Zimwe mu mpuzu zambawe n'Umwamikazi Elizabeth II zigiye gushirwa ahabona

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Sean Coughlan
- Igikorwa, Akurikirana inkuru z'ibwami
Imideri yagiye irahinduka y'umuhisi Umwamikazi Elizabeth II igiye kuzokwerekanwa mw'ishirwahabona rikomeye mu mwaka uza ku kirimba ca Buckingham.
Bizoba ari impuzu n'ibindi vyambarwa bishika 200, birimwo amakanzu n'ibitako, inkofero n'ibirato, mu kivugwa ko ari ryo shirwahabona rya mbere rinini ry'ivyambarwa vy'umwamikazi.
Iryo shirwahabona, rizokwerekana ivyo yambaye mu bwana no mu myaka mirongo yamaze ku ngoma, rizohurirana n'imyaka 100 izoba iheze avutse.
Hazoba harimwo ikanzu yambaye ku munsi w'ubugeni bwiwe, yashonywe mu 1947 n'umunyamideri Sir Norman Hartnell.

Ahavuye isanamu, ROYAL COLLECTION TRUST
Iryo shirwahabona rizokwugururirwa mu kibanza cerekanirwamwo ivy'ibwami King's Gallery ku kirimba ca Buckingham ku mpeshi yo mu mwaka uza, ryerekane ingene intambwe z'ubuzima bw'Umwamikazi Elizabeth zagiye zirakurikirana biciye mu vyo yagiye arambara haba mu manza z'icese canke iyo atari mu bikorwa vy'ubwami.
''Ububiko'' bw'impuzu z'umwamikazi, yapfuye ku myaka 96 mu 2022, ubu buri mu minwe y'ikigo Royal Collection Trust, ari naco catangaje iryo shirwahabona.
Bimwe mu vyambarwa vya kera bikiriho muri ubwo bubiko ni ikanzu y'ifeza n'iyindi ishonywe muri 'tulle', yambaye afise imyaka munani mu 1934 ku bugeni bwa sewabo Duc wa Kent.

Ahavuye isanamu, ROYAL COLLECTION TRUST
Impunzu zarashobora kandi kubamwo ubutumwa bw'imigenderanire, nk'akarorero ikoti y'amabara y'urwatsi rutoto n'iryera yari yakorewe inzimano y'igihugu muri Pakistan mu 1961, hamwe n'ikanzu vyahura n'amabara y'igihugu.
Ayandi makanzu y'amabara y'imideri yo mu myaka ya 1970 azoba ari mu zerekanwa, hamwe n'ibicapo n'amakete yanditse n'intoke yerekeye ugucagura ivyambarwa.
Hazokwerekanwa kandi impuzu za minsi yose z'Umwamikazi, harimwo amakoti yambara ariko aragendera kw'ifarasi, ijipo z'abanya-Ecosse hamwe n'ibitambara vyo gupfunga mu mutwe.

Ahavuye isanamu, ROYAL COLLECTION TRUST
''Mu mwaka yobaye akwije imyaka 100 y'amavuka, iri shirwahabona rizoba ari umunsi mukuru w'Umwamikazi Elizabeth ku muderi wiwe w'Ubwongereza yari yisangije hamwe n'iragi ryiwe mu mideri n'ubu ridacika,'' ku bw'uwahisemwo ibizoja mw'ishirwahabona, Caroline de Guitaut.
Yavuze ko iryo shirwahabona rizokoresha iyo mideri mu ''kuvuga inkuru y'ubuzima bw'ugucagura wiyumviriye - kuva ku mabanga yiwe no gutahura ububasha bushobora kwinyegeza inyuma y'ivyo umuntu yambaye, gushika ku buhinga budasanzwe bwinyegeje muri buri cambarwa''.

Ahavuye isanamu, ROYAL COLLECTION TRUST












