Intambara ya Israel na Hamas: Abana bo muri Gaza barondera ivyo kurya ngo imiryango iramuke

Umwana w'umuhungu yuriye abantu arondera ivyo kurya
    • Umwanditsi, Fergal Keane
    • Igikorwa, BBC News, Jerusalem

Mu bibanza bimwe bimwe no mu bihe bimwe bimwe , kuba ukimaze kabiri ni ikintu kinezereye ku mwana w'umuhungu - ibaze rero hongeyeko kugenda buri munsi kurondera ivyo kuryakugira umuryango wawe ntiwicwe n'inzara.

Imisi yose mu gitondo , Mohammed Z'orab w'imyaka 11 arasohoka ava mu gisagara ca Rafah kiri mu bumanuko bwa Gaza, agenda afise ico agiye kurondera.

Afata akadobo ka plastic agatumbera ku mashure yahindutse ibigo vyakira impunzi no mu makambi ari impande y'ibarabara, aho abayabamwo bagowe co kimwe n'umuryango wa Mohammed ariko bashobora kuronka ico baha umwana batazi.

Mohammed araja no ku bitaro aho abakomeretse baguma bashika umwanya ku mwanya, akaja n'aho hose abona ko hari inkono iri ku mashiga.

Avuga ati: ''Iyo nsubiye i muhira njanye ivyo kurya, turasangira twese tukanezerwa".

''Rimwe rimwe hari aho nsubira i muhira iminwe yera bikambabaza.''

Mohammed ni we mukuru mu bana bane, abana na se na nyina n'abo bavukana mu kazu k'amahema kadafashe.

Se wiwe Khaled yirirwa arazunguruka muri Rafah arondera utuzi two kwisumamwo akinjiza amafaranga atarenga $ 1, 38 ku musi, ayo akaba ayo kugura ivyahi vy'umwana wiwe w'umukobwa w'amezi abiri, Howaida.

Umuryango wa Zo'rab

Mohammed ni umwe mu bana baharurwa mu bihumbi baronderera ivyo kurya imiryango yabo.

''Iyo umurongo ari muremure kugera kw'ijana imbere yanje, ndanyororomba hagati y'abantu,'' niko avuga anezerewe n'ayo mayeri akoresha mu guca mu bantu benshi atawe babipfuye.

Ashitse muhira aha akadobo k'ibiharage bihiye nyina wiwe, Samar, nawe akagaburira abandi bana. Aronze cane, ni nk'aho we ataco arya.

Arahishura ati: ''Mfise kanseri mu magufa. Mfise imyaka 31 ariko wokwibaza ko mfise imyaka 60 undavye. Sinshibora gutambuka''.

''Ntambutse nca nduha cane. Umubiri wose urambabaza, nkeneye imiti n'ingaburo''.

Co kimwe n'abandi benshi, Samar n'umuryango wiwe baje Rafah bavuye Khan Yunis kubera igisirikare ca Israel cababariye ko hazoba hari umutekano.Aho haheze amezi atatu.

Kuva ico gihe ingwano yagumye yegera Rafah. Abantu barenga 70 barishwe mu ndwi zibiri igihe Israel yakora igitero co kubohoza abantu bafashwe nk'ingwati na Hamas.

Tent city - temporary shelters in Rafah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu bangana na miriyoni 1,5 baba mu mahema i Rafah hafi y'urubibe rwa Misiri.
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ihema ry'umuryango wa Z'orab rirava kandi hasi muri ryo huzuye amazi y'imvura. Rimwe na rimwe Howaida ntaronka ivyahi bishasha.

Buri munsi ni amahano muri ico kibanza aho abantu bashika umuriyoni n'inusu - barenze incuro zitanu ku bahagenewe - barundanye ku rubibe rwa Misiri.

Mu gihe 85% y'abanyagihugu ba Gaza bataye izabo, imfashanyo ishikayo ntiyegereza na gato gato iyikenewe.

Nk'uko bivugwa na ONU, hakenewe amakamyo 500 y'imfashanyo ku munsi. Muri rusangi hashikayo 90 gusa.

Ibintu mu buraruko bwa Gaza birakomeye ugusumba.

Israel ivugako ONU inanirwa no gutanga imfashanyo mu buraruko kandi ko imfashanyo irundana irindiriye gutorwa ku mupaka mu ruhande rwa Gaza.

ONU yarahagaritse kujana imfashanyo mu buraruko bwa Gaza kubera ivuga ko abashoferi b'amakamyo badakingiwe umutekano, mu gihe bamaze guterwa n'imigwi y'inkozi z'ikibi canke bagasahurwa n'abantu bihebuye.

Ikamyo imwe yaragemwe n'igisasu ca muzinga ONU ivuga ko carashwe n'ubwato bw'ingwano bwa Israeli.

Vyongeye igipolisi ca Hamas ntikigishaka guherekeza ikamyo zitwaye imfashanyo kubera gitinya ko coraswa n'igisirikare ca Israeli.

''Dusubize abantu bacu''

Zvika Mor afise icapa iriko isura y'umuhungu wiwe
Insiguro y'isanamu, Umuhungu mukuru wa Zvika Mor yatwawe nk'imbohe muri Gaza

Muri Israel, abanyagihugu benshi baracashigikiye ingene igisirikare kiriko kiritwara muri iyo ntambara.

Nta cerekana ko hari igice c'abanyagihugu gishigikiye ko hongerezwa imfashanyo itangwa muri Gaza. Amatohoza ya vuba yerekana ko 68% b'Abayahudi babajijwe bishuye ko badashigikiye ko imfashanyo ijanwa muri Gaza mu gihe Hamas igifise imbohe z'Abanya-Israel.

Batandukanye n’abanya-Israel b'Abarabu aho 85% babajijwe bashigikiye ko Gaza yorungikirwa imfashanyo.

Zvika Mor, umuhungu wiwe mukuru Eitan akaba ari imbohe muri Gaza, aravuga kuri uno muhungu wiwe yatanguye kumuhamagara ''Daddy'' n'ingene we, umugore wiwe n'abandi bana babo indwi bafitiye inkumbu nyinshi uno mwana yanyurujwe na Hamas ku wa 7 Gitugutu (10).

Eitan yariko arakora akazi k'abacungera umutekano badafise ibigwanisho mu giteramo c'umuziki ca Nova, aho Hamas yishe abantu 360 aho nyene no mu micungararo y'aho.

Mor aserukiye umugwi muto w'imiryango y'abanyurujwe ishaka ko ibanza guhabwa abayo imbere y'uko haba ibiganiro ivyo ari vyo vyose na Hamas.

Ntibashigikiye ko leta igira amasezerano yoboneka ari uko hemewe uguhagarika ingwano vy'imfatakibanza, kwongereza imfashanyo muri Gaza hamwe n'irekurwa ry'abanyororo b'abanya-Palestina.

Mor avuga ati : ''Israeli iteye akaga muri Gaza kuko ico dushaka ari irekurwa ry'abantu bacu''.

''Dushaka abantu bacu, si vyo? None ubwa mbere na mbere, imbere y'ibiganiro n'ibindi vyose, duhe abantu bacu.''

Abajijwe y'uko adakabije cane kuko ari ubuzima bw'abanyagihugu basanzwe bari muri Gaza bageramiwe, nawe yishuye ati : ''Ego natwe dufise inzoya, abakenyezi, n'abantu bari mu zabukuru, si vyo? ''

''Biroroshe cane. Duhe abantu bacu natwe tubahe ivyo kurya n'imiti. Biroroshe cane.''

Muri Gaza abagiraneza bariko bikora ku vyo kurya basigaranye ngo hagire ico bafasha.

Mahmoud Al- Quishawi wo mw'ishirahamwe ry'abagiraneza ryo muri Amerika Pious Projects of America yari ahagaze hafi y'isafuriye y'ibiharage iriko irabira aho Mohammed yaronkeye ivyo kurya ashira umuryango wiwe.

Al- Quishawi yavuze ati: "Turakora uko dushoboye kugira dufashe aba bantu...tubabwira ko turi kumwe na bo, ko tutazobata bonyene".

Ubu iryo shirahamwe nta gaze risigaranye yo gutekesha ivyo kurya, ubu abakorerabushake nibo bazana inkwi kugira umucanwa ugume waka.

Ati : ''Icuka ni kibi, ibintu vyabaye nabi cane".

Mu buraruko bwa Gaza hari amakuru avuga ko abantu bariko bicwa n'ingwara zo kurya nabi.

Ishirahamwe ry'abagiraneza ryo mu Bwongereza Action Aid risubiramwo umuganga muri Gaza y'Uburaruko avugako abana benshi bapfuye.

Muri videwo yafashwe, Dr Hussam Abu Safiya atwara igisata kivura abana mu bitaro Kamal Adwan avuga ko ingwara zivuye ku kurya nabi ari nyinshi, co kimwe n'ingwara zo mu nda.

Action aid ivuga ko abana bangana n'umwe kuri batandatu bafise imyaka ibiri canke iri musi bapimwe mu bigo vy'abateshejwe izabo no mu mavuriro mu kwezi kwa mbere batowe ko basinzikajwe n'indwara zo kurya nabi.

Iryo shirahamwe rivuga ko vyerekana ''ugusubira inyuma mu bijanye n'ingaburo"; ku rugero rutari bwigere ruboneka kw'isi yose muri aya mezi atandatu aheze.

Uwundi muforoma ku bitaro Al-Shifa Medical Complex mu buraruko bwa Gaza yavuze ko yavuye umwana w'umuhungu w'amezi abiri yitwa Mahmoud Fatouh ariko mu nyuma akaruhira gupfa amaze gushika mu bitaro.

Muganga Amjad Aliwa agira ati: ''Uyo mwana ntiyashoboye kuronka amata. Nyina wiwe ntiyaronka ivyo kurya kugira nawe ashobore kwonsa umwana".

''Yari afise ibimenyesto vy'umwumira kandi igihe yaza yariko arahema ubwa nyuma".

Muri Gaza , abanyagihugu bakoraniye aho ingwano n'inzara bibugarije.

Iyi nkuru yagizwemwo kandi uruhara na Alice Doyard, Haneen Abdeen, Gidi Kleiman na Stephanie Fried.