Ubwongereza bwafatiriye imfashanyo y'u Rwanda

Abarwanyi b'umugwi M23

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abarwanyi b'umugwi M23

Ubwongereza bwiyunze n'Ubuholandi hamwe na leta zunze ubumwe za Amerika, mu kuba burarindirije imfashanyo bwaha leta y'u Rwanda.

Leta y'Ubwongereza yamenyesheje ko amahera imiriyoni 25 z'ama dollars yabaye ararindirijwe, mu gihe hihwezwa nimba ingingo zijanye n'impano yayo zarakurikijwe.

Iyo ngingo kandi ije mu gihe hari umukozi wo ku rwego rwo hejuru mu muryango mpuzamakungu, yabari BBC ko abarwanyi bashize ibirwanisho hasi, bemeje ko bigishirijwe igisirikare mu Rwanda, barungikwa kurwanira muri Kongo.

Umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe imigenderanire, Louise Mushikiwabo, yavuze ko u Rwanda rutazokangwa canke ngo rushirweko igitsure n'abaruha imfashanyo.