Imvo n'Imvano ku gateka ka zina muntu mu Burundi (igice ca mbere)

Imvo n'Imvano ku gateka ka zina muntu mu Burundi (igice ca mbere)

Ndabaramukije nongera ndabaha n’ikaze mu kiganiro c’Imvo n’Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 31 ukwezi kw’umunani mu 2024.

Ikiganiro c’uyu musi cerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi. Amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike aguma yagiriza intwaro ya Evariste Ndayishimiye ko ata ho itandukaniye n’izindi zayibanjirije.

Bayagiriza gusinzikaza ubuzima bw’abantu, kupfungira abantu ubusa, kunyuruza hamwe no kwica. Avuga kandi ko imigambwe yacecekeshejwe. Ikindi bavuga, ni abamenyeshamakuru baguma baterwa ubwoba mbere bigashika bagapfungwa bazize umwuga bakora.

Mu cegeranyo giheruka ca Amnesty International, kivuga ko ivyaha bikunze kwagirizwa abatavuga rumwe na reta ari ‘Ukugumuka’ hamwe no ‘Kubangamira umutekano w’igihugu.’ Imigambwe itavuga rumwe na reta na yo nyene ivuga ko iburabuzwa.

Ivyo ariko reta irabihakana. Ivuga ko Prezida Ndayishimiye ashira imbere iyubahirizwa ry’amategeko, ko umuntu wese ayarenze ahanwa hisunzwe ico amategeko avuga. Imigambwe ngo irakora ukuri kwamye kandi n’abamenyeshamakuru ngo ntawubarya ugwara.

None ni vyo koko agateka ka zina muntu karubuharijwe mu Burundi? Nta bantu bagipfungwa bazira ubusa? Ntabakinyuruzwa? Nta bamenyeshamakuru baburabuzwa? Imigambwe irakora ata nkomanzi?

Ivyo ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri kino kigani c’Imvo n’Imvano. Muri kumwe na Cyriaque Muhawenayo.

Kugira tumenye uko ibintu vyifashe koko mu Burundi, twatumiye Dr Sixte Vigny Nimuraba arongoye akanama k’igihugu kajejwe agateka ka zina muntu, Gatoni Rosine Guilene, umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Mireille Kanyange arongoye ikigo c’abamenyeshamakuru mu Burundi “Maison de la presse”, hamwe kandi na Léonce Ngendakumana wo mu mugambwe Sahwanya FRODEBU.