Biden yatumyeko inama y’umutekano mu gihe ubwoba bw’igitero ca Irani bubandanya bwiyongera

Ahavuye isanamu, White House/ X
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabonanye n’abategetsi bakuru b’inama y’igihugu ijejwe umutekano nijoro ku wa mbere mu gihe ubwoba ari bwinshi ko Irani ishobora gutera Israel mu kwihora.
Biden avuga ko yahawe amakuru ku myiteguro ihari yo gushigikira Israel ari nka hamwe yoramuka itewe, ni mu gihe umushikiranganji ajejwe imigenderanire nawe Antony Blinken avuga ko abategetsi bariko bakora batiziganya kugira ngo ibintu ntibiyangare.
Mu ndwi iheze, icuka kibi cariyongereye inyuma y’igandagurwa ry’umukuru w’umuhari Hamas Ismail Haniyeh, mu gitero Irani yegetse kuri Israel yongera iriyemeza kwihora “bikomeye”. Israel ntiramenyesha nimba ari yo yamugandaguye.
Ibihugu bitari bike, harimwo Amerika n’Ubwongereza, bimaze kubwira abanyagihugu bavyo kuva muri Libani, ku bwoba bw’uko Hezbollah, umuhari ufashwe mu mugongo na Irani, ishobora kugira uruhara mu gihe hoba iki gitero co kwihora Israel.
Muri iyi nama y’ejo ku wa mbere, Biden yabwiwe ko igihe n’ingene iki gitero ca Irani coba kimeze bitaramenyekana neza, nk’uko ikinyamakuru co muri Amerika Axios gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi kivyandika. Umusi umwe imbere y’aha, Blinken yari yabwiye bagenziwe bo mu bihugu bigize umugwi G7 ko Irani na Hezbollah bishobora gutera Israel mu masaha ari hagati ya 24 na 48.
Mw’itangazo ryasohowe inyuma y’uno mubonano, Biden yavuze ati: "Twaronse amakuru y’igitero gishobora kuba ca Irani n’imirwi ikorana nayo, utwigoro mu bijanye n’imigenderanire kugira ngo icuka kigabanuke mu karere, hamwe n’imyiteguro yo gushigikira Israel ari nka hamwe yosubira guterwa".
Yongerako y’uko ingingo ziriko zirafatwa ku bijanye no kwishura ku bitero vyokorwa ku ngabo za Amerika "mu buryo no mu bibanza twokwihitiramwo twebwe nyene". Ejo ku wa mbere, ingabo za Amerika zitari nke zarakomeretse mu gitero ca rokete cakozwe ku kigo cazo mu burengero bwa Iraki.
Avugana n’abanyamakuru imbere y’aho ejo nyene, Blinken yavuze ko abategetsi bari mu “biganiro vy’urutavanako n’ubutumwa busanzwe cane: impande zompi zitegerezwa kwirinda kwunyura ibintu".
Ati: "Ari nka hamwe ibintu vyokwunyuka, nta n’umwe yohungukira. Vyoteza ahubwo iyindi ntambara, izindi ndyane, uwundi mutekano muke”.
Yongerako y’uko amasezerano yo guhagarika intambara “yokwugururira imiryango ituze, atari muri Gaza yonyene ubwayo, ariko no mu tundi turere intambara ishobora kugeramwo”.
Ati: "Ni ngombwa rero ko impande zose zihitamwo neza vuba cane mu masaha n’imisi iri imbere”.
Ashikirije ano majambo yiwe inyuma y’aho imbere y’aha ejo nyene ku wa mbere Biden avuganiye n’Umwami Abdullah II wa Yorodaniya. Baganiriye ku “twigoro twabo two kugabanya icuka kibi, harimwo n’amasezerano yo guhagarika intambara vuba bwango no kurekura abanyurujwe”, nk’uko biri mw’itangazo ry’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika.
Itangazo rusangi rya G7 na ryo nyene rirashikiriza “amakenga menshi ku cuka kibi ciyongereye mu Buseruko bwo hagati gishobora gutuma indyane zirandagata mu karere”.
Rivuga riti: "Nta gihugu na kimwe cokwunguka mu gihe ibintu vyokwunyuka mu Buseruko bwo Hagati”.
Ibiganiro vyatanga icizere ko hashobora kuba amasezerano yo guhagarika intambara muri Gaza vyarasubiye inyuma kubera ivyabaye muri izi ndwi ziheruka.
Ku wa 27 Mukakaro (7), abana n’imiyabaga 12 barishwe mu gitero cakozwe mu karere k’imisozi ya Golan kigaruriwe na Israel. Israel yagirije Hezbollah ko ari yo yakoze iki gitero, nubwo Hezbollah yoyo yahakanye ko ata ruhara yabigizemwo.
Imisi mike inyuma y’aho, Fuad Shukr, intwazangabo yo hejuru y’igisirikare ca Hezbollah, yarishwe mu gitero co mu kirere ca Israel mu micungararo y’umugwa mukuru wa Libani, Beirut. Abandi bane, harimwo n’abana babiri nabo nyene barishwe.
Haciye amasaha makeya, niho Haniyeh yicwa muri Irani.
Ishami ry’igisirikare ca Irani, Corps des Gardiens de la Révolution Islamique (Islamic Revolutionary Guard Corps), rivuga ko Haniyeh yishwe n’igisasu carasiwe hanze y’inzu yari arimwo mu gihe yari mu rugendo ku mugwa mukuru, Tehran.
Umukuru w’ubutegetsi bwa Palestina Mahmoud Abbas yabwiye itororokanirizo ry’amakuru rya reta y’Uburusiya RIA Novosti ko iri gandagurwa rizogira "ingaruka mbi ku biganiro biriko biraba".
Israel ntaco irashikiriza kuri iri gandagurwa, ariko umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze mu nyuma ko Israel “yakubise bikomeye” imirwi ikorana na Irani muri ino misi ya vuba.
Inyuma y’aba bantu bagandaguriwe muri Libani na Irani, IRGC yavuze ko Israel “izohanwa bikomeye mu gihe nyaco, mu kibanza nyaco no mu buryo nyabwo”, mu gihe umukuru wa Hezbollah Hassan Nasrallah na we avuga ko intambara yinjiye ku “ntambwe nshasha”.
Ingendo z'indege zabaye zirahagarikwa
Ejo ku wa mbere, Yorodaniya yasavye indege zose zategura kugwa ku bibuga vy’indege vyayo kwibangikanya ikindi gitoro zoshobora gukoresha mu minota 45, ingingo ifatwa nk’iyo kwicungera ari nka hamwe Yorodaniya yofata ingingo yo kwugara ibirere vyayo ari nka hamwe hoba intambara y’akarere.
Ikompanyi y’indege y’Ubudagi Lufthansa yahagaritse vy’agateganyo ingendo zose i Tel Aviv, Tehran, na Beirut gushika ku wa 12 Myandagaro (8).
Ikompanyi y’indege ya Amerika Delta nayo nyene yabaye irahagarika ingendo zija i Tel Aviv gushika nibura ku wa 31 Myandagaro “kubera indyane zibandanya mu karere”.
Ubushikiranganji bw’Ubwongereza bujejwe imigenderanire ubu buhanura kwirinda ingendo zose zija muri Libani kandi bwasavye abanyagihugu b’Ubwongereza kuva muri ico gihugu.
Buhanura kandi kwirinda ingendo zose zija mu karere k’uburaruko bwa Israel gahana urubibe na Libani.
Intambara yo muri Gaza yandurutse ku gitero ca Hamas n’iyindi mihari y’abarwanyi kuri Israel ku wa 7 Gitugutu (10) umwaka uheze, cahitanye abantu 1200 abandi nabo 251 banyururizwa muri Gaza.
Kuva Israel itanguye igitero co ku butaka co kwihora muri Gaza, abanya-Palestina barenga 39.600 baramaze kwicwa, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas.
Ingabo za Hezbollah n’iza Israel hafi buri musi zama zirasana kuva iyi ntambara itanguye, abaharurwa mu majana bakaba bamaze gupfa abandi ibihumbi barata izabo ku mpande zompi z’urubibe rwa Israel na Libani.
Imihari Hezbollah na Hamas yompi ifashwe mu mugongo na Irani kandi iri mu co Irani yita "urunani rwo kwirwanira", urunani rw’imihari y’abarwanyi n’iya poritike yo mu karere irwanya Israel n’incuti yayo magara, Reta Zunze Ubumwe za Amerika.










