Umunsi wo kurwanya igiturire: Mu Burundi ngo kimeze nabi kurusha mu myaka 20 iheze - OLUCOM
Mu gihe uyu munsi ari umunsi Afrika yahariye kurwanya igiturire, mu Burundi ngo nta ntambwe yatewe muri urwo rugamba mu myaka mirongo ibiri irangiye.
Ishirahamwe OLUCOM ryiyemeje kurwanya igiturire n'isesagurwa ry'ubutunzi bw'igihugu mu Burundi, ryemeza ko naho ico gihugu cemeje amasezerano y'i Maputo afasha kurwanya ibiturire kuva mu 2003, bigaragara ko ata ntambwe iraterwa kuko inyuma y'imyaka 20, ibintu aho gutera imbere vyasubiye inyuma.
Umukuru wa OLUCOM, Gabriel Rufyiri, afatira ku cegeranyo ca Transpency International, cerekana ko u Burundi bwavuye ku manota 23% mu 2005, bugera ku manota 17% mu mwaka uheze.
Yavuganye na Florentine Kwizera atangura amubwira ko ayo mategeko umuryango w'Afrika washitseko adakurikizwa mu Burundi (umva ico kiganiro aho hejuru).
Twashatse kumenya ico leta ivuga kuri uyu mwitwarariko wa OLUCOM, ariko turacabarondera.

Ahavuye isanamu, Getty Images







