Ayagezweho mu ntambara yo muri Ukraine: Kyiv igiye guhabwa indege z’intambara za F-16

Portuguese F16

Ahavuye isanamu, Getty Images

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivugako zizoha uburenganzira incuti zayo z’Uburengero guha Ukraine indege z’intambara za none, harimwo izo mu bwoko bwa F-16 zihingurwa na Amerika, mu gikorwa gikomeye co kwongerereza inguvu Kyiv.

Umuhanuzi w’igihugu mu vyo umutekano Jake Sullivan avuga ko Perezida Joe Biden "yamenyesheje bagenziwe ba G7[umurwi w’ibihugu indwi bitunze gusumba ibindi kw’isi]” ibijanye n’iyi ngingo ejo ku wa gatanu mu nama barimwo mu Buyapani.

Ingabo za Amerika kandi zizokwigisha abadereva b’indege ba Ukraine gukoresha izi ndege, nk’uko Sullivan abivuga.

Ukraine yari imaze igihe kitari gito isaba indege zigezweho, Perezida Volodymyr Zelensky akaba ashima, akavuga ko iyi ari “ingingo y’akataraboneka”.

Amerika itegerezwa kubanza kwemeza ko ibikoresho vyaguzwe n’incuti zayo bishobora gusubira kugurishwa hanze, iyi ngingo ikaba yokwugururira ibindi bihugu inzira yo kurungikira Ukraine indege za F-16 bisanzwe bifise mu bubiko bwavyo.

Ari i Hiroshima, Sullivan yabwiye abamenyeshamakuru ati: "Kuva mu mezi make aheze, twebwe n’incuti zacu twibanze ku gufashisha Ukraine ibirwanisho n’inyigisho ikeneye kugira ngo ikore ibitero muri ino mpeshi no mu ci. Twaratanze ivyo twari twemeye.

"Ubu turiko turavugana ingene twokomeza igisirikare ca Ukraine nka kimwe mu vyo twiyemeje mu gufahsa Ukraine kwirwanira. Mu gihe indege zigiye kurungikwa mu mezi ari imbere, tuzokorana n’incuti zacu kugira turabe igihe izo ndege zizorungikirwa, abazozitanga n’igitigiri cazo”.

Amerika yagumanye impungenge ku kibazo co guha Ukraine indege z’intambara za none, yoyo ikaba yitayeho cane kuyiha ibikoresho vy’intambara yo hasi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abategetsi bakuru b’igisirikare ca Amerika bavuganye na BBC muri kahise ntibabona neza nimba indege z’intambara zatanzwe n’uburengero zishobora guhindura ibintu cane, mu gihe igisirikare c’Uburusiya kirwanira mu kirere kandi gifise uburyo bwinshi cane kitarashobora kwiganzira ikirere kuko gihanganye n’igisirikare ca Ukraine kijejwe gukingira ikirere gifise uburyo bwinshi.

Mu kwa kabiri, Perezida Biden yari yavuze ko ata mugambi wariho wo kurungikira Ukraine indege z’intambara za none.

Ariko Sullivan yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika yahaye Kyiv ibirwanisho ikeneye ku rugamba, hanyuma ko ingingo yo gutangura kuyirungikira indege z’intambara vyerekana ko intambara yinjiye ku rundi rwego.

N’aho iyi mpinduka muri poritike ya Amerika ari ikintu gikomeye, kwigisha abadereva kugendesha indege za F-16 bizofata igihe. Muri iki gihe, Ukraine ifise abadereva bize gutwara indege z’intambara gusumba indege ifise. Ariko n’aho ari uko, kwigisha abadereva b’inzobere kugendesha indege nshasha bishobora gufata amezi ashika ane.

Hampande y’iki , ni ngombwa ko ibihugu vyemera kurungika izi ndege.

F-16 zirakoreshwa cane n’ibihugu bitari bike vya Bulaya no mu burasirazuba bwo hagati, co kimwe na Amerika izihingura. Ariko ikibazo kiri imbere ni ukumenya ibihugu vyiteguye kuzitanga.

Igisirikare kirwanira mu kirere cakoroye drone 20 zo mu bwoko bwa Shahed zateye mw’ijoro ryakeye

Ni mu gihe Uburusiya bubandanya bugerageza gusatira Ukraine isanzwe iriko yitegurira igitero rurangiza co kwirukana umwansi.

Igitero co mu kirere kigize cumi na rimwe kuri Kyiv kuva mu ntango z’uku kwezi kwa gatanu carangiye indege 20 zitagira abadereva zo mu bwoko bwa Shaheds zikorowe, co kimwe n’indege ya maneko, nk’uko bivugwa n’umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare bw’igisagara ca Kyiv, Sergei Popko.

Nk’uko abivuga, ibisigarira vyakorokeye mu turere twa Pechersky, Solomensky, Darnytskyi na Dniprovsky, bikonona inyubakwa, amabarabara n’amamodoka.

Imbere y’aho mw’iri joro nyene, umukuru w’igisagara ca Kyiv, Vitaliy Klitschko, yari yatangaje ko ibisigarira vyaguye mu karere ka Dnipro k’umugwa mukuru Kyiv, vyateje umuriro ku nyubakwa itumwe n’abantu y;’inzu icenda zigerekeranye.

Zelensky yagiriza ibihugu bimwe bimwe vy’Abarabu ‘kwigira sindabibazwa’ muri ino ntambara

Perezida Zelensky yari yitavye inama y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'ibihugu vy'Abarabu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Zelensky yari yitavye inama y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango w'ibihugu vy'Abarabu

Volodymyr Zelensky yagirije abategetsi bamwe bamwe b’ibihugu vy’abaradu “kwigira sindabibazwa” ku gitero c’Uburusiya kuri Ukraine, akaba yabivuze imbere y’uko afata urugendo rumushikana mu Buyapani mu nama ya G7.

Perezida Zelensky yabivuze ejo ku wa gatanu igihe yari yitavye inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’Abarabu muri Arabia Saoudite.

Mu bihugu bigize Umuryango w’Abarabu (Ligue arabe/ Arab League), Syria yonyene niyo yashigikiye ku mugaragaro igitero c’Uburusiya . Ibindi vyagumye birondera kugumana imigenderanire myiza na Moscou.

Zelensky avuga ko ibihugu bimwe bimwe ari ngombwa ko vyihweza imigenderanire yavyo n’Uburusiya.

Zelensky ati: “Ikibabaje ni uko kw’isi ndetse na bamwe muri mwebwe hari abigize sindabibazwa kuri zino mpfungwa z’intambara n’ingendo y’Uburusiya yo kwihagira ubutaka.

“Ndi ng’aha kugira ngo buri muntu ashobore kwihweza ibintu neza, nubwo Abarusiya bagerageza gutera igitsure, ni ngombwa ko haba ubwigenge”.

Muri iyo nama, samuragwa wa Arabia Saoudite, Umuganwa Mohammed bin Salman yasubiye kwemeza ko igihugu ciwe citeguriye kuba umuhuza hagati ya Moscou na Kyiv mu ntumbero yo kurangiza iyi ntambara.