Jimmy Carter yahoze arongoye America yaraye apfuye ku myaka 100

Jimmy Carter mu 2016
Insiguro y'isanamu, Jimmy Carter mu 2016

Jimmy Carter yahoze ari umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaraye asandavye, nk'uko bitangazwa n'ikigo ciwe Carter Center.

Mu butumwa cacishije ku mbuga hwaniro, ikigo Carter Center canditse kiti: "Uwatanguje ikigo cacu, uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Jimmy Carter, yasandavye kuri uno muhingamo i Plains muri Georgia".

Carter yabaye umukuru w'igihugu agira 39 wa Amerika, kuva mu 1977 gushika mu 1981. Apfuye afise imyaka 100, akaba yari we mukuru w'igihugu ca Amerika yari afise imyaka myinshi kurusha abandi bose muri kahise ka Amerika.

Joe Biden n'umutambukanyi wiwe Jill Biden basohoye itangazo rivuga riti: "Uno musi, Amerika n'isi yose bitakaje igitangaza c'indongozi, umunyaporitike akomeye n'umuntu yitangira abandi.

" Mu myaka irenga mirongo itandatu, twararonse iteka ryo kwita Jimmy Carter umugenzi mukundwa. Ariko, ikintu kidasanzwe kuri Jimmy Carter, ni uko abantu amamiliyoni muri Amerika yose no kw'isi yose batigeze baronka akanya ko kumubona nk'umugenzi mukundwa".

Mu kiringo ciwe, uno mu demokarate yahuye n'ibibazo vyinshi mu bijanye n'imigenderanire n'ayandi makungu, avamwo aza gutsindwa na Perezida Ronald Reagan igihe yarondera kwitoreza ikiringo kigira kabiri.

Perezida Donald Trump aherutse gutorwa nk'umukuru w'igihugu nawe yahaye icubahiro Jimmy Carter.

Ku rubuga hwaniro rwa Truth Social, yanditse ati: " Ingorane Jimmy yahuye na zo nk'umukuru w'igihugu zaje mu gihe gihambaye cane ku gihugu cacu, kandi ntaco atakoze kugira ngo ubuzima bw'abanyamerika bose butere imbere. Ku bw'ivyo, twese turamufitiye umwenda wo kumukengurukira".

Carter yari amaze igihe kitari gito mu ngorane z'amagara, harimwo n'indwara ya kanseri y'urukoba izwi nka mélanome/melanoma, yahavuye igakwiragira mu gitigu no mu bwonko.

Amaze kuva ku butegetsi, utwigoro twa Carter mu vyo ubutabazi twatumye ahabwa agashimwe kitiriwe Nobel.

Asize abana bane: Jack, Chip, Jeff na Amy, abuzukuru 11 hamwe n'abuzukuruza 14.

Habanje gupfa umugore wiwe, Rosalynn Smith Carter, yapfuye ku wa 19 Munyonyo (11) umwaka uheze afise imyaka 77, akurikirwa n'umwe mu buzukuru biwe, nk'uko bivugwa n'ikigo Carter Center.