'Infection urinaire' ihuriye he n'ivyo umuntu ariye?

Umugore afashe mu nda

Mu Bwongereza, urwego rw'igihugu rwitaho amagara y'abantu NHS ruvuga ko umugore umwe kuri babiri arwara infection urinaire (indwara yo mu nzira z'umukoyo) nibura rimwe mu buzima bwiwe, ku bice 20-30% ikaja irisubiriza.

Mu gihe ikarira abagore kurusha abagabo, abayirwara bashika ku rugero rwa 20% y'abayirwara bose.

N'ukuvuga rero ko ari indwara ikunze gufata abantu, ikaba ivurwa n'imiti ya antibiotique. Ariko ivyo umuntu arya bishobora gufasha kunyaruka gukira – canke gufasha kuyirinda vyose hamwe?

Ibimenyetso bisanzwe vya 'Infection urinaire'

'Infection urinaire' ahanini iterwa na 'bacterie' yinjira mu nzira icamwo umukoyo. Ibimneyenyetso vy'iyo ngwara ni ububabare eka mbere no gucika intege.

"Ubwa mbere bwo, ushobora kwumva ububabare, kenshi na kenshi budahera canke bumeze nk'ubushe, igihe uriko urasoba," nk'uko bivugwa na Prof Jennifer Rohn, arongoye igisata cigisha ivy'inzira zicamwo umukoyo, cancer na 'infection' kuri kaminuza ya University College London (UCL).

"Umuntu afise ingwara ya 'Infection urinaire' aguma ashaka gusoba gusumba uko bisanzwe, mbere vyihuta cane. Ushobora no kubona ivyahindutse mu mukoyo: ushobora kubamwo amaraso, ugahindura ibara canke ukanuka ukundi.

"Rimwe na rimwe iyo ngwara iratera n'ubushuhe, canke bukagabanuka (musi ya 36C). Ushobora kugira n'ububabare mu kaziba k'inda canke mu mugongo."

Ibimenyetso bigenda bitandukana, kandi ntutegerezwa kubigira vyose iyo urwaye iyo ngwara.

Ivyo dufungura birashobora gutera 'infection urinaire'?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Sushma Srikrishna, umuhinga mu vyo kuvyaza n'inzira zicamwo umukoyo mu bitaro vya London Bridge, avuga ko ingwara ya 'infection urinaire' ari ingwara "iterwa na 'bacterie'", zidafitaniye isano n'ivyo turya canke ivyo tunywa.

N'aho biri uko, "ibifungurwa n'ibinyobwa bimwe bimwe birashobora gutera ikibazo mu gasaho k'umukoyo bigatuma ibimeyetso vya 'infection urinaire' biba bibi gusumba canke bigatuma ako gasaho gashobora kwandura ingwara."

Muganga Linia Patel, umuvugizi w'ishirahamwe ryo mu Bwongereza riraba ivyo gufungura neza asigura avuga ati : "Kenshi na kenshi ntanga impanuro ku bantu bakunda gufatwa n'ingwara ya 'infection urinaire' kwirinda ibintu bishobora gutera ikibazo mu gasaho k'umukoyo nk'ikawa, inzoga, ibinyobwa bisosa hamwe n'indya zirimwo ibirungo vyinshi, bishobora gutuma agasaho k'umukoyo kavyimba."

Yavuze ko n'aho imfungurwa zonyene ubwazo zidashobora gukinga 'infection urinaire', kwirinda ibishobora kuyitera, bishobora kugabanya ivyo bimenyetso hanyuma bigafasha kugira amagara meza mu nzira z'umukoyo.

Uko ufungura bishobora kugufasha kwirinda 'infection urinaire'?

Patel agira ati: "Kunywa amazi menshi ni yo nzira yoroshe yo kwikingira 'infection urinaire'. Ibi bifasha gukura 'bacteries' mu nzira z'umukoyo imbere y'uko zikugirako ingaruka."

Ubushakashatsi bwerekana ko kwongereza kunywa amazi arenze iritiro ku musi bishobora kugabanya bimwe bigaragara kugwara 'infection' ku bagore bakunze gufatwa na mwene iyo ngwara.

Srikrishna yavuze kandi ko, "ibifungurwa bifise ubushobozi bwo gukingira umubiri n'ubushobozi bwo kurwanya umururumba bishobora gufasha ibihimba vy'inzira y'umukoyo muri rusangi.

"Muri vyo harimwo ibitoke, imboga z'amababi hamwe n'imfungurwa zirimwo vitamine C nyinshi nka 'poivrons' na broccoli."

Vyibazwa ko vitamine C "ituma umukoyo uronka aside nyinshi, bigatuma bigorana ko yinjiramwo 'bacterie', ikanafasha ubudahangarwa hamwe n'umubiri mu kugwanya 'infection'," nk'uko bivugwa na Patel.

Ingaburo y'inyongera ni yo yobaye inzira itaziguye, ariko na yo ntishobora kugira akamaro nk'imfunguro zindi nziza.

Ni co gituma imfungurwa zirimwo vitamine C – nka kiwi, umucungwe hamwe n'imboga – biba birimwo ibintu bifasha umubiri guhangana n'ingwara, bikaba bifise akamaro cane. Ntushobora kubironkera rimwe mu kinini ca vitamine.

Kandi, nk'uko vyama, imfungurwa z'igihe kirekire zirimwo ubwoko bwinshi bw'ingaburo, imboga nyinshi hamwe n'intete zizotuma umubiri wawe ugwanya 'bacterie' iyo ari yo yose yowutera.

Mu buryo butangaje 'Povrons' zifise vitamine C nyinshi
Insiguro y'isanamu, Mu buryo butangaje 'poivrons' zifise vitamine C nyinshi

Hoba hariho imfungurwa canke ibinyobwa bishobora gutuma ibimenyetso vya 'infection urinaire' bigabanuka?

"Mu gihe bimwe mu bifungurwa bisanzwe bifise uburyo bwo kugwanya bacterie, ntibishobora gusubirira umuti wa 'antibiotique," nk'uko bivugwa na Srikrishna.

"Imfungurwa nka tungurusumu, tangawizi hamwe n'ubuki vyarizweko nk'ibifise ububasha bwo kugwanya imigera , ariko ikigaragara ubushobozi bwavyo mu kwirinda 'infection urinaire' bufise aho bugarukira."

Kubera ko vitamine C ishobora gufasha umubiri wawe kwikingira wo nyene izo 'infections', woshobora kugeragezwa no kurya ibintu nk'ivyamwa birimwo aside mu gihe ugwaye 'infection'. Ariko Srikrishna avuga ashimitse ko atari yo nyishu yo kugabanya ibimenyetso.

"Ni ikibazo c'amayobera. Mu gihe bamwe bemeza ko imfungurwa zirimwo aside zifasha mu kugwanya 'bacterie', abandi basanga imfungurwa zirimwo aside zibabaza agasaho k'umukoyo kari gasanzwe kababara.

Hari uburyo imfungurwa ufata zishobora kugufasha kugabanya ububabare, mu gihe uzifatanije no kwivuza bisanzwe.

"Kuguma unywa amazi ni co nyamukuru. Abantu bamwe bamwe kandi basanze kwirinda ibintu bitera ububabare mu gasaho k'umukoyo (ikawa, inzoga n'indya zirimwo ibirungo vyinshi) mu gihe umuntu afise ingwara ya 'infection' bifasha kugabanya ibimenyetso.

"Igihambaye ni ukwumviriza umubiri wawe hanyuma ukirinda ikintu cose kiza congereza ibimenyetso."

Umutobe wa cranberry (canneberge) wohagarika 'infection urinaire'?

"Umutobe cranberry (canneberge) ushobora kuba ufise ubushobozi bwo kugwaya 'infection urinaire'," nk'uko bivugwa na Rohn, agashimikira ku vyigwa biherutse gukorwa kuri vyo, bivuga ko ushobora gufasha mu kuyivura.

Hibazwa ko umutobe wa cranberry ufise ibintu (proanthocyanidins) bibuza imigera imwe imwe ihoma ku nzira y'umukoyo.

Ariko Rohn avuga ashimitse ko ibinyobwa vy'imitobe umuntu ategerezwa kuvyirinda kuko "isukari ishobora gutuma ingwara ya 'infection urinaire yongerekana gusumba, kuko imigera ifungura isukari iri mu mukoyo.

"Ahubwo gerageza ivyavuye muri cranberry canke ikinyobwa kitongowemwo ibisosa gishingiye kuri ico camwa''.

Kandi nta n'icizere atanga ku kungene vyokora neza.

"N'aho ibigaragara ari vyo ko cranberry zishobora gufasha, abantu benshi babandanya kugwara 'infection urinaiire n'aho baba bazikoresheje, rero birashoboka ko ari uburyo bwo kwirinda - si umuti w'igitangaza."

Srikrishna yongerako ko ivyemeza bikomeye vyerekana kwikingira bikomeye gusumba kuvura 'infection urinaire'. Ariko no ngaho nyene hariho agahaze.

"Ku kwirinda, ivyigwa vyerekana ko wokenera kurya vyinshi - mbere gusumba ivyo abantu benshi basanzwe bafata buri musi."

Ingaburo ya 'probiotiques' yoba ifasha guhagarika 'infection urinaire'?

Rohn asigura ati: "Ubuhinga bubandanya gutera imbere, ariko ingaburo ya 'probiotiques' n'ikindi kintu gishasha gitanga icizere kuri iyi ngwara.

"Haramaze kuboneka ivyiza bimwe bimwe bitanga icizere, bigaragaza ko bishobora kugabanya incuro umuntu agwara 'infection urinaire' yisubiriza.

"Ubu biragoye kugereranya no gukoranya inyigisho zose kuko abantu bakoresha antibiotique zitandukanye, probiotiques zitandukanye, bagafata n'ingaburo zitandukanye."

Patel arasigura ingene ingaburo ya 'probiotiques' ishobora gufasha abagore cane cane: " 'Microbiome' y'igisabo (microbiome vaginal) ikora nk'umuzamu ku nzira y'umukoyo. Kugira 'bacteries' ngirakamaro mu mubiri ku rugero rugereranye - cane cane izo mu bwoko bwa 'Lactobacillus' - bishobora gufasha kubuza 'bacterie' mbi kuhaza.

"Ubushakashatsi bugaragaza ko gufata ibiribwa birimwo 'Lactobacillus rhamnosus' bigabanya ingwara yisubiriza ya 'infection urinaire', mu gihe 'Lactobacillus reuteri' yongereza ukwikingira mu gukora 'hydrogen peroxide', ituma igisabo cawe kidakwegakwega 'bacteries' mbi."

Harakenewe ubundi bushakashatsi bwimbitse kugira tumenye imiti yokora neza gusumba hamwe n'urugero yofatwako.

"Ingaburo ya 'Probiotique' ishobora kuba ari ngira kamaro cane mu kwikingira gusumba mu kuvura, kandi ikora neza igiye hamwe n'iyindi kuruta iyo ari yo yonyene", nk'uko Panel avuga.

Mu gihe ugwara 'infection urinaire' yisubiriza...

Srikrishna agira ati: "Impanuro yanje muri rusangi ni ukunywa amazi menshi, gusoba igihe cose uhejeje gukora imibonano mpuzabitsina, kwihanagura kuva imbere uja inyuma, ukanirinda ibikoresho vy'isuku bishobora gutera ikibazo,"

"Nimba imfungurwa zimwe zimwe zisa n'izituma ibimenyetso vy'ingwara bikomera, kkwirinda mu gihe gito ibintu bitera ububabare mu gasaho k'umukoyo vyoshobora kuba vyiza kugira ngo urabe nimba ivyo bigabanya ibimenyetso canke bifasha kugabanya incuro ingwara yisubiriza."

Yongerako ko hariho ubundi buryo bwinshi bwo kuvura - kuva ku ncanco z'ubwoko bumwe bumwe bwa bacterie gushika ku miti yo gukingira inzira z'umukoyo hamwe mbere no kwoza igisabo hakoreshejwe laser.

Avuga ko, igihambaye, ari ukuvugana n'abaganga b'abahinga "kugira ngo amenye ibintu vyose bishobora gutuma umuntu agira iyo ngwara - nk'ibibazo bijanye n'uko ibihimba vy'umubiri bimeze, ihindagurika ry'imisemburo canke uko umuntu abayeho - ivyo bishobora kubigiramwo uruhara.