Igisirikare c’Ubushinwa cavogereye Taiwan, niko reta yayo ivuga

Muri Myandagaro kandi, Ubushinwa bwakoze imyimenyerezo ikomeye cane mu micungararo ya Taiwan

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Muri Myandagaro kandi, Ubushinwa bwakoze imyimenyerezo ikomeye cane mu micungararo ya Taiwan

Na Raffi Berg

BBC News

Ubushinwa bwavogereye ku rugero rutari bwigere rubaho amazi n’ibirere vya Taiwan, nk’uko reta yayo ibivuga.

Ivuga ko indege 71 z’igisirikare kirwanira mu kirere, harimwo iz’intambara na zimwe zitagira abadereva (drones), zinjiye mu citwa akarere ka Taiwan ko gucungereramwo ikirere.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivuga ko iki gikorwa ca gisirikare c’Ubushinwa ari ico “guhungabanya” kandi gitosekaza “amahoro n’umutekano mu karere”.

Taiwan irigenga – ariko Ubushinwa buyifata nk’intara ishaka kwiyonkora, kandi ko impera n’imperuka izosubizwa mu ruhongore.

Muri ano mezi ya vuba, icuka kibi cariyongereye hagati y’izi mpande zibiri.

Muri Myandagaro (8), Pékin/Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa) yararakajwe n’urugendo umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika Nancy Pelosi yakoze muri iryo zinga, umutegetsi wa mbere mukuru wa Amerika yari agendeye Taiwan mu myaka 25.

Mu kwihora kuri urwo rugendo, Ubushinwa bwakoze imyimenyerezo ya gisirikare ya mbere ikomeye mu mazi akikuje Taiwan, yongera ihagarika n’ubudandaji bumwe bumwe n’iryo zinga.

Umushikiranganji wa Taiwan ajejwe imigenderanire Joseph Wu yariyamirije ico gikorwa c’Ubushinwa ico gihe, aho yavuze ko ari agasotoro ko ku rwego rwo hejuru.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubushinwa ntiburigera buvuga ko butazohava bukoresha inguvu kugira ngo bwigarurire Taiwan.

Ejo ku wa mbere, umushikiranganji wa Taiwan ajejwe kvivuna abansi yavuze ko indege 43 zajabutse umurongo wo hagati, akarere kigenga kagabura impande zibiri.

Ubushinwa buvuga ko bwakoze “imyimenyerezo yo kurasa” mu micungararo ya Taiwan ku wa Mungu mu kwihora ico buvuga ko kari agasomborotso k’iryo zinga na Amerika.

Umutegetsi wa Maison Blanche/White House ari mu Nama nkuru y’igihugu ijejwe umutekano avuga ko Amerika irajwe ishinga n’ibi bintu biherutse kuba, akongerako y’uko “izobandanya ifasha Taiwan mu gukomeza ubushobozi bwayo bwo kwirwanako”.

Washington yamye na ntaryo yinengesera kuri kino kibazo ca Taiwan.

Ku ruhande rumwe, irashigikira poritike y’igihugu kimwe c’Ubushinwa, inkingi y’ubucuti na Pékin. Muri ino poritike, Amerika iremera ko hari reta imwe y’Ubushinwa, kandi ikaba ifitaniye ubucuti buzwi na Pékin hakubugiriranira na Taiwan.

Hagati aho, ibandanya ifitaniye ubucuti bwa hafi cane na Taiwan, mbere ikanayigurishako ibirwanisho mu masezerano yiswe Taiwan Relations Act ( mu Kirundi twogereranya na ‘Itegeko rigenga imigenderanire na Taiwan’), akaba avuga ko Amerika itegerezwa guha iryo zinga uburyo bwo kwivuna umwansi.

Taiwan