Menya ingene imyiyerekano y'aba-Gen Z yatumye prezida wa Madagascar abogoza reta yiwe

Ahavuye isanamu, Gamma-Rapho via Getty Images
- Umwanditsi, Omega Rakotomalala
- Igikorwa, BBC Monitoring
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyagihugu ba Madagascar barihaye amabarabara mu turere dutandukanye tw'igihugu haraheze indwi, mu myiyerekano itari bwigere iboneka muri iryo zinga ryo mw'ibahari Indiano mu myaka irenga 15.
Icatanguye nk'ikena ry'ivya nkenerwa nticatevye kuba kimwe mu bibazo ngorabahizi bihanze Perezida Andry Rajoelina ari ku butegetsi ku ncuro ya kabiri kuva mu 2018.
Ku wa mbere, vyabaye ngombwa ko yirukana reta yiwe ariko ntiyashoboye guturisha abari mu myiyerekano, ubu bariko basaba ko nawe nyene akura meza.
Muri iyo migumuko abantu nibura 22 baramaze kwicwa abandi barenga 100 barakomereka, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ONU, nubwo reta y'ico gihugu yiyamiriza ivyo bitigiri, ikavuga ko bishingiye "ku bihuha no ku makuru atari yo".
Ni igiki cateje iyi myiyerekano?
Ibintu vyatanguye kugorana inyuma y'ihagarikwa ry'abanyaporitike babiri bakomeye ku wa 19 Nyakanga (9) uno mwaka, bari bateguye imyiyerekano y'amahoro ku mugwa mukuru, Antananarivo, ku bibazo vyananiranye vy'ikena ry'umuyagankuba n'amazi.
Abanyagihugu bamara amasaha n'amasaha ishirahamwe rya reta rijejwe amatara n'amazi muri ico gihugu, Jirama, ritabaha umuyagankuba n'amazi.
Benshi babonye ko ihagarikwa ry'aba banyaporitike kwari ukugerageza kuzivya abubahutse kugira ico bashikirije, ivyatumye abanyagihugu bashangashirwa, maze amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike aca afata ikibazo mu minwe, hongera hashingwa umuhari w'urwaruka uzwi nka Gen Z Mada.
Iyi myiyerekano yarakwiye hanze ya Antananarivo, gushika mu bindi bisagara umunani muri iryo zinga. Ubu nta kimenyetso cerekana ko ibintu bishobora guhagarara.
Bafise ivyapa, abari mu myiyerekano biyamiriza ubukene bw'umuyagankuba, bakagiriza reta ko yananiwe no kwubahiriza uburenganzira shingiro bwabo.
Abaharanira uburenganzira bw'abanyagihugu bagiriza kandi ko iryo shirahamwe rijejwe umuyagankuba ko ryamunzwe n'ugiturire.
Ni ba nde bari muri iyo myiyerekano?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu ntango, Gen Z Mada yari ihagarariye urugamba rwariko rubera ku mbuga hwaniro nka Facebook na TikTok. Mu nyuma hashingwa komite ijejwe gutegura iyindi myiyerekano inyuma y'inama hagati ya Gen Z Mada, abashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n'abanyaporitike.
Imyiyerekano imaze gutangura, ayandi mashirahamwe yaciye yinjira. Amasendika y'abakozi atari make, harimwo sendika ya mbere nini mu gihugu, izwi nka, Malagasy Trade Union Solidarity (twogereranya mu Kirundi na Ubumwe bw'abakozi ba Madagascar), yarashizemwo inguvu muri uru rugamba rurongowe n'urwaruka.
Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike asaba ibiganiro vyorongorwa n'amashengero "kuriga ngo Madagascar ntihave igwa mu kajagari canke mu ntambara".
Ku wa gatatu, umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi Siteny Randrianasoloniaiko n'uwahoze ari umukuru w'ico gihugu Marc Ravalomanana basohoye itangazo rusangi, ibitari bimenyerewe, aho bamenyesheje ko bashigikiye iyi myiyerekano.
Aba banyaporitike bompi baranse kwemera ivyo bemerewe kugira ngo bashigikire reta ya Rajoelina, bavuga ko kwoba ari "ubuhemukira" abanyagihugu ba Madagascar.
Abari muri iyi myiyerekano bashaka iki?
Iyi myiyerekano ntirasohora integuro y'ivyo baharanira ariko icatanguye nk'ugushangashirwa kw'abanyagihugu cavuyemwo uguharanira impinduka mu vya poritike.
Benshi mu rwaruka basanzwe bakora ubuzi butabaha icizere kandi butabahemba neza basaba ko umukuru w'igihugu atanga imihoho, bakamwagiriza ko ari we ntandaro y'ibibazo barimwo.
Ku wa gatatu, abari mu myiyerekano ku mugwa mukuru babonetse bazungagiza amabendera n'ivyapa bifise amajambo ngo "Rajoelina tuvireho".
Umuvugizi w'aba- Gen Z Mada yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko bashaka ko umukuru w'igihugu atanga imihoho kandi "Inama nshingamateka igatosorwa".
Bashaka kandi ko Rajoelina abazwa abantu bavugwa ko bishwe n'inzego z'umutekano.
Bamwe mu bakoresha imbuga hwaniro basaba kandi ifutwa ry'umurwi ujejwe amatora hamwe n'abagize sentare nkuru y'igihugu.
Reta ivyifatamwo gute ?

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
Inzego z'umutekano ziranyagara hose muri Antananarivo no mu bindi bisagara bikuru bikuru, igipolisi kigakoresha ivyuka bikoroza amosozi n'ibimodoka bitera amazi mu gusanzaza abari mu myiyerekano.
Ku mugwa mukuru, hashinzwe amategeko yo kutava muhira kuva bugorovye gushika mu gitondo, inyuma y'uko havuzwe ubugizi bwa nabi n'ugusahura, harimwo no guturira inyubakwa z'ibiro vy'ubushikiranganji bujejwe ikigega ca reta.
Igihe Rajoelina yirukana reta yiwe, yagirije bamwe mu bashikiranganji biwe ko bananiwe no gukora neza akazi kabo.
Umukuru w'igihugu yasavye ituze, aca abemerera ko Ibanki y'Isi yose izotanga amafaranga mu gushigikira utwigoro two gutorera umuti ikibazo c'umuyagankuba.
Yiyemeje kandi gufasha bene amaduka yasahuwe, aca asaba ibiganiro n'urwaruka.
Ariko ibi ntibirashobora guturuza uburakari bw'abanyagihugu bwiyongereye kubera uruhigi ku bari mu myiyerekano.
Amashure ku mugwa mukuru hamwe no mu turere two mu micungararo yawo yarugawe mu ndwi iheze, kubera ubwoba ko ibintu vyashobora kuyangara.
Abategetsi babandanya bavuga ko amakoraniro atatangiwe uruhusha ateza ingorane ku mutekano w'abanyagihugu.
Ubuzima bumeze gute muri Madagascar?
Madagascar ni kimwe mu bihugu bikenye kw'isi, aho 75% vy'abanyagihugu babayeho munsi y'umurongo w'ubukene, nk'uko bivugwa n'Ibanki y'Isi yose.
Hafi ica gatatu gusa c'abanyagihugu ba Madagascar bangana n'imiriyoni 30, ni bo bafise umuyagankuba, nk'uko bivugwa n'Ikigega mpuzamakungu, FMI.
Umwe mu bari mu myiyerekano yabwiye AFP ko "ubuzima bw'abanyagihugu ba Madagascar buriko burananirana kandi bugenda buba nabi cane uko bukeye uko bwije".

None umukuru w'igihugu yoba ageramiwe?
Umuhinga mu vya poritike akaba n'umwe mu baharanira uburenganzira bwa muntu Ketakandriana Rafitoson yabwiye AFP ko iyi myiyerekano ishobora kumara igihe kirekire kandi ikiyongera ari nka hamwe abategetsi bobandanya bizera inguvu mu gutuza abo batavuga rumwe aho gushira imbere ukurangura ivyo bategerezwa.
Avuga ko "ibi bishobora gutuma abanyaporitike bicamwo ibice, hakaduka imvugo ikomeye yo kwiyamiriza igifatwa nk'abanyamahanga bivanga mu buzima bw'igihugu, n'isenyuka ry'ubutunzi".
Ariko mu gushiraho amategeko abuza abantu kuva mu mazu no guhakana ibiharuro bitangwa na ONU ku bakomeretse no ku bapfuye, reta ishobora kuba iriko yerekana ko igiye kurushirizaho gutuza iyi myiyerekano aho gushira imbere umwumvikano.
Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko ukugenzura ibinyamakuru hamwe n'inzego nkuru nkuru, bishobora gufasha Rajoelina akanesha abamugeramiye.
Abahinga mu bijanye n'intwaro ibereye bavuga ko ikintu gihambaye cane coba ari uko igisirikare cokwanka amabwirizwa yo gutuza abari mu myiyerekano.
Umuvugizi w'umukuru w'igihugu Lova Ranoromaro yavuze ku mbuga hwaniro ngo "ntidushaka iterambagazwa ry'ubutegetsi, kuko itembagazwa ry'ubutegetsi risenyura igihugu, kuko itembagazwa ry'ubutegetsi risenyura kazoza k'abana bacu".
Kuva ironse intahe y'ukwikukira, Madagascar yagiye ihungabanywa n'imigumuko y'urudaca, harimwo n'imyiyerekano ikomeye yo mu 2009 yatumye uwahoze ari umukuru w'igihugu Ravalomanana atanga imihoho, maze Rajoelina abona gushika ku butegetsi ku ncuro ya mbere.
Rajoelina yasubiye gutorwa mu 2018 hamwe no mu 2023 mu matora yiyamirijwe kandi atitabwe n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi.













