Imvo n’Imvano ku bana b’Abarundi birukanwa na Tanzania

Insiguro y'amajwi, Imvo n’Imvano ku bana b’Abarundi birukanwa na Tanzania
Imvo n’Imvano ku bana b’Abarundi birukanwa na Tanzania

Igihugu ca Tanzania kimaze imisi kiriko kirirukana abana b’Abarundi, benshi bafise munsi y’imyaka 16, baba bajanyweyo gukora canke gukoreshwa ubuzi butandukanye.

Abirukanywe mu kwezi kw’icenda kwonyene barenga 230, bamwe bakaza bafise ibimenyetso vyerekana ko bakubiswe canke bakubaguwe mu buryo butandukanye.

Amasanamu agaragaza abo bana basa n’abarushe kandi bacafuye, yagiye ahanahanwa ku mbuga ngurukana bumenyi na nyagiro, bituma abatari bake mu Burundi bagira umutima uhagaze bakibaza ibiriko biraba.

Ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ineza y’abana UNICEF vyerekana ko ibice 30 kw’ijana vy’Abarundi bafise imyaka iri musi ya 16 batagiye ku ntebe y’ishure canke bataye amashure.

Uwo mugwi ni wo ugeramiwe cane n’ico bamwe bafata nk’urudandaza rw’abantu, aho bajanwa mu bihugu bibanyi nka Tanzaniya abandi bagashikanwa no mu bihugu vy’Abarabu.

Bamwe muri abo bana bakoreshwa ibikorwa vy’inguvu, abandi bagasegeshwa. Hari n’abashurashuzwa. Barakubagurwa bakanapfungwa. Amakuru BBC Gahuzamiryango ifise yemeza ko n’ubu hakiri abana b’Abarundi bapfungiwe mu mabohero atandukanye muri Tanzaniya.

Reta y’Uburundi yagiye igira utwigoro two gukingira abana mu kubakura mu mabarabara, mu kubajana mw’ishure no mu kubabuza kurenga imbibe z’igihugu ata ruhusha. Ariko bisa n’aho impinga ikiri ndende. Twagerageje kurondera abategetsi bo muri Tanzania ngo bagire ico bavuga kuri ivyo birego mugabo ntivyashobotse.

Imiryango y'abarezi niyo ifasha mu kugaburira ku buryo bwabo abo bana baba birukanywe

Ahavuye isanamu, Gildas Yihundimpundu/BBC

Insiguro y'isanamu, Imiryango y'abarezi niyo ifasha mu kugaburira ku buryo bwabo abo bana baba birukanywe

Imvo n’imvano y’uno musi irondera gutahura kazoza k’abo bana b’Uburundi ikihweza n’imvo zituma baguma baja mu mahanga bamwe barinze guta n’amashure.

Mbe inzego z’igihugu ziriko zikora iki mu ntumbero yo kubakingira ? Agateka k’abana kifashe gute mu Burundi ? Amashirahamwe aharanira agateka k’abana abona gute ibiriko birakorwa ? Mbega abo bana bo bavuga iki ku biriko birabashikira ?

Muri kino kiganiro tugiye kuba hamwe na Aurestin Nizigiyimana umunyamabanga wa komine Mabanda, irimwo umupaka abo bana bashikirako iyo Tanzaniya ibirukanye.

Tugiye kuba kumwe kandi na Ferdinand Simbaruhije avugira urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana FENADEB, na Ildefonse Majambere avugira ubushikiranganji buraba ivy’agateka ka zina muntu no gushigikirana.

Turumva n’ibishikirizwa n’imiryango mirezi ikunda guha indaro abo bana, hamwe n’abandi bavugizi b’inzego.

Iki kiganiro c’imvo n’imvano mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Gildas Yihundimpundu.