Barcelona ishobora kuronka Nico Williams, ni amwe mu yavugwa kuri uno wa kane

Nico Williams w'imyaka 21 ariko yitwara neza mw'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya mu murwi nserukiragihugu wiwe wa Espagne

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nico Williams w'imyaka 21 ariko yitwara neza mw'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya mu murwi nserukiragihugu wiwe wa Espagne

Paris St-Germain yiteguye guhangana na ManchesterUnited mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Benfica Umunya-Portugal Joao Neves w'imyaka 19. (Le10Sport - mu gifaransa)

Barcelona yashitse ku mwuvikano n'umurwi AthleticBilbao ko ushobora kuzoyiha umusatirizi wa Espagne Nico Williams w'imyaka 21. (Sport - mu ki - espagnol)

ManchesterUnited irashaka vuba cane gushika ku masezerano yo kugura umukinyi w'inyuma wa BayernMunich Umunya-Hollande Matthijs de Ligt w'imyaka 24 inyuma y'ihiganwa ry'igikombe ca Bulaya, Euro 2024. (Bild - mu kidagi)

Arsenal yemeye ko ishobora gutiza Lazio umukinyi w'inyuma wayo, Umunya-Portugal Nuno Tavares w'imyaka 24, mu masezerano arimwo ingingo y'uko ishobora no kuzomugura hagati y'imiriyoni 6 n'indwi z'amapawundi. (Mirror)

Chelsea ntabwo irajwe ishinga no kurondera kugura umusatirizi wa RB Leipzig Umunya-Espagne Dani Olmo w'imyaka 26 ku miriyoni 50 z'amapawundi amusabwako. (Sky Sports)

Liverpool, BayernMunich na RealMadrid ni yo mirwi Umufaransa Adrien Rabiot w'imyaka 29 ashobora kwimukiramwo, mu gihe ubu yirebanga inyuma y'aho amasezerano yari afitaniye na Juventus arangiriye mu kwezi guheze. (Calciomercato - mu gitaliyano)

Marseille iripfuza umusatirizi wa Arsenal Umwongereza Eddie Nketiah w'imyaka 25. (Footmercato - mu gifaransa )

Adrien Rabiot

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Adrien Rabiot

Bayern Munich iripfuza kugura umusaturizi w'Ubuholande Xavi Simons w'imyaka 21 asanzwe akinira Paris St-Germain.(Sky Sports)

Monaco yaranse amafaranga angana n'imiriyoni 30 z'ama-euro atangwa na NottinghamForest ku mukinyi wo hagati w'Ubufaransa Youssouf Fofana w'imyaka 25, asanzwe yaramaze kwemera kuzokwimukira muri ACMilan. (Fabrizio Romano)

Vyitezwe ko mu masaha 24 ari imbere umukinyi wo hagati wa Portugal Joao Palhinha w'imyaka 29, azoba yamaze kwimukira muri Fulham avuye muri BayernMunich. (Sky Germany)