Amerika ikomeza gushaka abo bafatanya kurwanya IS

Ahavuye isanamu, AP
Bwana Kerry yiteze kuvugana na perezida Abdel Fattah al-Sisi, n'umukuru w'ishirahamwe ry'ibihugu vy'abarabu, Nabil al-Arabi.
Ibihugu 10 vy'abarabu nivyo bimaze kwemera gufatanya na Leta zunze Ubumwe za Amerika mu gikorwa co kurwanya umurwi IS.
Igihugu ca Turkiya nico gushika ubu cakomeje kwigumya kuja hamwe n'ivyo bihugu bindi vy'abarabu.






