Umugore 'yapfuye' basanze agihema mw’isandugu bagiye kumuhamba

Ifoto yo mu bubiko yerekana isandugu y'abapfuye

Ahavuye isanamu, Philippe Lissac/Godong

Insiguro y'isanamu, Ifoto yo mu bubiko yerekana isandugu y'abapfuye
    • Umwanditsi, Laura Gozzi
    • Igikorwa, BBC News

Abari bagandariye umutamakazi wo muri Equateur baguye mu gahundwe basanze yari akiri muzima.

Bella Montoya w’imyaka 76 yatangajwe ko yapfuye kubera indwara y’imitsi ifatira mu bwonko (accident vasculaire cérébral [AVC]/stroke).

Yashizwe mw’isandugu hanyuma atwarwa mu buruhukiro, aho abanyamuryango bari bagandariye imbere y’uko aja gushingurwa.

Niho, inyuma y’amasaha hafi atanu bugurura iyi sandugu ngo bamuhindurire impuzu kugira bace baja kumuhamba, babonye ariko arahemagirika.

Avuga ingene vyari bimeze amaze kubona ko nyina wiwe agikomeye, umuhungu wiwe, Gilbert Balberán, yavuze ati: "Mama yatanguye akiriza ukuboko kw’ibubamfu, yugurura amaso n’umunwa; yariko ahemagirika”.

Haciye iminota, abajejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka baciye bahashika, bakura Bella Montoya mw’isandugu bamushira ku nderuzo hanyuma baca bamusubiza muri ivyo bitaro nyene vyari vyatangaje ko yapfuye.

Ubu ariko arakurikiranirwa hagufi, ubushikiranji bwa Equateur bujejwe amagara y’abantu bukaba bwaciye bushiraho umurwi wo gutohoza ivyabaye.

Mw’itangazo, ubu bushikiranganji buvuga ko yageze igihe umutima urahagarara kandi ko utwigoro two kumurokora ataco twari twatanze.

Umuganga yari kw’izamu ico gihe yemeje ko yari yapfuye.

Umuhungu wiwe, Gilber Balberán, yasubiwemwo n’ibinyamakuru vyo muri ico gihugu avuga ati: “Mama yari yinjijwe ibitaro hafi isaha zitatu z’igitondo, hanyuma isaha zitandatu muganga aza kumbwira ko yapfuye”.

Avuga ko yari yamaze no guhabwa urupapuro rwemeza ko yapfuye, ruvuga ko yapfuye inyuma y'uko umutima uhagaze biturutse ku ndwara y'imitsi ifatira mu bwonko.

Itororokanirizo ry’amakuru AFP yasubiyemwo Balberán avuga ati: "Buke buke ndiko ndabona icabaye. Ubu ndiko ndasaba ko amagara ya mama wanje akomera. Nipfuza ko akira tugasubira kuba kumwe”.

Bella Montoya si we wenyene "ahembutse" inyuma yo gutangazwa ko yari yamaze gupfa.

Mu kwa kabiri, umutamakazi w'imyaka 82 yatowe agihema mu gihe yari mu buruhukiro mu ntara ya New york. Hari haciye amasaha atatu atangajwe ko yamaze gupfa.