Ayavugwa mw'igura n'irurishwa ry'abakinyi: Arsenal yoba iri hafi yo kuronka Riccardo Calafiori?

Ahavuye isanamu, Getty Images
West Ham iripfuza umukinyi w’inyuma wa AC Milan Umwongereza Fikayo Tomori w’imyaka 26. (Mail),
Arsenal iri hafi yo gushika ku masezerano n’umurwi Bologna y’imiriyoni 42.1 z’amapawundi ku mukinyi w’inyuma w’uno murwi wo muri Serie A Riccardo Calafiori w’imyaka 22. (Sky Sports)
Manchester United irizeye ko izokubita hasi Bayern Munich na RB Leipzig mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Paris St-Germain umunya-Hollande Xavi Simons w’imyaka 21. (Sport – mu ki-Espagnol)
Al-Ittihad yegereye Manchester City iyisaba umunyegori wa Brezili Ederson w’imyaka 30. (Mail)
Aston Villa iripfuza kugurisha umunya-Pologne akina inyuma ku ruhande rw’i buryo Matty Cash w’imyaka 26 muri rino ci. (Football Insider)
Umukinyi wo hagati wa Manchester City Umubirigi Kevin de Bruyne w’imyaka 33 ntabwo arumvikana n’umurwi Al Ittihad wo muri Arabia Sawudite nubwo biriko biravugwa mu binyamakuru (Talksport)
Manchester United yafashe ingingo yo kutarondera kugura umukinyi wo hagati wa Maroc Sofyan Amrabat w’imyaka 27 kugira ngo imugumane burundu. (Tuttomercato - mu gitaliyano),
Uno murwi wa Premier League uripfuza kugumana Amrabat inyuma y’umwaka yari amaze awukinira kuva atijijwe na ACF Fiorentina muri uno murwi wo mu buraruko bw'Ubwongereza ariko ntushaka ibiganiro ku masezerano mashasha. (Metro).
Umurwi Marseille wo mu Bufaransa uri mu biganiro bigeze kure mu ntumbero yo kugura umukinyi wo hagati wa Tottenham na Denmark Pierre-Emile Hojbjerg, w’imyaka 28, bikavugwa ko yiteguye gusezera uno murwi wo mu buraruko bwa Londres kandi ku giciro c’imiriyoni 17 z’amapawundi (BBC).

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Aston Villa Umufaransa Moussa Diaby w’imyaka 25 yiteze kwimukira muri Al Ittihad muri ino ndwi. (Talksport)
Villa iriko irondera kuzosubiriza Diaby n’umusatirizi wa Atletico Madrid umunya-Portugal Joao Felix w’imyaka 24. (Sun)
Tottenham iripfuza gusubiriza Oliver Skipp n’umukinyi wo hagati yarerewe muri uno murwi ari nka hamwe vyoba ngombwa ko irekura uno Mwongereza w’imyaka 23. (Football Insider)
Uli Hoeness yahoze arongoye Bayern Munich avuga ko umukinyi wayo w’inyuma, umunya-Hollande Matthijs De Ligt w’imyaka 24 asanzwe aronderwa na Manchester United, ashobora kuva muri uwo murwi wa Bundesliga muri rino ci. (Sky Germany)
United ntishaka kwikura umukinyi wayo wo hagati, umunya-Ecosse Scott McTominay w’imyaka 27, mu gihe imirwi ya Fulham na Tottenham imwipfuza. (Standard)
Paris St-Germain iriteguye kwongereza akariro mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Naples/Napoli ununya-Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 25. (Fabrizio Romano)
Hampande ya Osimhen, PSG irashaka kandi kugura umukinyi wo ku ruhande wa Napoli nyene, umunya-Georgia Khvicha Kvaratshkelia w’imyaka 23, hamwe n’umukinyi wo hagati wa Rennes, umufaransa Désiré Doué w’imyaka 19. (Sky Sports)










