''Nta ndege nshasha tuzokora...ariko dushobora kugaburira isi''- umukuru wa Liberia

Joseph Boakai
Insiguro y'isanamu, Perezida Joseph Boakai yahaye ikiganiro BBC Africa Daily

''Abantu benshi baza muri reta bibaza ko baje kwitungisha,'' niko umukuru wa Liberia Joseph Boakai avuga.

''Ntibumva ico ari co gukorera igihugu n'abanyagihugu.''

Boakai yatsinze amatora yemera ko azorangiza ikibazo c'ibiturire - ariko ntivyoroshe kuvyumvisha abantu biteze ko abaha akazi.

Mu mezi atatu amaze ku butegetsi kuva atsinze perezida George Weah, Boakai avuga ko yitonda cane mu gutora uwo azana ngo bakorane kuko avuga ko ingorane zose ziri mu gihugu ziva ku biturire.

Uwo mugabo w'imyaka 79 yahoze ari umushikiranganji wa mbere ariko nta kahise ko kuvukira no gukurira mu muryango w'abanyaporitike afise.

''Jewe ni nk'uko ata bwana naciyemwo,'' niko abwira BBC Africa Daily mu kiganiro ku bibazo bitandukanye. ''Ico narondera kwari ukubaho ubuzima busanzwe''.

Nk'umwe mu bahungu batanu kuri nyina afise ubumuga kandi w'umukene na se ataco yari anezwe, yatanguye gukora akazi ko gusukura ishure no kuja kurondera caoutchouc (amata y'igiti bahinguramwo -nk'akarorero- ama pine y'imodoka).

Kari akazi karuhisha cane -kanamubabaza kuko ntiyari azi ko azotwara iyo caoutchouc ku bitugu aho kuyiremeka ku mutwe - ariko ngo vyamutumye aca mu nzira umunyaporitke akeneye gucamwo, nk'uko abwira BBC.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubwo buzi bwatumye ashobora kwigurira ipantaro zibiri nziza, amashati abiri, akuramwo n'itike yo kuja ku murwa mukuru Monrovia.

Amaze kuronka ikibanza mw'ishure rya College of West Africa muri ico gisagara, yasubira kubona nyina indwi imwe kandi rimwe mu mwaka kuko yategerezwa gukora aho kw'ishure kugira aronke amafaranga y'ishure n'ayo kubaho.

Ku myaka hafi 80, Boakai avuga ko afise imyaka nk'iya ba sekuru b'abamutoye - ariko akabona akazi kiwe nk'ako kurandura imizi y'ingorane zimaze imyaka myinshi no kuzoshikiriza abazotwara igihugu mu nyuma ziwe Liberia itunganijwe neza.

''Nta kindi naje gukora atari ukuja imbere ngo igihugu gifate inzira giterezwa gufata hanyuma abandi babandanye.''

''Ubu ni uburyo bwo kwereka abanya-Liberia ko ibintu bitagiye kumera nk'uko vyahora,'' nk'uko Neaajai avuga, ''ubu abo mu nzego z'ubucamanza n'abashingamateko bariko barakurikira''.

Ariko haracari inzira ndende.

Abanya-Liberia bararambwiwe no kwihangana bararuha bihereza amabarabara - bagiriza reta yahahora gukoresha nabi amafaranga y'igihugu hamwe n'ibiturire mu gihe biguma birushiriza kugora kubaho ku munsi ku munsi ku banyagihugu basanzwe.

Abarenga ica gatanu c'abanya-Liberia babayeho munsi y'urugero rw'ubukene, munsi y'ama dorari 2,15 ku munsi (arenga gato 6.000 vy'amafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muri banki).

Mu mwaka uheze, igihe George Weah ariwe yari agitwara igihugu, Libera caza ubugira 145 ku bihugu 180 ku gipimo c'ibiture ca Transparency International.

Ubutegetsi bw'uwo yahoze ari rurangiranwa mu mupira w'amaguru bwaranzwe n'ibitari bike vy'akamaramaza, aho abategetsi batatu bo muri reta bafatiwe ibihano na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu nyuma bagatanga imihoho - ariko n'ubu ntibararengutswa imbere y'ubucamanza.

Ariko na Boakai arafise ivyo anegurwa.

Ubu vuba umucamanza yagirije Boakai ko akoresha aka mwana-wa-mama, avuga ko ashira imbere abaturuka mu ntara yiwe ya Lofa mu gutanga ubuzi bukomakomeye.

Umunyamabanga wiwe ajejwe amakuru Kula Fofana arabihakana: ''Umukuru w'igihugu ntagena abantu afatiye ku miryango, ashira imbere kuba ubishoboye kurusha ibindi vyose,'' ariko aranka kuvuga abo amaze kugena bava mu ntara yiwe ya Lofa ''kuko tutagena dufatiye ku ntara''.

'Dushobora kugaburira isi'

Kuba yarakoze mu mirima ya caoutchouc akanaba umushikiranganji ajejwe uburimyi mu myaka ya 1980, Boakai abona ko hari amahirwe menshi yo gutera imbere afatiye kw'isi-ndimwa y'ico gihugu.

''Muri Afrika nta ndege nshasha tuzokora canke ngo dukore imodoka nshasha, ariko dushobora kugaburira isi yose,'' nk'uko yabwiye BBC Africa Daily.

''Dufise amazi, dufise isi-ndimwa dufise ubutaka. Ntidukeneye kugura hanze umuceri ungana n'uwo tugura. Turashobora kwihaza hamwe tworandura igiturire hanyuma tugakoresha neza itunga kama dufise - dushobora kwigaburira tukanaronka umusesekera wo gushora hanze,''

Iyi nkuru yagizemwo uruhara na Moses Kollie Garzeawu