Niger: 'Nta ntambara iriyo, none tuje gutera ahatagira ingwano?' - Prezida Ndayishimiye ku musi wahariwe Imbonerakure

Prezida Ndayishimiye n'umupfasoni wiwe

Ahavuye isanamu, PARTI CNDD-FDD/FACEBOOK

Insiguro y'isanamu, Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko ata bitero bizoba ku gihugu ca Niger

Mu gihe umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD wari uramutse uhimbaza umusi wahariwe imbonerakure prezida Evariste Ndayishimiye, arongoye inama y'inararibonye yahamagariye ibihugu vya Afrika gufatana mu nda.

Nk'uwurongoye akanama k'amahoro n'umutekano mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika (UA) muri uku kwezi kw'umunani, yaremesheje ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika ko atawuzotera igihugu ca Niger.

Prezida ndayishimiye yagize ati:"Nabonye intumwa zaje ziva mu bihugu vyo mu burengero bwa Afrika. Ndabaremesheje, jewe turavugana na benshi, abashigikiye ibitero kuri Niger ni bake cane."

Yabandanije agira ati:"Erega uteye bombe muri Niger uba uyiteye abanye Afrika."

Prezida Evariste Ndayishimiye ahubwo yahamagariye amakungu gufasha Nigere kuva mu bibazo irimwo.

Ati:"Niger tugifashe ingene cosubira kugira iteka n'itekane.".

Nk'Uburundi, umukuru w'igihugu Ndayishimiye yavuze ko bwihaye intumbero yo kuza buratabara ahadutse ingorane.

Aha yatanze akarorero ko ingabo z'ico gihugu ziri mu bihugu bitandukanye nka Somalia, Centrafrique na Republika ya Demokrasi ya Congo.

Ndayishimiye yavuze ko uburundi bwihaye intumbero yo "kugira uruhara mu nyishu budashobora kuja mu matati."

Mu gihe hakivugwa amatati muri Niger yadutse kuva hatembagajwe intwaro ya prezida Mohammed Bazoum, ico gihugu caraye gihaye amasaha 48 gusa uwuserukira Ubufaransa muri ico gihugu ngo azobe yakuye meza.

Abo bategetsi bagiriza Itte ko yanse kwitaba ubutumire bwo guhura n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Niger.

Ubufaransa, bwahoze butwara Niger, bwavuze " abo bantu nta bubasha" bafise bwo kwirukana uwuserukira igihugu ciwe.

Ubufaransa bwariyamirije kudeta yo mu kwezi kw'indwi, busaba ko prezida yakuwe ku butegetsi Mohammed Bazoum ategerezwa kubusubizwako.

Muri ico gihe nyene abagaba b'ingabo bo mu bihugu bigize ishirahamwe ry'ubutunzi ry'ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika (CEDEAO/ECOWAS) babandanya imibonano yo gutegura igitero ca gisirikare muri Niger mu gihe inzira y'ibiganiro yoba itagishobotse kuzana inyishu irama.