Ayavugwa mu mupira w'amaguru: imirwi itatu iriko yiruka inyuma ya Grealish wa Man city

Ahavuye isanamu, Getty Images
Tottenham, Newcastle na Napoli yose ishinze ijijsho umukinyi wo hagati w'Ubwongereza Jack Grealish inyuma y'aho Manchester City itangarije igiciro c'imiriyoni 40 z'amapawundi, ni ukuvuga imiriyoni zababa 54,5 z'amadorari y'Abanyamerika kuri uno mukinyi wayo w'imyaka 29.. (Sun)
Umukinyi wo ku ruhande wa Nottingham Forest Anthony Elanga w'imyaka 23 yiteguriye urugendo rumushikana muri Newcastle United kugira ngo akorerwe ibipimo vyo kwa muganga inyuma y'aho uno murwi wemereye gutanga imiriyoni 55 z'amapawundi, ni ukuvuga hafi imiriyoni 75 z'amadorari y'Abanyamerika, kuri uno mukinyi mpuzamakungu wa Suwede. (Sky Sports)
Crystal Palace na yo ubwayo iri mu biganiro n'umurwi Sporting kugira ngo irabe ko yoshika ku masezerano n'uno murwi wo muri Portugal ku mukinyi wawo w'inyuma, umunya-Côte d'Ivoire Ousmane Diomande w'imyaka 21. (Guardian)
Umutaliyano akina inyuma Davide Calabria w'imyaka 28, na we nyene ariko aronderwa na Crystal Palace. Mu mwaka w'inkino yari amaze yatijijwe muri Bologna yaravyifashemwo neza ariko ubu aridegemvya inyuma y'aho amasezerano yari asanzwe afitaniye na AC Milan arangiriye. (Sky Sports)
Newcastle iriko iravugana kandi na Dominic Calvert-Lewin w'imyaka 28, mu gihe umumenyereza wayo Eddie Howe yamye yipfuza kuva kera cane uno musatirizi w'Ubwongereza yamaze gusezera muri Everton inyuma y'aho amasezerano yari afitaniye n'uno murwi arangiriye mu kwezi guheze, ariko kandi na Manchester United ikaba imuraba ryiza. (Talksport)
Umukinyi w'inyuma wa West Ham umunya-Maroc Nayef Aguerd w'imyaka 29 ari imbere mu bakinyi bariko baronderwa na Marseille yo mu Bufaransa muri iri ci. (L'Equipe - mu gifaransa)
Newcastle United iracafise icizere co gutahukira Umwongereza Marc Guehi w'imyaka 24, mu gihe iriko irondera gukomeza uruhande rwayo rw'inyuma, ikabona ko uno mukinyi w'inyuma wa Crystal Palace ari kirumara. (GiveMeSport)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United yavuganye n'umukinyi wo hagati Ederson w'imyaka 26 akinira Atalanta be n'umurwi nserukiragihugu wa Brezili ari ku giciro c'imiriyoni 44 z'amapawundi, ni ukuvuga imiriyoni hafi 60 z'amadorari y'Abanyamerika, ariko akaba kandi akurikiranirwa hagufi n'imirwi Inter Milan na Juventus yo mu Butaliyano nyene. (Goal - mu rurimi rw'igi-portugal)
Umusatirzi wa Danemark Rasmus Hojlund w'imyaka 22, nta mugambi afise wo kuva mu murwi wiwe wa Manchester United kiretse gusa ari nka hamwe uno murwi ufashe ingingo yo kumugurisha, mu gihe Inter Milan ari umwe mu mirwi yerekana ko imwipfuza. (Fabrizio Romano)
Hagati aho, mu mpera z'ukwezi guheze Manchester United yavuze ko yagomba kugurisha umunyegori wayo André Onana w'imyaka 29 muri AS Monaco ku miriyoni 30 z'amapawundi, ariko bibandanya biboneka ko uno munya-Cameroun ashobora kuguma muri uno murwi. (Mail)
Manchester United iripfuza kandi umukinyi wo hagati wa Nigeria Wilfred Ndidi w'imyaka 28, bikaba bivugwa ko mu masezerano afitaniye n'umurwi wiwe wa Leicester City uherutse kumanuka mu cicaro ca kabiri harimwo ikigabane kivuga ko ushobora kumutanga ku miriyoni 9 z'amapawundi, mu gihe Fulham, Everton hamwe na Crystal Palace na yo nyene iwipfuza. (Tuttosport - mu gitaliyano)
Inter Milan ifise ubwoba ko Manchester City canke Barcelona zishobora gukoresha amasezerano ifitaniye n'umukinyi w'inyuma w'Ubuholande Denzel Dumfries w'imyaka 29 avuga ko umurwi wotanga imiriyoni 25 z'ama-euro imbere y'igenekerezo rya 15 Mukakaro (7) ushobora kumutwara. (Mundo Deportivo - mu ki-Espagnol)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Napoli yamiriye kure imiriyoni 60 z'ama-euro zitangwa na Galatasaray ku musatirizi wa Nigeria Victor Osimhen w'imyaka 26, mu gihe amasezerano afitaniye n'uwo murwi wo mu Butaliyano avuga ko umurwi mvamahanga womushaka utegerezwa gutanga imiriyoni 75 z'ama-euro, ni ukuvuga imiriyoni zababa 88 z'amadorari y'Abanyamerika. (Sky Sports Italia)
Sunderland, Leeds United na Wolves ziripfuza umukinyi wo hagati wa Lens n'umurwi nserukiragihugu wa Maroc mu batarenza imyaka 23 Neil El Aynaoui, ariko zihanganye na AS Roma, Juventus be na AC Milan. (Footmercato - mu gifaransa)
Umumenyereza wa Slavia Prague Jindrich Trpisovsky aremeza ko umukinyi w'inyuma wa Senegal El Hadji Malick Diouf w'imyaka 20 yiteguriye gusezera uyu murwi mu gihe imirwi West Ham na Leeds imwipfuza. (Standard)










