Mukansanga: Kuva mu Rwanda gushika Qatar 2022 - 'kwugururira' abandi bagore

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunyarwandakazi Salima Mukansanga yizeye ko kuba yatowe ngo ahagarikire inkino z'igikombe c'isi 2022 bizofasha kwugurura imiryango ku bandi bagore bo muri Afrika bavyifuza.
Muri uyu mwaka, yabaye umugore wa mbere mu guhagarikira urukino rw'abagabo mu gikombe ca Afrika, mu gihe mu mwaka uheze yari yahagarikiye mu nkino za Olympic i Tokyo.
Uwo mugore w'imyaka 34 yizigiye ko kuba ari mu bagore batandatu ba mbere b'imboneza -hamwe na bagenziwe batatu b'abahagarikizi Stephanie Frappart na Yoshimi Yamashita hamwe n'abunganizi b'abahagarikizi batatu nyene - mw'ihiganwa ry'abagabo bizotanga amahirwe ku bagore benshi.
Mukansanga yabwiye BBC Sport Afrika ati: "Ni iteka n'ibakwe kuko ntivyari bwigere biba".
"Bivuze ko ugiye kuba uwa mbere kandi ugiye kwugurura umuryango ku bandi bagore, na cane cane abagore bo muri Afrika."
"Uba wiremetse vyinshi ku bitugu vyawe, kandi utegerezwa kuvyiremeka neza, kugira abandi babone ko umuryango wuguruye ubu bashobora kuwucamwo.
"Biraryoshe kandi ni amahirwe abagore baronse. Bisigura ko amahiwe ahari - ni twebwe rero dutegerezwa kuyafata hanyuma tukayakoresha mu gutera imbere."
Mukansanga asanzwe ari umumenyereza w'urwego rw'umupira w'amaguru kuva mu 2012, yavuye kure imbere yo gushika mu rwego rwa mbere rw'umupira w'amaguru muri Afrika igihe yaja guhagarikira muri Cameroun.
Akiri umukobwa muto, yabwiwe ko atari bwakure bihagije kugira aje mu mugwi w'igihugu w'abatarakwiza imyaka 17 muri basketball gutyo aca ahitamwo gushimikira ku mupira w'amaguru.
Amaze akanya gato nk'umukinyi, yabonye itangazo ryo guhamagara abashaka kwiga ivyo guhagarikira - kandi nti bwari ubwa mbere -ati ivyo ntivyoncika.
Yaciye yegera urwego rw'Urwanda rw'umupira w'amaguru (Ferwafa) asaba kuja mu cigwa c'uguhagarikira buno nyene agiheza amashure yisumbuye ariko baramwankira, naho nyene bashingiye ku myaka yiwe.
Gutyo Mukansanga yacviye yiyigisha wenyene ivyo guhagarikira, amategeko y'urukino, mu nyuma arahava arahabwa amahirwe na Ferwafa yo kwigana n'abandi bashaka kuba abahagarikizi.
Iyo nzira itamworoheye ubu yamuvanye guhagarikira inkino z'abagabo mu gihugu ciwe c'Urwanda, ashika mu gikombe ca Afrika c'abagore co mu 2016, mu gikombe c'isi c'abagore mu 2019 hanyuma no mu nkino za Olympic zabereye Tokyo.
Mu Buyapani yahagarikiye inkino z'abagore z'Ubwongereza na Chili na Australia n'urwa Hollande n'Ubushinwa.
Itariku 18 ukwezi kwa mbere yanditse amateka ari mu yatumye ashika ku ntabwe agezeko ubu. Niwe yari ahagarikiye mu kibuga hagati urukino rw'abagabo rwahuza Zimbabwe na Guinea mu gikombe c'isi ca Afrika cabereye muri Cameroun.
Intambwe y'igitangaza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe yari yabanje kwankirwa akatari gake hanyuma akakirwa ata gishika cinshi mu gisata gisanzwe ciganziwe n'abagabo, uwo munyarwandakzi yarahanganye n'intambamyi zijane n'uwo mwuga.
Asigura ati: "Dutegerezwa gukora cane, cane cane mu gisata ciganziwe n'abagabo. Utegerezwa gukora incuro zibiri gusumba.
"Hanyuma ukaba uvyiyumvamwo cane, kuko udafise kuvyiyumvamwo, uca uruha hanyuma ukabiheba. Ariko ntidushaka guheba.
"Dutegerezwa kuba twateye intambwe imbere hanyuma tugakorera hamwe, tugakira ico dushitseko hanyuma uruganba tukarufatanya."
Umwigisha mu vyo guhagarikira wo mu rwego rw'umupira muri Afrika (Caf) Jerome Damon yemeza ko Mukansanga aho ageze ahakwiye vy'ukuri, kuba yahagarikiye inkino za mbere zikomeye ku rwego rw'umugabane wose haba mu bagabo canke mu bagore.
Damon avuga ati: "Ni intambwe y'igitangaza- ari mu kibanza kimuha amahirwe ata wundi afise aho ari umwe muri bake bashobora kuja mu gikombe c'isi c'abakuze mu bagabo no mu bagore".
"Ntivyari bwabe muri kahise, ivyo bivuga vyinshi kw'iterambere ry'uguhagarikira muri Afrika."
Damon, yahagarikiye mu mahiganwa y'ibikombe bine vya Afrika, avuga ko abo bagore batandatu batowe ubwa mbere muri kahise k'igikombe c'isi bashitse muri ivyo bibanza babikwiye -kandi hazorabwa cane ivyo bazokora kurusha ko ari ab'igitsinagore.
Ashimika avuyga ati: "Dukeneye gutahura ko kuba abagore bashizwe mu mahiganwa bitabaye kubera ari abagore. Ni ukubera babishoboye, kuko ari abahagarikizi ku rwego rwo hejuru".
Gushigikira abagore "bizovyara umusaruro"

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mukansanga azoba ari kumwe muri Qatar na Frappart wo mu Bufaransa na Yamashita wo mu Buyapani, hamwe n'abunganizi b'abahagarikizi Neuza Back wo muri Bresil, na Karen Diaz Medina wo muri Mexique hamwe na Kathryn Nesbitt wo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika (US).
Mukansanga ati: "Turashigikirana kuko tuva mu mihingo itandukanye ariko tugiye kuzokorera hamwe kugira abagore bashobore ".
"Umugore ashigikiye uwundi mugore, nta keka muzobona umusaruro.
"Hari inzitizi, hari imitego hari ingorabahizi. Tugiye guhangana n'ivyo. Nta na kimwe dushobora kubikorako kiretse kuja kurugamba n'umutima uri hmwe, n'umwete hanwe no kwitanga - aho rero tuzoheza tubineshe."
Mukansanga yahagarikiye urukino rw'umupira w'amaguru ahantu hambere hakirurutse ku musozi wa Kilimanjaro muri Tanzania haraheze imyaka itatu, arazi ko i Qatar azoba ahanzwe n'amaso menshi kurusha uravye ingene igikombe c'isi ari ihiganwa rya mbere rikomeye muri uwo mukino.
"Abantu ntibashobora kwama bagushima, na cane cane uwutsinzwe.
Wewe ico ukora rero ni ugukora ico utegerezwa gukora - kuguma ku murongo, ntuje inyuma y'ingene amategeko y'umukino ategerezwa gutahurwa, uyakurikize hamwe n'ico urukino rusaba.
"Hanyuma , basubiye inyuma bakaraba, bazovuga bati, 'Ego, ivyo yakoze vyari vyo."










