Impunzi za Syria zinjiye Turkiya ku bwinshi

Ahavuye isanamu, Reuters
Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko ico arico gitigiri ca mbere kinini c'impunzi zivuye muri Syria mu gihe kigufi nk'ico, kuva intambara itangura muri ico gihugu mu myaka itatu iheze.
Icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Numan Kurtulmus, yavuze ko igihugu ciwe kiriko citegurira kwakira impunzi nyinshi.
Abo baje biyongera ku barenga miliyoni y'abandi banya Syria bakiriwe nk'impunzi ku butaka bwa Turkiya.
Ubu Turkiya yamaze kugara amayira ku rubibe bihana na Syria






