikiri "abantu bake cane bafise amahirwe" muri Afrika. Avuga kandi ko muri rusangi ibikorwa vy'ikigo ciwe bikiri "ku rugero ruto cane".

Ndaba abona ko ari ngombwa ko ubuhinga bwo gukurikirana ikirere ari nkenerwa mu kugenzura ibijanye n'imfungurwa n'umutungo kubera akaga ihindagurika ry'ikirere ritera ku mugabane wa Afrika.

Ariko, ugusiganwa mu kurondera gushika ku kwezi canke ku mubumbe wa Mars ntaco vyofasha, akavuga ati: “Ni ngombwa ko twihweza ingorane ziduhanze muri Afrika hanyuma tukarondera ingene tuzitorera umuti".

Ku bwa Sarah Kimani wo mu gisata ca Kenya kijejwe gukurikirana ibijanye n'ihindagurika ry'ikirere, ibigendajuru vyarabonetse ko bifise uruhara ntangere mu kumufasha we na bagenziwe gushobora kubona ikirere kimeze nabi.

Yibuka ko yakoresheje amakuru y'ikirere yari yatanzwe na Eumetsat, ikigo c'ibigendajuru c'i Bulaya, mu gukurikirana igihuhusi gikomeye c'umukungugu co mu kwa gatatu. Ati: "Twarashoboye kumenya inzira y'iki gihuhusi c'umukungugu".

Mu mpera z'uno mwaka, we na bagenziwe bazotangura kwakira amakuru ava ku kigendajuru kigezweho ca Eumetsat, bimwe mu bikorwa vyaco harimwo uburyo bwo gukurikirana ibijanye n'imiriro y'ivyaduka n'inkuba.

“Bizodufasha gutsimbataza ubuhinga bwo kuburira ibara ritaragwa", niko avuga, akongerako y'uko gukorana na Eumetsat ari “ngirakamaro cane".

Ihindagukira ry'ikirere riteza ibibazo bishobora kwiyadukiza bukwi na bukwi - kuva ku bihuhusi gushika ku bushuhe burenze urugero. "Uburemere bw'ibi bibazo ...buriko burahinduka", nk'uko bivugwa na Kimani, aho avuga ko amakuru ava ku bigendajuru ashobora kugenda ashirwa ku gihe buri minota itanu canke iri musi yayo, ashobora gufasha abajejwe ibirere mu gukurikirana ibi bibazo.

Avuga ko muri kazoza Kenya - nayo iherutse kurungika ikigendajuru cayo co gukurikirana ikirere mu mwaka uheze - ishobora kuzoharonkera akoyoko, nk'uko bishobora kuba ku bindi bihugu vya Afrika muri rusangi. “Afrika yonyene ni yo izi ivyo ikeneye", niko Kimani avuga.

Kimani avuga ko Kenya ishobora kuzogira akarusho mu kurungika ibigendajuru vyayo

Ahavuye isanamu, Sarah Kimani

Insiguro y'isanamu, Kimani avuga ko Kenya ishobora kuzogira akarusho mu kurungika ibigendajuru vyayo

Muri iki gihe, ibihugu vyinshi vya Afrika bifise imigambi ikiri ku ntango yo gukurikirana ibirere igendera ku buhinga bwo hanze n'abahinga mvamakungu, nk'uko bivugwa na Temidayo Oniosun, umukuru w'ikigo c'abahinga mu vy'ikirere Space in Africa gikora ubushakashatsi.

Ibihugu bimwe bimwe vyararungitse abanyeshure n'abahinga hanze kwiga ibijanye n'ikirere. Ariko, nk'uko bivugwa na Oniosun, “ingorane ni uko, iyo aba bantu bagarutse, ata malaboratware canke aho bashobora gukoreshereza ubu buhinga bwabo bihari".

Iki kigendajuru gishasha ca Sénégal cahinguwe n'abahinga ba Sénégal. Ata gutesha agaciro ino ntambwe yabo ikomeye, ni nkenerwa kumenya ko ihingurwa ry'iki kigendajuru ryashobotse mu gukorana na kaminuza imwe yo mu Bufaransa, kandi kikaba carungitswe na rokete Falcon 9 yo ku kigo SpaceX ca California muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ku wa gatanu, niho Ethiopia yarungika mu kirere ikigendajuru cayo ca mbere, ETRSS-1, ikaba yizeye ko kizoyifasha mu bijanye n'uburimyi no guhangana n'uruzuba.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatanu, niho Ethiopia yarungika mu kirere ikigendajuru cayo ca mbere, ETRSS-1, ikaba yizeye ko kizoyifasha mu bijanye n'uburimyi no guhangana n'uruzuba.

Ibihugu vya Bulaya, Ubushinwa na Amerika, vyose biragira uruhara mu migambi itari mike ya Afrika yo kurungika ibigendajuru mu kirere.

Oniosun avuga ata nkeka ko ibi vyatumye ubuhinga bwa Afrika bwo kuja mu kirere bukomera, ariko ko ino migambi yabaye "igikoresho gikomeye mu bijanye n'imigenderanire". Yemeza ko ibi vyatumye agira "amakenga bukebuke".

Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko imigambi ya Afrika yo kuja mu kirere atari iyo gusa gushikana ibihugu vya Afrika mu kirere - ahubwo ko, ku rugero kanaka, ari n'urubuga ibihugu bimwe bimwe rutura bikiranirako.

Sumah abibona neza. Ati: “Turashobora...guhiganisha ibi bihugu rutura bitandukanye maze tukaharonkera amasezerano aduha akarusho".

Julie Klinger wo kuri kaminuza ya Delaware, avuga ko abategetsi muri Amerika ndetse n'Ubushinwa bafata nka nkama ingaruka "zikomeye" zo kwishora mu migambi ya Afrika yo kuja mu kirere.

Ati: “Ibi bituma biba ngombwa cane ko imigambi n'amasezerano mpuzamakungu ajanye no kubungabunga ikirere vyama bishirwa ku gihe".

Ariko kandi harimwo n'akarusho. Dr Klinger avuga ko irungikwa ry'ibigendajuru mu kirere ryokorerwa mu turere twegereye umurongo ngabura si - ibi bikaba bitosaba ibitoro vyinshi - rishobora gusigura ko ibigo vya Afrika bifise uruhara ntangere mu myaka mirongo iri imbere.

Nk'akarorero, ikigo ca kera Luigi Broglio Space Center cubatswe n'Ubutaliyano, kirimwo n'ikibuga cubatswe hanze y'inkengera y'ibahari muri Kenya, gishobora gusanurwa ku musi umwe. Giheruka kurungika ibigendajuru mu myaka ya 1980.

Impera n'imperuka, turashobora kwitega ibikorwa vyinshi vyo mu kirere bizokorwa n'ibihugu vya Afrika. Oniosun agira ati: "Dufise ibigendajuru vyababa 80 biriko birahingurwa. Nibaza ko kazoza k'iki gisata ari keza cane".