Twitter yirukanye abakozi hafi bose muri Ghana, ibiro vyayo rudende muri Afrika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Na Nkechi Ogbonna
Afrika y'uburengero
Twitter yirukanye abakozi bayo hafi bose muri Ghana, ibiro rudende (rukumbi ifise muri Afrika) ata n’umwaka wari bwahere itanguye kuhakorera.
Umuyobozi ajejwe igisata c’abakozi, Fidelma Callaghan, mw’ikete ryo kuri email yagize ati: “Kompanyi (ya Twitter) iriko irasubiramwo ibikorwa vyayo bitumwe n’ukp hakenewe ko hagabanwa amafaranga ikoresha”.
BBC yamenye ko abakozi barungikiwe ikete umwe umwe kuri email yiwe bwite ribamenyeshaa ko akazi kabo kaheze, mu gihe batari bakirekuriwe kwugurura email zabo z’akazi.
Iryo kete ribamenyesha ko akazi gaheze rivuga ko “umunsi wa nyuma w’akazi azoba ari itariki 4 ukwezi kwa Kigarama (kwa 12) 2022”.
Iryo kete rigabisha abakozi “kutavugana n’akakiriya, abategetsi, amabanki, ababashorera ivyankenerwa canke abandi bakozi ba kompanyi, kandi bakaba basabwa kumenyesha kompanyi hagize uwubarondera”.
Katrina* (si ryo zina ryiwe) umwe mu bakozi bakozweko n’iyo ngingo yabwiye BBC ati: “Ni akagaye karengeje. Vyose. Kuva kuri iyo email gushika ku kutamenyeshwa ibikurikira n’imvugo yakoreshejwe muri iryo kete. Muri make ni vyose. N’agasuzuguro gateye isoni”.
Elon Musk, kuva aho aguriye Twitter, aguma akura abakozi irya n’ino kw’isi.
Iryo kete rigabisha kandi abakozi ko ata kandi kazi canke ikindi cose botangura gukora gushika ku munsi wabo wa nyuma w’akazi muri Twitter , hagati aho rikabifuriza kuroranirwa mu vyo bazokora muri kazoza.
Ikete ribabwira riti: “….mutegerezwa kumenyesha kompanyi aho muzoba muri hose n’ingene twobatora [bikenewe] buri munsi wose w’akazi kugira mwame hafi muri iki gihe c’imfatakibanza”.
Katrina* arababazwa n’ingene ibintu vyahindukiye, ati “bivuze ko tutovugana n’abo twahora dukorana. Nibaza ko ari ukugira ntituje hamwe [mu kugira ivyo dusaba].”
Ico amategeko ya Ghana avuga
Amategeko agenga akazi muri Ghana yo mu 2003 ku gace ka 65 ategeka abakoresha kumenyesha abakozi, amasendika hamwe n’umugenduzi mukuru w’akazi umugambi wo gufuta akazi n’imvo zavyo nibura amezi atatu imbere y’itariki yo gufuta ako kazi.
Ategeka kandi gutanga amafaranga yo gusezera umukozi, amafaranga ategerezwa kwumvikanwako hagati y’ikompanyi, umukozi na sendika.
Mu mwaka uheze, Twitter yatangaje ko yuguruye ibiro vyayo muri Afrika bica bishingwa muri Ghana aho benshi babonye ko ari inzira yo gukomeza ibikorwa vy’ama kompanyi bene ayo muri Afrika.
Ariko ufatiye ku bihejeje kuba, kazoza ntigatomoye.
Ariko Katrina* agumana icizere. “Ndashoboye. Iryo soko rirankeneye, rizonsubiza ku kazi”.










