Texas: Abimukira nibura 46 batowe bapfuye mw'ikamyo yahebwe

Ikamyo yatawe yatowemwo abimukira bapfuye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku wa mbere igihe c’isaha 12 z‘umugoroba ku wa mbere ni ho abihutira kuraba ivyabaye bashika kuri iyo camyo

Abantu batari munsi ya 46 batowe bapfuye bari mw’ikamyo yahebwe ku nkengera za San Antonio, muri Texas.

Umwe mu bakora mu gisata co kuzimya imiriro yavuze ko abantu 16, barimwo abana bane, bajanywe mu bitaro.

Abarokotse bari “bashushe ubakozeko” kandi bababaye kubera kuba bahuye n’ubushuhe bwinshi.

San Antonio, iri ku birometero 250 uvuye ku rubibe rwa Mexique na Amerika, ni inzira ikomeye ikoreshwa n’abantu bajabukana abantu mu kinyegero.

Abacuruza abantu akenshi barakoresha amakamyo mu gutwara abimukira badafise ivyangombwa bahejeje kubonanira mu turere twa kure iyo bamaze kwinjira muri Amerika.

Umukuru w’igisagara ca San Antonio Ron Nirenberg yavuze ati: “bari bafise imiryango… Ni akaga.”

Abajejwe kwihuta kuraba ikibaye
Insiguro y'isanamu, Abajejwe kwihuta kuraba ikibaye ubwa mbere bahashitse bumvise ko hari ikiziga cabonywe

Abajejwe gushika aho vyihutirwa ubwa mbere bahashitse isaha 12 z’umugoroba mu masaha y’aho inyuma yo kwumva amakuru y’uko hari ikiziga cabonetse, nk’uko umukuru w’igisata co kuzimya imiriro muri San Antonio Charles Hood yabibwiye abamenyeshamakuru.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: “Ntawari yiteze ko twugurura ikamyo tugasangayo ibirundo vy’abantu bapfuye. Nta n’umwe yari yavuye mu biro yibaza ivyo”.

Yanavuze kandi ko iyo kamyo, yari yatawe n’umudereva wayo, ata cuma gitanga akayaga yari ifise gikora kandi ko ata mazi yo kunywa yari ari muri yo.

Muri iki gihe c’ici i San Antonio harashushe cane, ubushuhe bukaba bwari mu bipimo vya Celcius 39.4 ku wa mbere, kandi bikekwa ko abo bantu bashobora kuba bishwe n’ugushuhirwa cane hamwe n’umwumira.

Ministre wa Mexique ajejwe imigenderanire, Marcelo Ebrard, yavuze ko abanya-Guatemala babiri bari mu bajanywe mu bitaro. Ariko ko amamuko y’abandi bahuye n’ako kaga ntiyashotse amenyekana.

Hari abantu batatu bafashwe n’igiporisi hanyuma amatohoza akaba yashizwe ku rwego rw’igihugu.

Edward Reyna, umukozi ajejwe gucungera ahagurishirizwa imbaho n’ibindi bikoresho vyo kwubaka hafi y’aho yavuze ko atatangajwe no gushika atonze ku kazi kiwe ko mw’ijoro hanyuma akakirwa n’iyo nkuru.

Avuga ko atacirirwa araharura kangahe amaze kubona abantu basimba bava mw’itereni ica hafi y’aho iyo kamyo yatowe.

Edward Reyna
Insiguro y'isanamu, Umukozi acungera ahagurishirizwa imbaho Edward Reyna ntiyatangajwe no kwumva ko abantu bapfuye

Umukuru w’intara ya Texas w’umu republicain Greg Abbott yegetse kuri prezida Joe Biden urupfu rw’abo bantu avuga ko ari “ingaruka za poritike yiwe yo kwugurura imbibe”.

Ikibazo c’abimukira ni ikibazo giteye impari za porike nyinshi cane muri Amerika, aho mu kwezi kwa gatanu igitigiri ca mbere kinini c’abantu 239.000 batagira ivya ngombwa bapfunzwe binjiye mu gihugu bava muri Mexique- benshi bakaba bafata ingendo zibangamye cane.

Ubu abategetsi bajejwe kwubahiriza amategeko muri Amerika bari hafi yo kurenza igitigiri ca mbere kinini ca miriyoni 1,73 c’abantu bafashwe bajabutse urubibe mu 2021, mu gihe hakomeje kuba ibitigiri binini vy’abantu bajabuka bavuye mu bihugu vyo muri Amerika yo hagati nka Honduras, Guatemala na El Salvador.

Mu gihe bahunga ubukene n’intureka muri Amerika yo hagati, benshi muri abo bantu baruhira guha amafaranga menshi cane abo bacuruzi bajabukana abantu mu kinyegero kugira babajabutse urubibe rwa Amerika.

Muri iyi myaka, harabaye ubundi burorero nk’ubwo bw’aho abimukira bagwa mu ngendo, ariko ntivyari bwashike aho abangana gutyo bapfira rimwe nk’uko.

Ako kaga kamaze kumenyekana, musenyeri wa katorika wa San Antonio, Gustavo Garcia-Siller, yanditse kuri twitter ati: “Mukama, bagirire ikigongwe. Bifuza kuronka ubuzima bwiza gusumba.”

“Kandi, ukutubahuka guhangana n’impinduka zijanye n’abimukira, vyongeye kwica no gusambura ubuzima”.