Colombia: Inyuma y’imisi 40 bari mw'ishamba, abana bane batowe ari bazima inyuma y’impanuka y’indege

Igisirikare ca Colombia casohoye isanamu y'aba bana bari mw'ishamba

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Colombia casohoye isanamu y'aba bana bari mw'ishamba
    • Umwanditsi, Na Aoife Walsh
    • Igikorwa, BBC News

Abana bane batowe bakiri bazima inyuma y’aho indege yabo ikorokeye mw’ishamba ry’ikibiri ca Amazon muri Colombia, haraciye ikiringo kirenga ukwezi, nk’uko bitanganzwa n’umukuru w’iki gihugu.

Aba bana b’imyaka 13, icenda, ine n’umwaka umwe, bari muri iyo ndege bari kumwe na nyina wabo, umudereva n’uwumufasha igihe ikoroka ku wa 01 Rusama (5).

Nyina wabo n’abandi bose bakuze bari muri iyo ndege barapfuye.

Perezida Gustavo Petro avuga ko gutora aba bana inyuma y’amayinga atari make babarondera ari “umunezero udasanzwe”.

Yavuze ko ari “umusi udasanzwe”, anongerako ati: "Bari bonyene, barashoboye kurokoka, ibintu bitazokwigera vyibagirwa muri kahise.

"Uno musi, aba bana ni abana b’amahoro, kandi abana ba Colombia."

Perezida Petro yashize ahabona isanamu yerekana abasirikare n’abanyagihugu b’abasangwabutaka bariko barafasha aba bana bavukana, bari barabuzwe haraciye imisi 40.

Avuga ko abo bana bariko barakurikiranwa n’abaganga – kandi ko yavuganye na sekuru wabo.

Indege Cessna 206 aba bana na nyina wabo barimwo yari ivuye ahitwa Araracuara, mu ntara ya Amazonas, itera ija ahitwa San José del Guaviare, igihe isohora ubutumwa bwo gutabaza buvuga ko yagize ikibazo c’imoteri.

Ibiziga vy’aba bantu bakuze batatu bari kumwe na bo vyatowe n’igisirikare ahabereye iri sanganya.

Amakuru y’intangamarara atangwa n’igisata kijejwe uruja n’uruza rw’indege zunguruza abantu avuga ko aba bana bavuye mu bisigarira vy’iyi ndege bakamara imisi bayerera muri iki kibira barondera uwobafasha, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Urugamba rukomeye rwo kurondera iyi ndege rwaciye rutangura, hanyuma mu kwa gatanu, abariko barayihiga baguye ku bintu aba bana basize, harimwo icupa ry’amazi, umukasi, akagozi ko kuboha umushatsi, hamwe n’akazu ko kwugamamwo.

Babonye kandi uturenge duto duto tw’aho baca, ari na vyo vyatumye abari mu gikorwa co kubarondera bibaza ko bari bashoboye kurokora iri sanganya kandi bakiri bazima muri kino kibira cuzuye ingwe, inzoka n’ibindi bikoko biryana.

Aba bana ni abo mu bwoko bw’abasangwabutaka, buzwi nka Huitoto, abo muri ubu bwoko bwabo bakaba bagumye bafise icizere c’uko, kubera bafise ubumenyi ku vyamwa vyo mw’ishamba bakaba bafise n’ubuhinga bwo kuba mw’ishamba, bashobora kuba baragize amahirwe yo kurokoka.

Abasangwabutaka barifatanije n’abari mu gikorwa co kubarondera, za kajugujugu nazo zikaguma zitangaza ubutumwa bwa inakuru wabo bwo mu rurimi rw’igi-Huitoto, bwabasaba kutaguma bayerera kugira ngo vyorohe kubatora.

Umukuru w’igihugu ca Colombia yaraneguwe cane mu kwezi guheze igihe ubutumwa bwacishijwe kuri konte yiwe ya Twitter butangarije ko aba bana bari batowe.

Umusi wakurikiye yaciye abufuta, avuga ko iyo nkuru ibiro vyiwe vyahawe n’ikigo ca Colombia kijejwe imibereho y’abana itashobora kwemezwa.

Abasirikare bifotoje bari kumwe n'aba bana baterekanywe amasura

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abasirikare bifotoje bari kumwe n'aba bana baterekanywe amasura