Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara muri DRC: Umutwe wa M23 wemeza gukozanyaho n'ingabo z'u Burundi
Abarwanyi b'umutwe w'inyeshyamba M23 urwanya ubutegetsi bwa Congo baravuga ko bari kurwana n'ingabo za Leta y'u Burundi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Mu itangazo M23 yaraye isohoye, ivuga ko ingabo z'u Burundi ngo zifatanyije n'iza Congo n'indi mitwe yitwaje intwaro irimo na FDLR ku rugamba, mu mirwano ibera mu duce dutandukanye tw'uburasirazuba bw'igihugu.
Ingabo z’u Burundi zisanzwe ziri mu ntara ya Kivu y’amajyaruguru mu butumwa bw’ishyirahamwe rya Afurika y’iburasirazuba, kumwe n’ingabo zo mu bihugu bya Uganda, Kenya na Sudani y’amajyepfo.
Prudent Nsengiyumva yavuganye na Canisius Karemera, umuvugizi wa M23, atangira amubaza icyabateye gusohora iri tanganzo (umva icyo kiganiro aho hejuru).
BBC iracyagerageza kumenya icyo leta y’u Burundi ivuga kuri ibi bitangazwa na M23.