Uganda: Umuhungu wa Museveni ntazosubira kuvugira kuri Twitter ibiraba reta

Gen Muhoozi Kainerugaba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Prezida wa Uganda Yoweri Museveni yavuze ko umuhungu wiwe, Gen Muhoozi Kainerugaba, atazosubira kugira ico avuze ku vyerekeye reta kuri Twitter.

Ivyo bishitse inyuma y'amajambo menshi yaciye ku mbuga hwaniro mu ndwi zibiri ziheze aho Gen Kainerugaba, w'imyaka 48, yanditse kuri Twitter ivyerekeye gutera igihugu kibanyi ca Kenya, no kwigarurira umugwa mukuru waco, Nairobi, mu ndwi zitarenga zibiri.

Inyuma y'aho, prezida Museveni yarasavye imbabazi abanya-Kenya kuri izo tweets.

Ku musi wa mbere, prezida Museveni yabwiye imboneshakure yo muri Uganda ati: "Azova kuri Twitter. Twarabiganiriye. Twitter si co kibazo. Ikibazo n'ivyo wandikako."

Yongeyeko ati: "Kuvuga ivyerekeye ibindi bihugu no kugira aho yegamiye muri politike ya Uganda n'ibintu adategerezwa gukora kandi atazosubira gukora."

Uwo mutegetsi amaze imyaka myinshi ku butegetsi yavuze ko umuhungu wiwe afise uburenganzira bwo kwandika ivyerekeye "inkino canke ibindi bidateza impari".

Ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Uganda n'amakungu ntibwafashe nko gufyina, inyuma y'aho umuhungu wa prezida ateburiye ku kwigarurira Kenya ku ma Tweets atangaje yanditse.

Mw'itangazo ryo gusukamwo mabisi, reta ya Uganda yavuze ko yishimiye "imigenderanire ikomeye dusanzwe dufitaniye" n'"umuvukanyi w'umubanyi" Kenya kandi ko ata bikorwa vy'imigenderanire birangurirwa ku mbunga hwaniro.

Ata gukekeranya, muri reta ya Uganda ntibishimiye urwenya rw'umuhungu mukuru wa prezida Yoweri Museveni, Gen Muhoozi Kainerugaba, n'aho bamwe bavuga ko ariko arategurwa ngo asubirire se wiwe w'imyaka 78.

Si ubwa mbere Tweets ziwe zitera impari ariko izi zerekeye kwigarurira Kenya bisa n'uko zarengeje urugero.