OTAN: Ni ngombwa ko twitegurira intambara ndende, Uburusiya ntiburota buheba Ukraine

Umunyamabanga mukugu wa OTAN/NATO Jens Stoltenberg avuga ko Uburusiya butiteguriye kurekura Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umunyamabanga mukuru wa OTAN/NATO Jens Stoltenberg avuga ko Uburusiya butiteguriye kurekura Ukraine

Umunyamabanga mukugu wa OTAN/NATO Jens Stoltenberg yahaye ikiganiro BBC aho avuga ko ari ngombwa ko haba integuro y’igihe kirekire y’ibihugu vy’Uburengero yo gushigikira Ukraine ihanganye n’Uburusiya.

Stoltenberg ati: “Ni ngombwa ko twitegurira urugendo rurerure, kuko, nk’uko mubibona, Uburusiya nta mugambi bufise wo kuva kw’izima mu ntego yabwo – kwigarurira Ukraine”.

Kubw’umunyamabanga mukuru w’iri shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe, intambwe igisirikare ca Ukraine giherutse gutera ntizikwiye gusamaza ngo hagire abiyumvira ko Kyiv iri hafi gushikira intsinzi.

Avuga ati: "Ingabo za Ukraine zimaze igihe zituza umwansi, ariko kandi dutegerezwa kumenya ko Uburusiya buherutse kwinjiza ingabo nshasha kandi bukanagura inzego za gisirikare, abenshi mu baherutse kwinjizwa ubu bari mu nyigisho.

“Ibi vyose vyerekana ko bariko baritegurira kubandanya intambara n’igitero gishasha gishobora kuba”.

Buca ari umwaka mushasha, ibirombora vy'ibisasu vya misire z'Uburusiya vyeretswe abanyagihugu ba Lvov

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Buca ari umwaka mushasha, ibirombora vy'ibisasu vya misire z'Uburusiya vyeretswe abanyagihugu ba Lvov

Jens Stoltenberg ashimangira ko muri kino gihe, Ukraine ikeneye cane rwose imfashanyo y’ibirwanisho biva mu burengero.

Stoltenberg ati: “Nimba dushaka amasezerano y’amahoro yoza ashimangira intambwe Ukraine yashitseko nk’igihugu cigenga, cikukiye kandi kirangwa n’intwaro rusangi i Bulaya, ni ngombwa ko tuyifasha.

“Muri iyo mfashanyo harimwo iya gisirikare kuko ni bwo buryo bwonyene bwo kwumvisha Uburusiya ko butegerezwa kwicara ku meza y’ibiganiro kandi bukemera Ukraine nk’igihugu cigenga kandi cikukiye ca Bulaya”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yongerako ati: "Intambara hafi zose zirangira biciye mu biganiro. Eka n’iyi nyene, biraboneka ko ariko bizogenza. Ariko turazi ko bizovana n’ukungene Ukraine ihagaze ku rugamba kugira ngo ibintu bigende neza”.

Imbere y’aha, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yavuze ko Kyiv ata yindi nzira ifise atari ukurwana gushika ku ntsinzi.

Kuva muri Gitugutu (10), igisirikare c’Uburusiya kirabandanya ibitero ku bigo bikomakomeye vya Ukraine.

Mu mpera za Kigarama (12), Kyiv yavuze ko kuva igitero c’Uburusiua gitanguye, ibibanza bikomakomeye 700 bimaze guterwa mu bitero vy’igisirikare c’Uburusiya: imiringoti ya gaz, ibigo vy’umuyagankuba, ibiraro n’ibindi.

Muri ino misi y’akaruhuko, ibitero vy’Uburusiya vyarabandanije. Igisirikare ca Ukraine kivuga ko mu masaha 24 aheze cakoroye indege zitagira abadereva (drones) 45 Uburusiya bwahawe na Iran.

Ku wa Mungu mu gatondo, Kyiv yavuze ko nibura abasivire babiri baguye mu bitero vy’Uburusiya ku bisagara vya Ukraine ku musi wa nyuma wa 2022 no mw’ijoro ryo ku wa 01 Nzero (1), abandi 50 bakaba barakomeretse.

Ku muhingamo wo ku wa 01 Nzero, abategetsi b’intara ya Khmelnitsky bavuze kandi ko umukobwa w’imyaka 22 yapfiriye mu bitaro kubera ibikomere yatewe n' ivyo bitero.