Salima Mukansanga: Gusifura Qatar 'Ndumva bindenze, sinabona n'ukuntu nabivuga'

Insiguro y'amajwi, Salima Mukansanga azohagarikira inkino z'igikombe c'isi muri Qatar mu 2022

Umunyarwandakazi Salima Mukansanga yagenywe kuzoja guhagarikira/gusifura inkino zo mu gikombe c'isi mu mupira w'amaguru kizobera Qatar.

Nta mugore yari bwabe umuhagarikizi mu nkino z'umupira w'amaguru mu rwego rw'abagabo, buzoba bubaye ubwa mbere muri iryo higanwa rizoba mu kwezi kwa Munyonyo (11).

Mw'ijwi ryumvikanamwo ikigumbagumba, Mukansanga yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: "Byanshimishije cyane kuko ni icyizere Fifa yambonyemwo, ikanakingirira.

"Ni ukuri ni iby'agaciro kuko ntabwo nabitekerezaga ko byaba, ariko n'uko babonye ko hari ubushobozi umuntu aba afite".

Mukansanga yabaye umugore wa mbere yahagarariye urukino rw'abagabo mu gikombe ca Afrika uyu mwaka.

Ariko Salima avuga ko mu ndoto ziwe atari yarigeze yibaza ko yohagarikiye inkino z'abagabo na cane cane z'igikombe c'isi.

Ati: "Ntabwo nigeze ntekereza igikombe cy'isi cy'abagabo ariko bigaragara ko umuntu adakwiye kurekera indoto ikintu kimwe ariko yanatekereza n'ibindi birenze.

"Kuko uyu munsi byose birashoboka, kandi byose n'impamo kandi byanabaye".