Perezida Samia wa Tanzania yakoranije inama yihuta ya SADC kuri RDC yitabwe na Tshisekedi

Ahavuye isanamu, Ikulu_Tanzania @ikulumawasliano
Ejo ku wa kabiri, Perezida Samia Suluhu wa Tanzania yarakoranije inama yihuta y'urwego rwa SADC rujejwe poritike, kwivuna abansi n'umutekano, mu gisagara ca Dar es Salaam.
Itangazo ryasohowe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Tanzania ntirivuga ivyaganiriweko muri iyi nama y'uru rwego rw'iri shirahamwe rijejwe iterambere rihurikiyemwo ibihugu vy'ubumanuko ku bijanye n'ikibazo c'amahoro n'umutekano w'ako karere.
Perezida Samia yabonanye na Perezida Hakainde Hichilema wa Zambia hamwe na Perezida Lazarus Chakwera wa Malawi bitavye iyi nama bo nyene ubwabo, mu gihe Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo na Perezida Felix Tshisekedi wa RD Congo bayitavye bifashishije ubuhinga bwa none.
Iryo tangazo ryasohowe inyuma y'inama y'uru rwego rwa SADC ryavugishije benshi ku mbuga hwaniro, aho abatari bake basaba ko iri shirahamwe ryotorera vuba na bwango umuti w'indyane zibandanya muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Umuhari M23 ushigikiwe n'Urwanda uherutse gutangaza ko wigaruriye Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru, mu buseruko bw'iki gihugu, inyuma y'igitero cagiye ku muvuduko munini, aho uno muhari watsinze igisirikare ca Congo gifashwe mu mugongo n'ingabo za SADC hamwe n'iza MONUSCO.
Ku wa 25 Nzero (1), ibiro vy'umunyamabanga mukuru wa SADC vyasohoye itangazo vyiyamiriza ibitero vya M23 muri aka karere k'ubuseruko bwa Congo, binavuga kandi ko ibi bitero bihonyanga ubwigenge, ubusugire, amahoro n'umutekano vya Congo hamwe n'akarere kose ka SADC.
Bitegekanijwe ko kuri uno wa gatatu i Nairobi ku mugwa mukuru wa Kenya abakuru b'ibihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko bakorana kugira ngo bige ikibazo c'umutekano mu buseruko bwa Congo, ariko ntibizwi nimba Perezida Felix Tshisekedi na mugenziwe w'Urwanda Paul Kagame baza kuyitaba, nubwo hari amakuru avuga ko bashobora kutayitaba.
Ingabo za SADC zarungitswe muri Congo mu ntango z'umwaka uheze wa 2024 zisubiriye izari zarungitswe n'ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko zari zashizweho n'iri shirahamwe mu 2022 mu ntumbero yo gufasha kugarukana umutekano muri ako karere k'ubuseruko bwa Congo. Ariko reta ya Tshisekedi yahavuye asaba ko zitahukanwa kuko yabona ko ataco zariko ziramufasha mu kwikurako M23.
Irungikwa ry'izi ngabo za SADC, zizwi nka SAMIDRC, ntiryabujije ko M23 ibandanya yiyagurira akarere, mu kugenda ifata ibice bitari bike vy' intara ya Kivu ya Ruguru, ubu ikaba yaraye yigaruriye Goma.
Hagati aho, umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU António Guterres yaraye agenye umukuru mushasha wa MONUSCO, ubutumwa bw'ingabo za ONU zarungitswe kubungabunga amahoro muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Liyetena Jenerali Ulisses De Mesquita Gomes, umunya-Brezili agenywe ngo asubirire umunya-Senegal, Liyetena Jenerali Khar Diouf yari arongoye ubu butumwa vy'imfatakibanza, kuva muri Gitugutu (10) 2023.
Liyetena Jenerali Gomes ni inararibonye mu bijanye no gutorera umuti ingorane, gutatura amatati no kubungabunga amahoro, ibikorwa amazemwo imyaka 35.
Hampande y'amabanga atandukanye yaranguye mu vya gisirikare mu gihugu ciwe ca Brezili, yararanguye kandi n'ayandi ku rwego mpuzamakungu, harimwo n'irungikwa ryiwe mu butumwa bwa ONU muri Haiti (MINUSTAH) mu 2008-2009, hamwe no kurongora umurwi ujejwe ibikorwa n'imigambi vya gisirikare, mu biro vy'umukuru w'igisata ca gisirikare mw'ishirahamwe ONU kuva mu 2017 gushika mu 2019.










