Laurent Gbagbo yashitse imbere ya ICC

Ahavuye isanamu, BBC World Service
Laurent Gbagbo yagirizwa ivyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu bifatiye ku bwicanyi bwabaye inyuma y'amatora yabaye muri Cote d'Ivoire umwaka uheze.
Laurent Gbagbo yavuze ko atashimishijwe n'uburyo yafashwemu gihugu iwe mu kwezi kwa kane, aho ingoro y' umukuru w' igihugu iterewe n' ingabo z'Ubufransa.
Yemeza kandi ko kurungikwa iLa haye kwiwe kutakurikije amategeko.
Abashigikiye Gbagbo bagiriza Ubufransa ko buri inyuma y'ifatwa rya Laurent Gbagbo n'irungikwa ryiwe kuri ICC.






