Nipfungishije mu mwaka uheze - kuki nongeye gutwara inda?

Ahavuye isanamu, BETH MCDERMOTT
- Umwanditsi, By Angie Brown
- Igikorwa, BBC Scotland, Edinburgh and East reporter
Igihe abaganga bahanura Beth McDermott kudasubira kuvyara kubera ububabare yagira mu ruti rw'umugongo, yafashe ingingo yo kwipfungisha.
Uwo mugore w'imyaka 31 yahisemwo kwipfungisha mu gihe umuhungu wiwe agira kabiri yari yamuvyaye mu mwaka wahera, abanje kubagwa.
Ariko mu mezi make yakurikiye, yatangajwe n'ugusanga yibungenze.
Uwo muvyeyi w'i Edinburgh agira ati: "Numvise ntameze neza ariko nkibaza ko ari umubiri utaramenyera uburyo bangiriye mu kumpfunga, sinigeze niyumvira ko mfise imbanyi na gato.
"Igihe namenya ko mfise inda, narababaye cane, ntivyakunda ko mpema, umugabo wanje yaguma ambarira 'mbabarira wihangane' kw'iterefone, kandi yaciye yihutira gutaha ubwo nyene agiheza akazi. "
Ibipimo vyo gusuzuma inda hamwe n'igipimo c'ikitaraganya c'amasanamu (scan) vyose vyaremeje ko Beth n'umugabo wiwe Shaun w'imyaka 31, bagiye kuvyara umwana wabo agira gatatu.
NHS Lothian yarasavye ikigongwe Beth n'umuryango wiwe. Bavuga ko igikorwa co kumupfunga cari cagenze neza ku bice birenga 99%. Ariko ubu Beth asaba NHS gukora amatohoza akwiye.

Ahavuye isanamu, BETH MCDERMOTT
Berth yapfungishije kuvyara - hakoreshejwe utwuma ku turingoti dutwara amagi - amaze kuja mu bitaro incuro nyinshi bikanatuma agendera ku ntebe y'abadashobora gutambuka ku mvyaro zibiri za mbere.
Vyongereje ububabare yari asanganywe bw'umugongo bw'ingwara yitwa 'Syndrome de la queue de cheval (cauda equina syndrome)' ituma umuntu akongatara kuva mu mafyinga kumanuka.
Bayimutoye mu 2014 aca arabagwa umugongo.
Yabwiye BBC Scotland News ati: "Mu mezi atandatu sinashobora gutambuka, vyantwaye imyaka ibiri n'igice ngira imyimenyerezo ngororamubiri no gutambuka mfashijwe n'ubundi buhinga, n'ubu ngikeneye.
"Agasaho k'umukoyo kanje n'ubu ntikaravurwa neza.
"Ubuzima bwanje bwagiye mu kaga mu musi umwe."
N'aho Berth agendana ubumuga, yarasubiye kwiga gutambuka akoreshe imbago (béquilles), amaze amezi atandatu agendera ku gatebe k'abafise intege nke.
Avuga ati: "N'ubu ndacababara buri musi."

Ahavuye isanamu, BETH MCDERMOTT
Muganga yari yamubwiye ko ashobora kutazovyara umwana ariko, Berth na Shaun bakundana kuva bafise imyaka 14, bararonse umwana wabo wa mbere Sonny, haraciye imyaka itandatu.
Yongeyeko ati: "Igihe natwara inda, sinari ndavyiteze. Nagize umunezero urenze urugero kuko sinari niteze ko notwara imbanyi.
"Ariko twari dufise ubwoba kubera abaganga bari bavuze ko bitazoroha ko ntwara imbanyi, nari mfise ubwoba ariko dufata ingingo yo kubandanya muri iyo nzira.
"Umugongo usanzwe ubabara iyo umuntu atwaye imbanyi, kuri jewe rero nari nsanzwe mfise ikibazo c'umugongo, narababara cane biranangirako ingaruka mu gutambuka. Naguma ngira uruja n'uruza mu bitaro indwi nyinshi cane nduhira kugendera mu gatebe k'abafise intege nke."
Ubu Berth na Shaun bafise uwundi mwana, Corey, afise amezi indwi.
Agira ati: "Biragoye gufata icemezo co kwipfungisha ariko nari mfise ubwoba cane bwo gusubira gusama kandi nzi ingene inda za mbere zibiri zamereye nabi.
"Urumva narababaye cane kuba narashize icizere muri uko kwipfungisha ariko nkaruhira gusama.
Mu ndwi za mbere, narababaye cane. Nari nafashe ingingo itoroshe yo kwipfungisha ariko vyansavye gufata iyindi ngingo itoroshe yo guhagarika umuti."

Ahavuye isanamu, BETH MCDERMOTT
Uwo muryango wafashe ingingo yo kureka uwo mwana akabaho.
Berth agira ati: "Gufata iyo ngingo ndiko ndakuyakuya umwana wanje w'amezi indwi ndamuraba mu maso vyari bigoye."
Ubu rero Berth asaba abaganga kwihweza ibitagenze neza ariko NHS Lothian ivuga ko ibwira umuntu wese ko kwipfungisha bishobora kwanka ku gice 1%.
Uwurongoye NHS Lothian Dr Tracy Gillies avuga: "Twarasavye ku mugaragaro imbabazi zivuye ku mutima umupfasoni McDermott n'umuryango wiwe ku ngorane vyamuteye."
Yongerako: "Ugupfungwa ku mugore birakunda ku bice 99%, ariko hari igihe bidakunda ku rugero ruto cane aho akaringoti kazibiwe gashobora gusubira gukora ubwo nyene canke inyuma y'umwaka. Ivyo turabiganira n'abatwitura bose imbere yuko tubapfunga.
Umupfasoni McDermott aguma avugana n'abakozi bacu kandi tumuhamagarira kutubwira igihe cose agize ikimutera amakenga".

Ahavuye isanamu, BETH MCDERMOTT
Berth agira ati: "Ubu namaze kwiyakira numva nezerewe ariko kandi mfise ubwoba kubera nzi neza uko vyangengendeye ku nda za mbere.
"N'igitangaza kandi hari impamvu uyu mwana ari ngaha kandi nizeye ko azoba ari umukobwa n'aho nyene igihambaye ari uko umwana wacu yoba afise amagara meza."
Berth yararonse ikete ryanditse rya NHS Lothian ryo kumusaba ikigongwe.
Avuga ati: "N'aho nasabwe ikigongwe ntibikwiye. Nkeneye inyishu."










