Abarwanyi mu buseruko bwa Kongo bishe abantu 8

Ahavuye isanamu, AFP
Igitero c'abarwanyi mu buseruko bwa republika iharanira demokrasi ya Kongo cahitanye abanyagihugu batanu n'abasirikare batatu.
Ubwo bwicanyi bwabereye hafi y'umuji wa Beni, bwagirijwe abarwanyi b'abanye Uganda bo mu mugwi ADF.
Bagirizwa kandi kuba barishe abantu bashika amajana ane mu mezi icenda aheze.
Abanyagihugu baho bashavuriye leta y'umukuru w'igihugu Joseph Kabila, bakavuga ko yananiwe kubakingira.






