Wofasha gute umwana w'amasoni?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kugira amasoni birashika aho tubaye kandi birabangamira abantu benshi kw'isi. Ni nde atigeze abona umunyeshure bigana afise amasoni, atayaga n'abandi, canke amera nk'uwufise ubwoba abajijwe ikibazo?
Kenshi na kenshi, iyi ngorane ntiyitabwaho nk'izindi ngorane z'uko umuntu ameze - kandi rimwe na rimwe bishobora kugira ingaruka mbi kuri kazoza k'umwana.
Kugira utahure neza, n'ukumenya ubwoko bubiri bw'amasoni.
Hari amasoni y'umwanya muto ashobora kuza mu gihe hari ikintu kibaye. Ubwa kabiri hari amasoni ngendanwa adahera - mbere rimwe na rimwe bimera nk'ubumuga - bigatera ikibazo kenshi na kenshi mu buzima bwa misi yose, kandi bigashobora kumugirako [umwana] ingaruka amaze gukura.
Amasoni aravukanwa canke aza munyuma?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ni vyiza gutahura ubwa mbere ingene umuntu afise amasoni yiyumva mu mutwe. Ikibazo nyamukuru ni: umuntu afise amasoni, yarayavukanye canke yagiye araza uko akura?
Haracari impari mu bashakashatsi. Bamwe muri bo bavuga ko amasoni ari mvukanwa. Abandi bavuga ko biva ku hantu umuntu akuriye. Ariko benshi mu bashakashatsi bavuga ko ari izo mpamvu zompi zibiri: mvukanwa hamwe n'aho umuntu akuriye.
Amasoni arashobora kuvurwa?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mwokora iki mu gufasha umwana afise amasoni?
Ibibanza bibiri ni vyo bikwiye kwitabwaho cane: mu muryango no kw'ishure.
Abavyeyi n'abigisha barafise igikorwa kinini co gufasha abana mu kubigisha uburyo bubereye bwo guhangana n'iyo nyifato.
Ibi ni bimwe mu bishobora gufasha gukinga canke gutorera inyishu iyo ngorane:
Kwongereza imigenderanire n'abandi: Ni ngombwa ko kuva bakiri bato, abantu bafise amasoni baja ahantu bashobora kwiga kandi bakaja kenshi mu bibanza na bo bashobora kuza baravugana n'abandi. Nk'akarorero mu nkino zitandukanye.
Kwiyemera: Kutiyemera ni kimwe mu bintu abafise amasoni baba bafise. Kwigirira icizere no kwongereza uko umuntu yiyemera birabafasha kwongereza ukwiyakira no kwikunda.
Kugabanya ibishobisho: Mutegerezwa kubiza kuva bakiri bato kumenya uko biyumva no kubigaragaza. Kumenya uko twiyumva bidufasha kumenya uko twitwara mu bihe bitandukanye tugenda turacamwo mu buzima.
Kwirinda kumutazira izina: Muri rusangi hariho imigenzo mibi, iyo umuntu bamaze kubona ameze uko, baca bamwita izina. Kumwita umunya masoni biragira ingaruka ku nyifato yiwe n'ukwemera kwiwe, bigatuma arushirizaho kugira amasoni.
Kwigirira icizere: Ivyo bishobora gufasha abana bafise amasoni kuja mu bikorwa bitandukanye, nk'amanama. Kimwe mu bijanye n'amasoni, hariho ubwoba bwo kuvuga imbere y'abantu, ari na co gituma bahunga ahantu hose abantu bahurira.
Kuvuga: Bahe ubuhinga bwobatuma batangura kuganira n'abandi, gushikiriza iciyumviro canke kuvugira mu bantu. Bahe umutekano ahantu ubona ko basanzwe batinya cane.
Bandikishe mu nkino z'ivyese: Ivyigwa bimwe bimwe vyerekana ko gukina ivyese bishobora gufasha abana bafise amasoni mu mibereho ya misi yose.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubu ni bumwe bumwe mu buryo bushobora gufasha abantu bafise amasoni guhangana n'ingorane zitandukanye bahura mu buzima bwa buri musi.
Ubu, isoni zifatwa nk'ikimenyetso c'ubwoba n'ubwigunge, ivyo rero bikaba bifatwa nk'ikibazo c'inyifato.
Birakenewe rero kwongereza ugutahura mu miryango, mu bigisha no mu mibano muri rusangi.










