Umunyaporitike yateye grenade abapolisi mu ntara ya Rio de Janeiro

Local residents take pictures of a damaged police car in Levy Gasparian, Rio de Janeiro state, Brazil. Photo: 23 October 2022

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Imodoka y'igiporisi yamenaguritse ikiyo c'imbere yagiye irakwegwa n'iyindi inyuma y'ivyashitse ku wa mungu

Umunyapolitike wo muri Brezil arapfunzwe inyuma yo gutera amagrenade abapolisi bari baje kumufatira mu rugo iwe ruri mu ntara ya Rio de Janeiro.

Roberto Jefferson acuditse n’umukuru w'igihugu wo muri 'extre-droite' Jair Bolsonaro yarakomerekeje abapolisi babiri imbere yo kwishikana ku musi wa mungu.

Imbere y'aho umucamanza wo muri sentare ntahinyuzwa yari yategetse ko apfungwa kubera yatutse umukuru wa sentare isumba izindi Cármen Lucía.

Yari asanzwe afunzwe ic'amaso mu rugo iwe kubera gutera ubwoba uwo mudamu arongoye sentare ntahinyuzwa.

Prezida Bolsonaro yavuze abarashe abapolisi bakwiye gufatwa.

Abo bapolisi babiri bakomerekejwe n’ibimanyu vya vya grenade yatewe muri ico gitero cabereye ahitwa Comendador Levy Gasparian mu buraruko bw’umugwa mukuru w'iyo ntara , Rio de Janeiro.

Barajanywe mu bitaro mu nyuma barataha.

Jefferson, w’imyaka 69, yahoze ari umurongozi w’umugambwe PTB yararashe kandi amasasu atari make n'inkoho, amenagura ikiyo c'imbere c’imodoka y'igiporisi.

Umucamanza wa sentare ntahinyuzwa Alexandre de Moraes yari yategetse ko uwo munyaporotike ajanwa mu munyororo ku mvo z'uko yarenze ku mategeko agenga gufungirwa ic'amaso mu rugo iwe.

Hari icuka kibi cane ca politike muri Brezil mu mwiteguro w'incuro ya kabiri y'amatora y'umukuru w'igihugu hagati ya Bolsonaro na Luiz Inácio Lula da Silva wo muri "gauche".

Lula - abonwa ko ariwe ari imbere mu majwi -ku ncuro ya mbere yabaye muri uku kwezi, ntiyashoboye gushikana amajwi 50% yari akenewe kugira ntihabe incuro ya kabiri.