Sri Lanka: Abari mu myiyerekano batereye ikirimba c'umukuru w’igihugu, nawe agiye gutanga imihoho

Abari mu myiyerekano binjiye mu kirimba c'umukuru w'igihugu baririmba ivyivugo bafise n'ibendera ry'igihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano binjiye mu kirimba c'umukuru w'igihugu baririmba ivyivugo bafise n'ibendera ry'igihugu

Umukuru w’igihugu ca Sri Lanka Gotabaya Rajapaksa yatangaje ko agiye gutanga imihoho inyuma y’aho abari mu myiyerekano nijoro batereye ikirimba ciwe bakanaturira inzu y’umushikiranganji wa mbere.

Yaba umushikiranganji wa mbere, yaba umukuru w’igihugu, nta n’umwe yari muhira igihe ii vyaba.

Amajana n’amajana y’abari mu myiyerekano barihaye amabarabara ku mugwa mukuru Colombo, basaba ko Rajapaksa ava ku butegetsi inyuma y’imyiyerekano imaze amezi atari make biyamiriza isesagura ry’ubutunzi.

Perezida Rajapaksa ategekanya gutanga imihoho ku wa 13 Mukakaro (uku kwezi kw’indwi), ni ukuvuga ku wa gatatu. Umushikiranganji wa mbere Wickremesinghe na we nyene yemeye gutanga imihoho.

Umukuru w’inama nshingamateka avuga ko umukuru w’igihugu yafashe ingingo yo gutanga imihoho “kugira ngo ashikirize ubutegetsi mu mahoro” anatera akamo abanyagihugu “kwubaha amategeko”.

Amaze gutangaza iyi ngingo, igisagara cose cuzuye akanyamuneza.

Inyuma y’ivyaraye bibaye nijoro ku wa gatandatu, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye ubutegetsi bwa Sri Lanka gukora ningoga kugira ngo batorere umuti izi ngorane zishingiye ku butunzi muri ico gihugu.

Umwe mu bari mu myiyerekano, Fiona Sirmana, yari mu bateye inkirimba, avuga ko hageze “kwikurako umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere tugatangura ibihe bishasha muri Sri Lanka”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ati: “Numva mbabaye, ndababaye cane kubera batahavuye hakiri kare kuko iyo bagenda hakiri kare nta vyari kwononekara”.

Mu myiyerekano y’ejo ku wa gatandatu, hari abatari bake bakomeretse, umuvugizi w’ibitaro bikuru vya Colombo akaba yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko abantu batatu bariko baravurwa ibikomere vy’amasasu.

Sri Lanka iri mu bibazo vy’ifaranga ryataye agaciro bikomeye, bikaba bitayoroheye kwinjiza ibifungurwa, ibitoro n’imiti, ibikuye hanze, mu gihe igihugu gihanzwe n’ingorane z’ubutunzi itari bwigere ibaho mu myaka 70.

Yaherewe n’amafaranga mvamakungu, bica biba ngombwa ko ibuza igurishwa ry’iresansi (essence) n’amazutu ku mamodoka y’abigenga, ivyatumye haba imirongo miremire imaze imisi y’abarondera igitoro.

Ivyaraye bibaye nijoro, ibintu bidasanzwe, bisa n’ivyerekana ko ibintu vyayangaye mu myiyerekano y’amahoro yari imaze amezi muri Sri Lanka.

Isinzi ry’abantu bahuriye ku kirimba c’umukuru w’igihugu Rajapaksa, baririmba ivyivugo, bafise n’ibendera ry’igihugu imbere y’uko basenyura uruzitiro bakinjira muri iyo nyubakwa.

Insiguro ya video, Ingene abari mu myiyerekano bigaruriye ikirimba c'umukuru w'igihugu ca Sri Lanka

Amavidewo yazungurutse ku mbuga hwaniro yerekana abantu bitera muri ico kirimba, boga muri pisine (piscine) y’umukuru w’igihugu, mu gihe abandi nabo bariko bayora ivyari mu bubati, basaka amatungo ya perezida mbere banakoresha ubwogero bwiwe bw’agahebuza.

Ubudasa hagati y’iki kirimba giteye igomwe n’amezi iki gihugu c’imiriyoni 22 z’abantu kimaze mu bibazo ntibwaciye mu ryahumye abari mu myiyerekano.

Chanuka Jayasuriya yabwiye Reuters ati: "Abantu baje kwimara ishavu kubera igihugu kiri mu ngorane nk’izi. Iyo ubonye ivyiza vy’akaroruhore muri ino nzu, biragaragara neza ko aba bantu ata mwanya bafise wo gukorera igihugu”.

Abari mu myiyerekano bariko bifata amafoto bari mu kirimba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano bariko bifata amafoto bari mu kirimba
Abari mu myiyerekano bari mu munezera imbere mu kirimba c'umukuru w'igihugu i Colombo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abari mu myiyerekano bari mu munezera imbere mu kirimba c'umukuru w'igihugu i Colombo

Amakuru atangwa na Reuters avuga ko ku wa gatanu Perezida Rajapaksa yavuye mu kirimba ciwe mu kwicungera amaze kwumva ko hari imigumuko yari itegekanijwe, nk’uko amasoko abiri yo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi abivuga.

N’aho ari ikirimba ca Rajapaksa, akunze kwirarira mu yindi nzu iri mu micungararo.

BBC ntirashobora kumenya aho umukuru w’igihugu yinyegeje.

Abari mu myiyerekano kandi baturiye inzu y’umushikiranganji wa mbere Wickremesinghe yiwe bwite iri muri karitiye y’abakire i Colombo. 

Inzu y'umushikiranganji wa mbere wa Sri Lanka Ranil Wickremesinghe yaraturiwe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Inzu y'umushikiranganji wa mbere wa Sri Lanka Ranil Wickremesinghe yaraturiwe

Imbere y’aho, yari yatangaje ko yari afise ishaka ryo gutanga imihoho kugira ngo abanyagihugu ntibagwe mu mporero, be no kugira ngo atange inzira yo gushinga reta ihuriyemwo imigambwe yose, ariko haciye akanya gato atangaje ibi haciye hatangura gukwiragizwa amavidewo y’inzu yiwe iriko irasha.

Umushikiranganji wa mbere yabana n’umuryango wiwe mu nzu yiwe bwite akaba yari asanzwe akoresha ikirimba ciwe mu bikorwa vy’igihugu gusa.

Ntibiramenyekana neza nimba iyi mihoho y’umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere ikwiye kugira ngo imyiyerekano icurehe.

Insiguro ya video, Inzu y'umushikiranganji wa mbere Sri Lanka iriko irasha

Bhavani Fonseka, umunyamategeko azwi cane mu vyo guharanira agateka ka zina muntu i Colombo, avuga ati: "Imihoho y’abantu babiri bonyene ntihagije, kuko abantu basaba ko ibintu bihinduka mu butegetsi, ariko n’imiburiburi iyi ni intango mu gihe umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere bogenda”.

Uyu mupfasoni avuga ati: "Ni ngombwa ko haba uguhererekana ubutegetsi mu mahoro, ibi navyo ntavyo turabona”.

Ibintu nyamukuru kuri Sri Lanka:

  • Sri Lanka ni izinga riri mu bumanuko bw’Ubuhindi: Yaronse intahe y’ukwikukira mu 1948 inyuma y’imyaka itari mike yamaze itwarwa gikoloni n’Ubwongereza. Amoko atatu - Sinhalese, Tamil n’aba-Islam – agize ibice 99% vy’abanyagihugu bose bashika imiriyoni 22.
  • Umuryango umwe w’abahungu babiri bavukana nibo biganje mu kiringo c’imyaka itari mike: Mahinda Rajapaksa yabaye incungu muri nyarwinshi b’aba Sinhalese mu 2009, igihe reta yiwe yatsinda inyeshamba z’aba Tamil zashaka kwiyonkora inyuma y’imyaka itari mike y’intambara yo hagati mu gihugu yasheshe amaraso menshi. Mwenewabo Gotabaya, ico gihe yari umushikiranganji wo kwivuna abansi, ni we mukuru w’igihugu yaraye atangaje ko agiye gutanga imihoho.
  • Ikibazo c’ubutunzi catumye haduka uburakari bw’abari bihaye amabarabara: bivuye kw’ifaranga ryataye agaciro ku rugero runini, imfungurwa zimwe zimwe, imiti n’igitoro birakenye, abantu bama mu kizime igihe cose, abanyagihugu basanzwe bari mw’ibarabara mu burakari, abenshi bakaba bagiriza umuryango wa Rajapaksa na reta yabo ko ari bo batumye ibi vyose biba.