Brezil yugaye ahubakwa uruganda rw'Ubushinwa ku gufata abakozi nk'abaja

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Annabelle Liang
- Igikorwa, Umunyamakuru mu gisata c'ubucuruzi
Abategetsi muri Brezil bahagaritse ibikorwa vyo kwubaka uruganda rw'Abashinwa rwo gukora imodoka zigendeshwa n'umuyagankuba rwa kompanyi izwi nka BYD, bavuga ko abakozi babayeho nk'abaja (abacakara).
Abakozi barenga 160 batabawe bavanwa mu ntara ya Bahia mu buraruko bushira ubuseruko bwa Brezil, ku bw'itangazo ry'ibiro vy'umushikirizamanza w'igihugu mu bijanye n'akazi.
Bivugwa ko bari bashizwe ahantu hambura agateka umuntu, ibitabo vyabo vy'inzira baravyakwa, imishahara yabo nayo irafatirwa n'iyo kompanyi.
BYD yavuze mw'itangazo ko yahagaritse imigenderanire n'ikompanyi yakoresha abo bakozi kandi ko yo yiyemeje kwubahiriza amategeko yose ya Brezil.
Urwo ruganda vyari vyitezwe ko rutangura gukora mu kwezi kwa gatatu mu 2025, kandi rwari kuba ari rwo ruganda rwa mbere rw'imodoka zitwarwa n'umuyagankuba Ubushinwa bwubatse hanze ya Asia.
Abo bakozi bari bahawe akazi na Jinjiang Construction Brazil, baba mu bibanza bine mu gisagara ca Camaçari.
Muri kimwe muri ivyo bibanza, abakozi baryamikwa ku bitanda bitagira imatera, nk'uko abashikirizamanza babivuga.
Icumba c'ubwogero kimwe kimwe casangira abakozi 31, bigatuma bavyuka kare cane kugira bashobore kwitegurira kuja ku kazi.
''Gufatwa nk'umuja'', nk'uko biri mu mategeko ya Brezil, birimwo gukoreshwa nk'umuja n'ibikorwa vyambura agateka umuntu.
Ibiro vy'umushikirizamanza bivuga ko uburyo bakoreshwa kandi bwari nko gukoreshwa ku gahato, kuko abakozi benshi imishahara yabo yafatirwa kandi bagasabwa amafaranga y'umurengera kugira ngo bahagarike amasezerano y'akazi.
BYD yavuze ko abakozi bari bafashwe gutyo ubu bimuriwe mu mahoteri.
Yavuze kandi ko yasuzumye neza aho abakozi bafise amasezerano baba n'ingene bakoreshwa, kandi ko yasavye ''akatari gake'' iyo kompanyi ibakoresha kurushirizaho kubafata neza.

Ahavuye isanamu, Public Labour Prosecution Office
BYD, mu majambo yose bisigura Build Your Dreams (Ubaka Indoto Zawe), ni rumwe mu nganda nini kw'isi zikora imiduka igendeshwa n'umuyagankuba. Rwagurishije imiduga myinshi igendeshwa n'umuyagankuba kurusha Tesla ya Elon Musk mu mezi atatu ya nyuma ya 2023, mu gihe ivyo bihangange bibiri bigwanira kuza imbere muri ico gisata.
Iyo kompanyi kandi iriko iragura (kwagura) ibikorwa vyayo muri Brezil, aho ifise isoko ya mbere nini yo hanze.
Yatanguye kwugurura uruganda muri São Paulo mu 2015, aho rwakora imigogo (chassis) y'ama bisi atwarwa n'umuyagankuba.
Mu mwaka uheze yamenyesheje ko izoshora miriyoni zirenga 484 z'ama dorari muri Brezil mu kwubaka uruganda rw'imiduga igendeshwa n'umuyagankuba.
Igurwa rya bene iyo miduga mu Bushinwa ryariyongeye ritewe intege n'intererano ya reta, ihimiriza abaguzi gukaba imodoka zabo zigendeshwa n'ibitoro n'izigendeshwa m'umuyagankuba canke zifadikanya ibitoro n'umuyagankuba (hybrid).
Ariko Ubushinwa vyarabuteranije n'ibindi bihugu aho bamwe babona ko reta y'ico gihugu itari ikwiye gushigikira inganda zayo zikora imiduga.
Amasoko akomeye nka Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Buraya yaciye yongereza amakori ku modoka igendeshwa n'umuyagankuba ikorerwa mu Bushinwa kandi ayo makori yitezwe kwongerekana ku ntwaro ya Donald Trump azofata ubutegetsi mu kwezi kuza.












