'Urwanda rufise uburenganzira bwose bwo gufata ingingo zo kwirindira umutekano' - Rwanda MFA

"Ntabwo Urwanda ruzongera kwemera ko ikibazo ca DRC kijabuka imbibe kikaza ku butaka bw’u Rwanda" - Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw'Urwanda

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, "Ntabwo Urwanda ruzongera kwemera ko ikibazo ca DRC kijabuka imbibe kikaza ku butaka bw’u Rwanda" - Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw'Urwanda

Reta y’Urwanda yagiriza Reta zunze Ubumwe za Amerika kwirengagiza ukuri ku biriko bibera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, ni inyuma y’aho umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire wa Amerika asabiye iki gihugu guhagarika ubufasha giha inyeshamba za M23.

Ku wa gatandatu uheze kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma (2), Matthew Miller yasohoye itangazo, aho yavuze ko Reta zunze Ubumwe za Amerika ziyamiriza bikomeye “indyane zabaye ndanse mu buseruko bwa Congo bitewe n’umuhari M23 ufashwe mu mugongo n’Urwanda, kandi wafatiwe ibihano na ONU”.

Mw’itangazo ryaraye risohowe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Urwanda, iki gihugu cagiriza reta ya Congo ko ari yo ntandaro y’intambara zasubiye gusutama mu buseruko bwa Congo, inyuma y’aho reta yayo “yongerereje ku buryo bugaragara ibikorwa vya gisirikare mu ntara ya Kivu ya Ruguru... kandi bigaragara ko intego y’ivyo bikorwa ari ukwirukana ku butaka bwa RDC umuhari M23 n’abasivire b’Abatutsi b’Abanyekongo, bakomokera mu bihugu bibanyi”.

Abanyagihugu bariko barahunga berekeza Goma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bahungiye i Goma no mu micungararo yaho mu minsi iheze bahunga imirwano ya M23 n'igisirikare ca leta ya Congo

Ubu bushikiranganji bumenyesha ko reta y’Urwanda itigeze ihengeshanya kwerekana ko ikibazo ca M23 ari ngombwa ko gitorerwa umuti biciye mu nzira za poritike, “bigakorwa n’Abanyekongo ubwabo”.

Buvuga buti: “Ntabwo Urwanda ruzongera kwemera ko ikibazo ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo kijabuka imbibe kikaza ku butaka bw’u Rwanda”.

Reta y’Urwanda ivuga ko ibitero vya M23 vyo mu minsi iheze vyatewe n’icemezo ca reta ya Congo co kwirukana ku butaka bwayo ingabo za Afrika y’Ubuseruko mu mpera z’umwaka uheze, zari zarungitswe mu buseruko bwa Congo guhagararira ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’agahengwe.

Mw’iri tangazo, reta y’Urwanda yerekana ko itewe impungenge nyinshi n’ingendo ya reta ya DR Congo ibandanya “yirengagiza amasezerano ya Luanda na Nairobi be n’ingendo yo kwigira sindabibazwa ibandanya yerekanwa n’amakungu ku bikorwa vy’agasotoro vya DRC”.

Muri iri tangazo, Urwanda ntirurya umunwa mu kwagiriza reta ya Perezida Félix Tshisekedi ko ari yo nkwezi y’ingorane, rukayagiriza gukwiragiza imvugo “zikokeza urwanko n’ivanguramoko”, kandi ko ibi “bikorwa vy’ivanguramoko, itoteza, ifunga, n’ubwicanyi bibandanya biba akamenyero”.

Ruti: “Ni inshingano ya Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Kongo gukingira no kubungabunga ubuzima n’uburengazira bw’Abatutsi b’Abanyekongo.

"Ukwirengagiza iyi nshingano kwa Reta vyateje akarere kose ibibazo vy’umutekano bigiye kumara imyaka 30.

"Ibihumbi amajana vy’Abanyekongo bamaze imyaka ari impunzi mu bihugu vyo mu karere, basa n’abibagiwe”.

Urwanda kandi rwagarutse ku majambo yavuzwe na Perezida Tshisekedi igihe yari mu myiyamamazo mu matora aheruka kuba muri iki gihugu, aho yagabisha ko ashobora gutera Urwanda.

Iri tangazo rivuga riti: “Abategetsi ba reta n’aba gisirikare muri Congo, harimwo na Perezida Félix Tshisekedi ubwiwe, ntibahengeshanya gutangaza ku mugaragaro icifuzo cabo co gutera Urwanda bagahindura ubutegetsi bakoresheje inguvu.

“Urwanda ntirushobora gufata minenerwe aya majambo, ari na yo mpamvu rwashize inguvu mu mutekano warwo”.

Abarwanyi ba M23 i Kibumba mu kwezi kwa cumi na kabiri 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, U Rwanda rusabwa guhagarika gufata mu mugongo M23, ibintu ruhakana gukora (Abarwanyi ba M23 i Kibumba mu kwezi kwa cumi na kabiri 2023)
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ubu bushikiranganji bwongeye kandi kwagiriza reta ya Congo ko ikorana n’inyeshamba z’umuhari FDLR zirwanya Urwanda, zikaba zagirizwa kugira uruhara muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994, kandi ko ari ngombwa ko rufata ingingo zose zo gukingira ubutaka bwarwo.

Iri tangazo rivuga riti: “Ku bw’iyo mpamvu, Urwanda rufise uburenganzira bwose bwo gufata ingingo zo gukingira umutekano n’ubusugire vyarwo, igihe ico ari co cose”.

Hagati aho, reta ya Congo irahakana ivyo gukorana na FDLR, mbere mu mpera z’umwaka uheze ikaba yagabishije abasirikare bayo, “kw’ipete iryo ari ryo ryose”, kwirinda gukorana n’uno muhari, aho n’intwazangabo imwe yanahagaritswe yagirizwa gukorana na FDLR.

Ku bw’Urwanda, iri tangazo ryasohowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika (US) ku wa 17 Ruhuhuma (2) 2024 "ryirengagiza nkana ibimenyetso bigaragara vyose, kandi rikavuguruzanya, mu buryo bwose, n’umugambi wari watangujwe n’ibiro vy’igendereza vya Amerika muri Munyonyo (11) 2023, wari watanze umurongo mwiza wo guhosha indyane".

Ruvuga ko ruzosaba reta ya Amerika gutanga insiguro kugira ngo hamenyekane neza niba "ririya tangazo risobanuye ukwisubirako ku murongo iki gihugu cari gifise, canke nimba inzego zitahawe amakuru akwiye".