Umusirikare muri Thailand yagandaguye 20 imbere y'uko nawe yicwa

Abajejwe umutekano bazibiriye uyo mwicanyi muri iyo nzu y'idandarizo

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abajejwe umutekano bazibiriye uyo mwicanyi muri iyo nzu y'idandarizo

Umusirikare yishe abantu 20 nawe mu nyuma araraswa n'abajejwe umutekano mu gisagara ca Nakhon Ratchasima, nk'uko bimenyeshwa n'igipolisi ca Thailand.

Ejo ku wa gatandatu ku mugoroba, uyo musirikare Jakraphanth Thomma yabanje kwica komanda wiwe aca yiba inkoho mw'ikambi y'igisirikare.

Uyo mwicanyi yaciye abandanya arasa mu mabarabara ashika no mu nzu y'idandarizo (Center commercial) bwa Nakhon Ratchasima, buzwi nka Korat.

Vyose vyatanguye ejo ku wa gatandatu isaha icenda n'igice kw'ikambi ya gisirikare iri ahitwa Suatham Phithak, aho uwurongoye iyo kambi Anantharot Krasae yiciwe hamwe na inabukwe wiwe n'uwundi musirikare.

Thailand

Mu nyuma niho uyo mwene gukora iryo shano yaca yinjira mu mubiko bw'ibirwanisho atora inkoho n'amasasu, aca afata imodoka aragenda.

Ibinyamakuru vyo muri ico gihugu vyerekana uyo mugabo avuye mu modoka arasa, abantu nabo bahunga.

Hafi nk'isaha zitanu z'ijoro mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, niho yashika muri iyo nzu y'idandarizo, atangura kurasa, abajejwe umutekano nabo baca barashika batangura kumuhiga.

Abajejwe umutekano babandanije barokora abantu bari muri iyo nyubakwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abajejwe umutekano babandanije barokora abantu bari muri iyo nyubakwa

Eka bahavuye bazana na nyina wiwe kugira ngo agerageze kumuhendahenda ngo yishikane ariko biba ivy'ubusa.

Amakuru avuga ko uyo mugabo w'imyaka 32 yagerageje guhunga aciye mu muryango w'inyuma ariko biranka.

Mu bucagucagu niho igipolisi camenyesheje ko camwishe, n'aho gushika ubu ata nsiguro zatanzwe ku kungene urwo rugamba rwarangiye.

Mu gihe yari akirwana n'abajejwe umutekano, yaranditse amajambo atari make ku mbuga hwaniro, harimwo amwe yacishije kuri Facebook abaza nimba yoshobora kwishikana.

Imbere y'aho yari yakwiragije isanamu yerekana ibastola (pistolet) n'udusaho dutatu tw'amasasu avuga ngo "harageze ko umuntu ashavura" na "nta n'umwe ashobora kurusimba".

Facebook yaciye yihutira gukora ayo majambo ku rubuga.

Igipolisi cacishije ubutumwa kuri Facebook kimenyesha ko uyo muntu aronderwa cane

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Igipolisi cacishije ubutumwa kuri Facebook kimenyesha ko uyo muntu aronderwa cane

Nta wuzi icatumye akora ivyo.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi wa Thailand, Kongcheep Tantrawanit, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Ntituzi icatumye akora ivyo. Bishoboka ko yoba yari arwaye mu mutwe".

Abategetsi bavuga ko hampande y'abo bantu 20 yagandaguye, abandi 42 nabo bakomeretse, muri bo 21 bakaba bakiri mu bitaro aho bariko bavurirwa, 21 bandi nabo bakaba batashe.

Hagati aho, birashoboka ko ivyo bitigiri vyongerekana.