Amasendika yabaye arareka ihagarikwa ry'akazi mu gihe reta yemeye kuduza umushahara muri Nigeria

Abanyagihugu bari mu mwiyerekano

Ahavuye isanamu, GIFT UFEOMA/BBC

Insiguro y'isanamu, Uku guhagarika akazi mu gihugu cose kubaye ukwa kane kuva mu mwaka uheze Bola Tinubu abaye umukuru w'igihugu
    • Umwanditsi, Mansur Abubakar
    • Igikorwa, BBC News, Kano

Amasensika yo muri Nigeria yemeye kuba araretse ihagarikwa ry'akazi ryari ryatumye ibikorwa vy'ubutunzi bihagarara kuva ku wa mbere.

Iyo ngingo ije inyuma y'aho reta yemereye kuduza umushahara fatiro mu gihugu gushika nibura ku ma-naira 60.000 ($40, mu mafaranga y'Uburundi ni hafi 115.000 ku rugero rwo muri banki) ku kwezi.

Ayo ntiyegereza $330 amasendika yasaba ariko nibura ni incuro zibiri ayo umukozi yahora ahembwa ku kwezi.

Ihagarikwa ry'akazi ryari ryatanguye ku wa mbere aho ryatumye umuyagankuba uhagarara mu gihugu cose ama miriyoni y'abantu bakawubura.

Ubu amasendika na reta bavuga ko bazoja barabonana buri munsi indwi yose kugira babandanye ibiganiro.

Ku wa mbere iryo hagarikwa ry'akazi ryarahungabanije cane ibikorwa harimwo guca umuyagankuba mu gihugu cose kwatumye miriyoni z'abantu bawubura.

Igihugu cagiye mu mwiza inyuma gato ya samunani z'ijoro mu masaha yo muri Nigeria (isaha indwi z'ijoro ku masaha ya GMT) igihe abanywanyi ba sendika y'abakozi babuza abakozi bagenzura ibikorwa vyo gukwiragiza umuyagankuba mu gihugu kubandanya bakora no kuzimya imiyoboro y'umuyangankuba.

Ingendo z'indege nyinshi zarasibijwe ku kibuga c'indege ca Lagos gisanzwe kigira uruja n'uruza rwinshi rw'indege n'i Abuja ku murwa mukuru w'igihugu, ingenzi nazo zibura ingene ziyunguruza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amasendika y'abakozi arasaba kudugirizwa cane umushahara fatiro, bavuga ko abakozi badashobora kubeshwaho n'umushahara baronka ungana na 30.000 vy'ama naira ($22 arenga gato 60.000 mu mafaranga y'Umarundi ku rugero rwo muri banki ) ku kwezi.

Reta yemeye kuwugwiza na kabiri ariko Mallam Magaji Garba, ashinzwe umutekano, yabwiye BBC ko uyu mushahara udakwiye kandi udashobora kugura ibiro 50 vy'umuceri akeneye kugira agaburira umuryango uwezi.

Umufuko w'ibiro 50 vy'umuceri ugurwa 75.000 vy'ama naira ($56 mu marundiarenga 160.000) - amafaranga ari hejuru y'ayo reta yifuza kubahemba, n'imbere y'uko akuramwo amahera y'ibindi bintu ategerezwa kuriha.

Bwana Magaji, akora mu bushikiranganji bw'indero aba mu gisagara ca Kano kiri mu buraruko, avuga ati: “ Ndateye akamo reta ko kutwiyumvira no kuduza umushahara fatiro kugira dushobore kubaho no gufungura neza.

"Si vyiza kubona abakozi bakuru ba reta bahembwa amamiriyoni ku kwezi ariko abakozi batoyi bahembwa make cane kandi ugasanga bigoye no kuronka ico bafungura."

Uyu mugabo w'imyaka 59 avuga ko hari aho aja ku kazi n'amaguru kubera adashobora kuronka uburyo bwo kwiyunguruza.

Amashirahamwe y'abakozi (amasendika) yo muri Nigeria ayobowe na Nigeria Labour Congress na Trade Union Congress arasaba ko umushahara fatiro wokwongerezwa gushika ku ma naira 494.000 ($369, mu marundi ni arenga 1.050.000) bavuga ko ujanye n'ibiciro bihari ubu.

Reta ivuga ko kwemera ivyo vyipfuzo vyobangamira ubutunzi kandi vyotuma ubuzi bwugara kubera abatanga ubuzi batazoshobora guhemba abakozi babo gutyo bagaca bahagarika ibikorwa vyabo.

Magaji Garba aridogera ubuzima buzimvye
Insiguro y'isanamu, Magaji Garba yavuze ko hari aho aja ku kazi n'amaguru kubera adafise uburyo bwo kwiyunguruza

Amashuri, ibiro n'ibitaro navyo nyene kuva ejo vyari vyugaye mu gihugu cose.

Uku guhagarika akazi kubaye ukwa kane kuva Bola Tinubu abaye umukuru w'igihugu mu mwaka uheze.

Kuva ico gihe, abanya-Nigeria bahuye n'ibihe bibi incuro zibiri vyo guhagarika imfashanyo y'igitoro no guta agaciro k'ifaranga rya naira, vyatumye haba ikibazo c'ubutunzi kitigeze kibaho mu myaka irenga 20.

Reta yarakuyeho indinganizo y'agaciro k'ifaranga rya naira gafatiye kw'idorari ry'abanyamerika, bica bituma naira rita agaciro cane. Mu gihe ama-naira 100.000 yashobora kugura $22 mu kwa gatanu guheze, ubu azogura $6.80 gusa .

Perezida Tinubu avuga ko gufata ingingo ari nkenerwa mu kunagura ubutunzi kugira bumera neza mu kiringo kirerekire ariko mu kiringo gito ifaranga ryarataye agaciro gushika hafi ibice 34% kandi imishahara yo ntiyaduze.