'Umukuru wa Twitter Elon Musk 'ntari hejuru y’amategeko'' - Umugenzuzi wa US

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kimwe mu bigo vy’ubugenzuzi vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika kivuga ko kiriko kirakurikiranira hagufi ingene ibintu biriko biragenda muri Twitter "n’impungenge nyinshi".
Ni inyuma y’aho hari abakozi bo ku rwego rwo hejuru mu bajejwe amabanga hamwe no kwubahiriza amategeko bavugwa ko batanze imihoho.
Umurwi w’igihugu ujejwe ubucuruzi (Federal Trade Commission,FTC) uvuga ko umukuru w'urwo rubuga mushasha Elon Musk atari "hejuru y’amategeko ".
Mu yandi makuru, Musk avugwa ko yoba yarabwiye abakozi ko n’ivyo kwugara bishoboka.
Iyi kompanyi iri mu mayira abiri kuva aho Musk atanguriye kwirukana ibihumbi n’ibihumbi vy’abakozi mu ndwi iheze.
Ubushobozi bwo kugura 'status' ku bakoresha uru rubuga mu gihe ari uwiyandikishije gushasha bwongereje impungenge ko Twitter ishobora kwuzura ama konte y’ibinyoma.
Ejo ku wa kane, Yoel Roth, yari arongoye igisata ca Twitter kijejwe umutekano yashize umwidondoro mushasha kuri runo rubuga hwaniro amenyesha ko atakiri muri ico kibanza.
Amakuru avuga ko umukuru w’igisata kijejwe amakuru y’ibanga Damien Kieran be n’umukuru w’igisata kijejwe ivyo kwubahiriza amategeko Marianne Fogarty batanze imihoho.
N’uwujejwe umutekano muri iyo kompanyi Lea Kissner na we nyene yaratanze imihoho.
Kubona aba bantu baragiye bishobora kwongereza ivyago vya Twitter vyo guhonyanga amabwirizwa y’ubugenzuzi.
Mu kwezi kwa gatanu, iyi kompanyi yaraciwe ihadabu ry’imiriyoni 150 kubera kugurisha amakuru y’abayikoresha, bikaba vyabaye ngombwa ko yemera ko hashingwa ayandi mabwirizwa mashasha ajanye no gucungera amakuru y’ibanga.
Douglas Farrar, umukuru w’igisata kijejwe imigenderanire muri FTC, avuga ati: "Turiko turakurikirana ibiherutse kuba kuri Twitter n’impungenge nyinshi”.
"Nta muyobozi canke ikompanyi iri hejuru y’amategeko, kandi amakompanyi ategerezwa gukurikiza ivyo twemeranije”.
Farrer avuga ko FTC ifise “ibikoresho bishasha biyiha ubushobozi bwo kugenzura ko kompanyi iriko ikurikiza ivyo yiyemeje kandi turiteguye kubikoresha”.
Twitter yarishe ihadabu mu kwezi kwa gatanu inyuma yo kwagirizwa ko yari yagurishije mu buryo buteye kubiri n’amategeko amakuru y’ibanga y’abayikoresha kugira biyifashe kugurisha amatanganzo yo kwamamaza.
Iruhande y’iri hadabu, yategerejwe kwemera amabwirizwa mashasha, kandi ikemera gushiraho umugambi ukomeye wo gucungera amabanga n’umutekano vy’abayikoresha – bigenzurwa n’aba bategetsi bavugwa ko batanze imihoho.
Kuva afashe mu minwe Twitter, Musk yarirukanye uwahoze ari umuyobozi nshingwabikorwa Parag Agrawal hamwe n’abandi bategetsi bo hejuru, mbere n’abajejwe ibikorwa vyo kwamamaza n’amasoko na bo nyene baragiye.
Ibi vyose biza kwongereza amakenga kuba Twitter idafise abantu bakwiye bashobora gucungera nimba ibandanya igendera ku mategeko ngenderwako.
Impungenge z’amafaranga
Vyongeye, amwe mu makompanyi makuru makuru yamamaza yaratewe ubwoba n'inzira Musk ariko atwaramwo iyi kompanyi y’urubuga hwaniro.
Twitter yinjiza amafaranga yayo hafi yose biciye mu kwamamaza, ariko amakompanyi amwe amwe yabaye arabangira kurekura amahera yayo, mu gihe acihweza impinduka Musk ariko arazana.
Amakompanyi amwe amwe avugwa ko afise amakenga ko Musk azodegura mu mategeko yo kugenzura ibica ku rubuga rwiwe mbere anahindure ingingo zo kwugara imbuga z’abantu bamwe bamwe bateje ibibazo, harimwo na Donald Trump yahoze arongoye Amerika.
Bivugwa ko Musk yoba yarabwiye abakozi bari mu nama ko atabona neza kazoza k’ingene ubutunzi bwiyongera muri iyo kompanyi, kandi ko atawoshira kure guhomba burundu.
Twitter yarasabwe kugira ico ishikirije.
Urubuga ngurukanabumenyi The Verge ari na rwo rwasohoye ijambo ryose Musk yashikirije abakozi, ruvuga ko Twitter itagifise igisata c’ukumenyesha amakuru.










