Batatu biciwe mu gitero c’uwitwaje inkoho ku mugwa mukuru wa Danemark

Abantu bahunga

Ahavuye isanamu, EPA

Umuntu yitwaje inkoho yateye inyubakwa y’idandarizo (centre commercial/shopping mall) yica abantu batatu akomeretsa n’abandi, nk’uko igipolisi kibitangaza.

Umugabo w’imyaka 22 niwe yahagaritswe yagirizwa ko ari we yakoze iki gitero cabereye mu nyubakwa y’idandarizo ya Field mu bumanuko bw’umugwa mukuru Copenhagen.

Umukuru w’igipolisi avuga ko imvo z’iki gitero zitaramenyekana ariko akaba adashira ku ruhande ko coba ari ic’iterabwoba.

Umushikiranganji wa mbere Mette Frederiksen avuga ko Danemark yakozweko igitero c’ubugome.

Mu butumwa bwo guhoza yarungikiye imiryango yabuze ababo, umupfasoni Frederiksen yavuze ko ashaka gutera intege abanya-Danemark ko bofatana mu nda bagafashanya muri iki gihe c’umubabaro.

Ati: "Danemark yakozweko igitero c’ubugome mw’ijoro ryo ku wa Mungu. Hari abatari bake bishwe abandi benshi bakomeretse. Imiryango y’intungane yariko ifungura, iyindi isuma. Abana, imiyabaga n’abakuze”.

Yongerako ati: "Umugwa mukuru wacu mwiza kandi usanzwe utekanye wahindutse mu kanya isase”.

Umuryango w’umwamikazi wa Danemark wifatanije n’umubabaro mwinshi “n’abakozweko iki gitero, incuti zabo n’abo bose cagizeko ingaruka”.

Mw’itangazo basohoreye hamwe, umwamikazi Margrethe, igikomangoma Frederik n’igikomangomakazi Mary banditse bati: "Ntituramenya neza ivyononekariye muri aka kaga, ariko biraboneka ko hari benshi bahasize ubuzima mbere n’abandi batari bake bakomeretse”.

Uwikekwa ko ari we yakoze iki gitero yari afise inkoho n’amasasu igihe yahagarikwa, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Uyu yikekwa ko yakoze igitero, igipolisi kivuga ko ari umunye-Danemark”, ararengutswa imbere y’umucamanza kuri uno wa mbere.

Igipolisi kivuga ko ata kimenyetso kihari c’uko hari abandi bari kumwe, kinasaba abafise amaduka kubungabunga amavidewo bashobora kuba bafise.

Uyu ni uwikekwa ko yakoze iki gitero yitemberera muri iyi nyubakwa y'idandarizo, Field's Shopping Centre

Ahavuye isanamu, Mahdi al Wazni

Insiguro y'isanamu, Uyu ni uwikekwa ko yakoze iki gitero yitemberera muri iyi nyubakwa y'idandarizo, Field's Shopping Centre
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Iyi nyubakwa ifise amaduka n’amazu y’uburiro arenga 140. Iyi nyubakwa y’amagorofa menshi iri ku nkengera za Copenhagen, ku kabarabara neza na neza kinjira hagati mu gisagara.

Ababibonye bavuga ko abari muri ino nyubakwa batekewe n’ubwoba igihe uyu yakoze iki gitero yatsa umuriro.

Umwe muri bo, azwi kw’izina rya Isabelle, yabwiye ibinyamakuru vya Danemark ati: "Twagiye twumva amasasu. Nibaza ko numvise amasasu cumi duca twiruka duhunga, twisanga turi mu kazu ka surwumwe, turundanirayo, mu kumba gato, turi hafi abantu 11.

Igiteramo c’umuririmvyi w’umwongereza Harry Styles cari gitegekanijwe hafi y’aho caciye gihagarikwa.

Mu butumwa yacishije kuri Snapchat, Styles avuga ati: "Umurwi wanje na jewe nyene turasabira aba bantu bahuye n’iki gitero co mu nyubakwa y’idandarizo i Copenhagen. Ndababaye cane. H arabakunda”.

Inyuma y’ico gitero kandi, umuryango w’umwamikazi watangaje ko ihuriro ryo kwivuna umusase ryari riteguwe n’igikomangoma Frederik ryahagaze. Ryari ihuriro ryo kwigina akaryo Danemark yahawe ko kwakira ibice bitatu vy’ihiganwa ry’amakinga Tour de France.

Abategetsi batari bake b’ibihugu bibanyi berekanye umubabaro wabo bongera bahoza imirango yahaburiye ababo n’iyakozweko n’iki gitero.

Danemark yaheruka kubona igitero gikomeye mu 2015, aho abantu babiri bishwe, abapolisi batandatu nabo barakomereka mu gitero cabereye ku nzu ndangamuco no kw’isinagoga y’i Copenhagen.

Uwakoze iki gitero yahavuye apfa mu kurasana kwabaye hagati ya we n’abapolisi.