Man U iriko yihweza ko yogura Ferguson - ni amwe mu yavugwa kuri uno wa Mungu mu mupira w'amaguru

Victor Osimhen

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Victor Osimhen

Manchester United iriko irihweza nimba yorondera umusatirizi wa Brighton umunya-Irlande Evan Ferguson w'imyaka 19 mu gihe hari amakenga ko Chelsea nayo ishobora kugerageza kumugura. (Daily Star on Sunday)

Manchester United ishobora guha umukinyi w'inyuma w'Ubwongereza Aaron Wan-Bissaka w'imyaka 26 inyongera y'imiriyoni 5.6 z'amapawundi mu kuzibira igihengeri ku mushahara wiwe mu gihe yokwimukira muri West Ham. (Manchester Evening News)

Umukuru w'igisata kijejwe kwinonora imitsi wa Napoli Giovanni Manna avuga ko umusatirizi wa Nigeria Victor Osimhen w'imyaka 25 avugwa ko aronderwa na Chelsea hamwe na Paris St-Germain, yasvye kugenda. (90 Min)

Chelsea yabwiye Napoli ko itegerezwa gutanga imiriyoni 36 z'amapawundi kugira ngo ironke umusatirizi wayo, Umubirigiri Romelu Lukaku w'imyaka 31. (Gianluca Di Marzio)

Benfica na Barcelona ziripfuza umusatirizi wa Atletico Madrid umunya-Portugal Joao Felix w'imyaka 24 ariko zose zishobora kuba zishaka amasezerano y'intizo . (Sport - mu ki espagnol)

Joao Felix

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Joao Felix

Aston Villa na Real Betis ziripfuza umukinyi wo hagati wa Argentina Giovani lo Celso w'imyaka 28, agiye kwemererwa gusezera muri Tottenham.(Fabrizio Romano)

Wolves iriteguye kwakira imirwi yoza irondera umusatirizi wa Portugal Fabio Silva w'imyaka 22 ku miriyoni 20 z'ama-euro, akaba kandi ateye amero imirwi ya Espanyol, Genoa, Valencia na Wolfsburg.(Teamtalk)

Umukinyi wo hagati wa Brezili Casemiro w'imyaka 32, avugwa ko ashobora kwimukira muri Arabia Sawudite ariko umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag ntiyiteze ko azohava ava muri uno murwi muri iri ci. (Metro)

Crystal Palace iri mu biganiro na Wolfsburg mu ntumbero yo kurondera ingene yoronka umukinyi w'inyuma w'Ubufaransa Maxence Lacroix w'imyaka 24. (Sky Sports Germany)

Palace na Aston Villa ziripfuza umukinyi w'inyuma wa Chelsea umwongereza Trevoh Chalobah w'imyaka 25, yatswe uburenganzira ku vya nkenerwa vy'umurwi mukuru. (Telegraph )

Trevoh Chalobah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Trevoh Chalobah

Bournemouth iri hafi yo kuronka umukinyi w'inyuma wa Mexique Julian Araujo w'imyaka 22 yari asanzwe akinira Barcelona mu masezerano y'imiriyoni 10 z'ama-euro. (ESPN)

Chelsea iriko itegura kugurisha canke gutiza abakinyi nibura batandatu kugira ngo igabanure igitigiri c'abakinyi bayo imbere y'uko igihe c'igura n'igurishwa ry'abakinyi kirangira. (Telegraph )

Imirwi itari mike yo muri Premier League (ihiganwa ry'Ubwongereza) yagiriraniye ibiganiro na Bayer Leverkusen mu ntumbero yo kumenya nimba uno murwi wo mu Budagi woba ufise umugambi wo kugurisha umusatirizi wa République tchèque Adam Hlozek w'imyaka 22 ari ku giciro c'imiriyoni 15 z'amapawundi. (Florian Plettenberg)