Imvo n'imvano ku bavyeyi bireranye abana bonyene mu Burundi

Imvo n'imvano ku bavyeyi bireranye abana bonyene mu Burundi

Ikiganiro c'uyu musi cerekeye abavyeyi, baba abagore canke abagabo, usanga bireranye abana bonyene mu Burundi, bivuye ku mvo zitantungakanye. Nta biharuro vy'abo bavyeyi biraboneka, ariko ico kibazo kirahari.

Mu ntumbero yo gutorera inyishu ibibazo abo bavyeyi bagira mu kurera abana ari bonyene, harashinzwe Ishirahamwe Together for achieviement – Twiyubakire kazoza. Iryo shirahamwe ryihaye intumbero yo gufasha bamwe muri abo bavyeyi n'abana mu bibazo bacamwo, harimwo ihungabana, ubukene, kubura amahera y'ishure n'ibindi.

Ingorane iyo miryango igenda iragira ni nyinshi kandi ziratandukanye. Muri kino kiganiro rero c'imvo n'imvano, tugiye kuzica hirya no hino, twongere turabire hamwe n'ingingo ishirahamwe Together for achievement ribona zofatwa mu gufasha iyo miryango.

Iki kiganiro mugiye kugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo

Ari kumwe na Annonciatte Ndihokubwayo arongoye ishirahamwe Together for Achievement – Twiyubakire kazoza, Akimana Marie Ange umwe mu bashinze iryo Shirahamwe , Amina Sinzobakwira yireranye abana batatu, akaba afashwa n'iryo shirahamwe, hamwe kandi na Justin Mugisha umuhinga mu nyifato